Yesaya 5:1-30
5 Hinge ndirimbire umukundwa wanje ururirimbo rw’uwo nikundira, ku bijanye n’umurima wiwe w’imizabibu+. Umukundwa wanje yari afise umurima w’imizabibu mu ruhande rw’umurambi rwimbuka.
2 Maze arawurima, awukuramwo amabuye, awuteramwo umuzabibu utukura w’indobanurwa, yongera yubaka umunara hagati muri wo+. Yimvyemwo kandi uruganiro rw’umuvinyu+. Kandi yaguma yiteze ko uzokwama inzabibu+, mugabo urahava wama inzabibu z’inyeshamba+.
3 “Ubu rero, ga bantu muba i Yeruzalemu namwe bantu ba Yuda, enda nimuducire urubanza twe n’umurima wanje w’imizabibu+.
4 Ni igiki nsigaje gukorera umurima wanje w’imizabibu ntarakora muri wo+? Kubera iki nari niteze ko wama inzabibu, mugabo ugahava wama inzabibu z’inyeshamba?
5 Ubu rero, munkundire ndabamenyeshe ico ngira ngirire umurima wanje w’imizabibu: Uruzitiro rwawo ruzokurwaho+, kandi uzotegerezwa gutongorwa+. Uruhome rwawo rw’amabuye ruzotegerezwa gusenyuka, kandi uzotegerezwa kuba ahantu ho guhonyangwa+.
6 Kandi nzowugira nk’ikintu kigeshejwe+. Ntuzotuturirwa, eka ntuzobagarirwa+. Uzotegerezwa kumeramwo igisaka c’amahwa n’ivyatsi bibi+; kandi nzotegeka ibicu ntihagire imvura bigwisha kuri wo+.
7 Kuko umurima w’imizabibu+ wa Yehova nyen’ingabo ari inzu ya Isirayeli, abantu ba Yuda na bo bakaba igitâra yakunda cane+. Kandi yaguma yiteze urubanza rugororotse+, mugabo, ehe hari ukurenga itegeko; yaguma yiteze ubugororotsi, mugabo, ehe hari amaborogo+.”
8 Baragowe abafatanya inzu n’iyindi+, n’abungikanya itongo n’irindi gushika aho ata kibanza gisigara+, mukabwirizwa kwibāna mwenyene hagati mu gihugu!
9 Mu matwi yanje, Yehova nyen’ingabo yararahiye yuko amazu menshi, naho ari maninimanini na meza, azocika akajoreza koko, ata wuyabamwo+.
10 Kuko mbere n’ibivi* cumi+ vy’umurima w’imizabibu bizovamwo ingero imwe gusa ya bati*+, n’ingero imwe ya homeri* y’imbuto ikavamwo ingero imwe gusa ya efa*+.
11 Baragowe abavyuka kare mu gitondo bavyuwe no kurondera gusa inzoga iboreza+, bakirizako gushika buhwibiriye ku buryo umuvinyu ubarurumbika+!
12 Kandi inanga n’igicurarangisho c’imirya, akagoma n’umwironge n’umuvinyu ntibihara mu nzimano zabo+; mugabo igikorwa ca Yehova ntibaraba, n’igikorwa c’amaboko yiwe ntibakibonye+.
13 Ni co gituma abantu banje bazobwirizwa kuja mu bunyagano kubera ukutagira ubumenyi+; kandi ubuninahazwa bwabo buzoba abagabo bishwe n’ikigoyi+, n’isinzi ryabo rizogaduka kubera inyota+.
14 Ni co gituma ukuzimu kwiyaguye, kugataburura umunwa wakwo bimwe vy’akaburarugero+; kandi ic’ubwiza bwakaka caho, n’isinzi ryaho n’intureka yaho be n’uwigina, ntibizobura kumanukayo+.
15 Umuntu yakuwe mw’ivu azomanuka, kandi umuntu azoja hasi, mbere n’amaso y’abari hejuru azoja hasi+.
16 Kandi Yehova nyen’ingabo azoja hejuru biciye ku rubanza+, kandi Imana y’ukuri, wa Mweranda+, ntizobura kwiyeza biciye ku bugororotsi+.
17 Kandi imyagazi y’intama y’amasuguru izorisha koko nko mu buragiriro bwayo; kandi ahantu h’umusaka h’ibikoko vyagaburiwe neza, ba kavamahanga bazoharya+.
18 Baragowe barya bakwegesha ikosa imigozi y’ibinyoma, bagakwega igicumuro nk’aho bakoresheje imigozi y’umukogote+;
19 barya bavuga ngo: “Igikorwa ciwe nicihute; nikize ningoga, tukibone; kandi impanuro ya wa Mweranda wa Isirayeli niyegereze ize, tuyimenye+!”
20 Baragowe abavuga ko iciza ari kibi, n’ikibi ko ari ciza+, abashira umwiza mu kibanza c’umuco, n’umuco mu kibanza c’umwiza, abashira ibirura mu kibanza c’ibisosa, n’ibisosa mu kibanza c’ibirura+!
21 Baragowe abari inkerebutsi mu maso yabo bwite bakaba n’abanyabwenge mu maso yabo bwite+!
22 Baragowe abantu b’abanyenkomezi mu kunywa umuvinyu, n’abantu bakomereye kuvanga inzoga ziboreza+,
23 abita umubisha umugororotsi kubera igiturire+, bagakura n’ubugororotsi bw’umugororotsi kuri we+!
24 Ni co gituma, nka kurya nyene ururimi rw’umuriro rurigata ibishakara+, n’ivyatsi vyumye bikanyikira mu mbeya, ni ko igishitsi cabo kizocika nk’umunuko w’ikintu kigashe+, n’ishurwe ryabo rigatumuka nk’intumo, kuko bataye itegeko rya Yehova nyen’ingabo+, ijambo rya wa Mweranda wa Isirayeli bakarigaya+.
25 Ni co gituma ishavu rya Yehova ryarurumbiye abantu biwe, kandi azobaramvurirako ukuboko abakubite+. Imisozi izohinda agashitsi+, imivyimba yabo na yo icike nk’imyavu hagati mu mabarabara+.
Kubera ivyo vyose, ishavu ryiwe ntiryasubiye inyuma, mugabo ukuboko kwiwe kuracabanguye.
26 Yadugirije ikimenyetso ihanga rikomeye rya kure+, arivugiriza agahwa ku mpera y’isi+; kandi ehe rizoza ryihuta, rinyaruka+.
27 Muri bo nta wurushe, eka nta n’uwutsitara. Nta wuhunyiza kandi nta wusinzira. Kandi umukaba mu kiyunguyungu cabo ntuzotuburuka, eka n’imigozi y’inkweto* zabo ntizocika;
28 kuko imyampi yabo ikarihije, n’imiheto yabo yose ikaba ifoye+. Ibinono vy’amafarasi yabo bizofatwa nk’ibuye ry’isare+, amakurudumu yabo na yo nk’umuyaga w’ikirura+.
29 Ukuroha kwabo ni nk’ukw’intambwe, bakaroha nk’intambwe z’imikangara z’imigāra+. Bazotontoma, bacakire ico barya, bagitware ata nkomanzi, kandi nta murokozi azoboneka+.
30 Kandi bazotontomera kuri yo kuri uwo musi nk’ugutontoma kw’ikiyaga+. Kandi umuntu azokwitegereza igihugu, asange hari umwiza uteye agahinda+; mbere n’umuco wacuze umwiza kubera amama atibagurikira kuri co.
Utujambo tw'epfo
^ Ijambo ryahinduwe ng’aha ngo “ikivi” rishaka kuvuga ahantu ishuri zibiri zishobora kurima ku musi.
^ Ingero ya bati yangana n’amalitiro 22.
^ Ingero ya homeri ni nk’amalitiro 220.
^ Efa yari ingero yangana n’amalitiro 22.
^ Canke, “amasandali.”