Yesaya 5:1-30

5  Hinge ndirimbire umukundwa wanje ururirimbo rw’uwo nikundira, ku bijanye n’umurima wiwe w’imizabibu+. Umukundwa wanje yari afise umurima w’imizabibu mu ruhande rw’umurambi rwimbuka.  Maze arawurima, awukuramwo amabuye, awuteramwo umuzabibu utukura w’indobanurwa, yongera yubaka umunara hagati muri wo+. Yimvyemwo kandi uruganiro rw’umuvinyu+. Kandi yaguma yiteze ko uzokwama inzabibu+, mugabo urahava wama inzabibu z’inyeshamba+.  “Ubu rero, ga bantu muba i Yeruzalemu namwe bantu ba Yuda, enda nimuducire urubanza twe n’umurima wanje w’imizabibu+.  Ni igiki nsigaje gukorera umurima wanje w’imizabibu ntarakora muri wo+? Kubera iki nari niteze ko wama inzabibu, mugabo ugahava wama inzabibu z’inyeshamba?  Ubu rero, munkundire ndabamenyeshe ico ngira ngirire umurima wanje w’imizabibu: Uruzitiro rwawo ruzokurwaho+, kandi uzotegerezwa gutongorwa+. Uruhome rwawo rw’amabuye ruzotegerezwa gusenyuka, kandi uzotegerezwa kuba ahantu ho guhonyangwa+.  Kandi nzowugira nk’ikintu kigeshejwe+. Ntuzotuturirwa, eka ntuzobagarirwa+. Uzotegerezwa kumeramwo igisaka c’amahwa n’ivyatsi bibi+; kandi nzotegeka ibicu ntihagire imvura bigwisha kuri wo+.  Kuko umurima w’imizabibu+ wa Yehova nyen’ingabo ari inzu ya Isirayeli, abantu ba Yuda na bo bakaba igitâra yakunda cane+. Kandi yaguma yiteze urubanza rugororotse+, mugabo, ehe hari ukurenga itegeko; yaguma yiteze ubugororotsi, mugabo, ehe hari amaborogo+.”  Baragowe abafatanya inzu n’iyindi+, n’abungikanya itongo n’irindi gushika aho ata kibanza gisigara+, mukabwirizwa kwibāna mwenyene hagati mu gihugu!  Mu matwi yanje, Yehova nyen’ingabo yararahiye yuko amazu menshi, naho ari maninimanini na meza, azocika akajoreza koko, ata wuyabamwo+. 10  Kuko mbere n’ibivi* cumi+ vy’umurima w’imizabibu bizovamwo ingero imwe gusa ya bati*+, n’ingero imwe ya homeri* y’imbuto ikavamwo ingero imwe gusa ya efa*+. 11  Baragowe abavyuka kare mu gitondo bavyuwe no kurondera gusa inzoga iboreza+, bakirizako gushika buhwibiriye ku buryo umuvinyu ubarurumbika+! 12  Kandi inanga n’igicurarangisho c’imirya, akagoma n’umwironge n’umuvinyu ntibihara mu nzimano zabo+; mugabo igikorwa ca Yehova ntibaraba, n’igikorwa c’amaboko yiwe ntibakibonye+. 13  Ni co gituma abantu banje bazobwirizwa kuja mu bunyagano kubera ukutagira ubumenyi+; kandi ubuninahazwa bwabo buzoba abagabo bishwe n’ikigoyi+, n’isinzi ryabo rizogaduka kubera inyota+. 14  Ni co gituma ukuzimu kwiyaguye, kugataburura umunwa wakwo bimwe vy’akaburarugero+; kandi ic’ubwiza bwakaka caho, n’isinzi ryaho n’intureka yaho be n’uwigina, ntibizobura kumanukayo+. 15  Umuntu yakuwe mw’ivu azomanuka, kandi umuntu azoja hasi, mbere n’amaso y’abari hejuru azoja hasi+. 16  Kandi Yehova nyen’ingabo azoja hejuru biciye ku rubanza+, kandi Imana y’ukuri, wa Mweranda+, ntizobura kwiyeza biciye ku bugororotsi+. 17  Kandi imyagazi y’intama y’amasuguru izorisha koko nko mu buragiriro bwayo; kandi ahantu h’umusaka h’ibikoko vyagaburiwe neza, ba kavamahanga bazoharya+. 18  Baragowe barya bakwegesha ikosa imigozi y’ibinyoma, bagakwega igicumuro nk’aho bakoresheje imigozi y’umukogote+; 19  barya bavuga ngo: “Igikorwa ciwe nicihute; nikize ningoga, tukibone; kandi impanuro ya wa Mweranda wa Isirayeli niyegereze ize, tuyimenye+!” 20  Baragowe abavuga ko iciza ari kibi, n’ikibi ko ari ciza+, abashira umwiza mu kibanza c’umuco, n’umuco mu kibanza c’umwiza, abashira ibirura mu kibanza c’ibisosa, n’ibisosa mu kibanza c’ibirura+! 21  Baragowe abari inkerebutsi mu maso yabo bwite bakaba n’abanyabwenge mu maso yabo bwite+! 22  Baragowe abantu b’abanyenkomezi mu kunywa umuvinyu, n’abantu bakomereye kuvanga inzoga ziboreza+, 23  abita umubisha umugororotsi kubera igiturire+, bagakura n’ubugororotsi bw’umugororotsi kuri we+! 24  Ni co gituma, nka kurya nyene ururimi rw’umuriro rurigata ibishakara+, n’ivyatsi vyumye bikanyikira mu mbeya, ni ko igishitsi cabo kizocika nk’umunuko w’ikintu kigashe+, n’ishurwe ryabo rigatumuka nk’intumo, kuko bataye itegeko rya Yehova nyen’ingabo+, ijambo rya wa Mweranda wa Isirayeli bakarigaya+. 25  Ni co gituma ishavu rya Yehova ryarurumbiye abantu biwe, kandi azobaramvurirako ukuboko abakubite+. Imisozi izohinda agashitsi+, imivyimba yabo na yo icike nk’imyavu hagati mu mabarabara+. Kubera ivyo vyose, ishavu ryiwe ntiryasubiye inyuma, mugabo ukuboko kwiwe kuracabanguye. 26  Yadugirije ikimenyetso ihanga rikomeye rya kure+, arivugiriza agahwa ku mpera y’isi+; kandi ehe rizoza ryihuta, rinyaruka+. 27  Muri bo nta wurushe, eka nta n’uwutsitara. Nta wuhunyiza kandi nta wusinzira. Kandi umukaba mu kiyunguyungu cabo ntuzotuburuka, eka n’imigozi y’inkweto* zabo ntizocika; 28  kuko imyampi yabo ikarihije, n’imiheto yabo yose ikaba ifoye+. Ibinono vy’amafarasi yabo bizofatwa nk’ibuye ry’isare+, amakurudumu yabo na yo nk’umuyaga w’ikirura+. 29  Ukuroha kwabo ni nk’ukw’intambwe, bakaroha nk’intambwe z’imikangara z’imigāra+. Bazotontoma, bacakire ico barya, bagitware ata nkomanzi, kandi nta murokozi azoboneka+. 30  Kandi bazotontomera kuri yo kuri uwo musi nk’ugutontoma kw’ikiyaga+. Kandi umuntu azokwitegereza igihugu, asange hari umwiza uteye agahinda+; mbere n’umuco wacuze umwiza kubera amama atibagurikira kuri co.

Utujambo tw'epfo

Ijambo ryahinduwe ng’aha ngo “ikivi” rishaka kuvuga ahantu ishuri zibiri zishobora kurima ku musi.
Ingero ya bati yangana n’amalitiro 22.
Ingero ya homeri ni nk’amalitiro 220.
Efa yari ingero yangana n’amalitiro 22.
Canke, “amasandali.”