Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yesaya 49:1-26

49  Nyumvirize, yemwe mazinga+, mutege ugutwi, mwebwe miryango y’amahanga muri kure+! Yehova ubwiwe yampamagaye+ mbere kuva nkiri mu nda+. Kuva nkiri mu mbanyi ya mama yaravuze izina ryanje+.  Araheza agira akanwa kanje nk’inkota ikarishe+. Yanyegeje+ mu gitutu+ c’ukuboko kwiwe. Amaherezo yangize umwampi usenye. Yampishije mu mutana wiwe.  Araheza ambwira ati: “Uri umusavyi wanje, ewe Isirayeli+, wewe uwo nzokwerekaniramwo ubwiza bwanje+.”  Nayo jewe, navuze nti: “Nacumukuriye ubusa+. Inkomezi zanje nazimariye ku bitabaho no ku vy’ubusa+. Vy’ukuri, urubanza rwanje ruri kwa Yehova+, impembo yanje na yo ku Mana yanje+.”  None rero, Yehova Umwe yambumba kuva mu nda nk’umusavyi wiwe+, yavuze ngo ngarukane Yakobo kuri we+, kugira ngo Isirayeli ubwayo ikoranirizwe kuri we+. Nzoninahazwa mu maso ya Yehova, kandi Imana yanje izoba yacitse inkomezi zanje.  Araheza avuga ati: “Kuri wewe vyabaye ikintu kirengeye igisanzwe kuba umusavyi wanje wo guhagurutsa imiryango ya Yakobo no kugarukana abazigamwe ba Isirayeli+; nanje nagutanze ngo ube umuco w’amahanga+, ngo ubukiriro bwanje bushike ku mpera y’isi+.”  Ibi ni vyo Yehova, Umucunguzi wa Isirayeli+, Umweranda wiwe, abwiye uwusuzugurwa rwose+, uwankwa n’ihanga urunuka+, umusuku w’abatware+: “Abami ubwabo bazobibona bahaguruke koko+, n’abaganwa, kandi bazokwunama, kubera Yehova uwuri umwizigirwa+, wa Mweranda wa Isirayeli, umwe agutora+.”  Ibi ni vyo Yehova avuze: “Mu gihe c’ubutoni narakwishuye+, kandi ku musi w’ubukiriro naragutabaye+; nagumye ndakuzigama kugira ngo ndagutange nk’isezerano ku bantu+, kugira ngo igihugu gisubizwe umutamana+, kugira ngo intoranwa zacitse umusaka bazisubireko+,  kugira ngo imbohe zibwirwe ngo+: ‘Nimusohoke+!’, abari mu mwiza na bo ngo+: ‘Nimwiyerekane+!’ Iruhande y’amayira ni ho bazorisha, ku minyuro yose inoze+. 10  Ntibazosonza+, eka ntibazonyoterwa+, eka kandi ubushuhe bugatura canke izuba ntibizobakubita+. Kuko Umwe abumvira ikigongwe ari we azobayobora+, kandi azobarongōra iruhande y’imbizi z’amazi+. 11  Imisozi yanje yose nzoyigira inzira, kandi inzira z’ibirari zanje zizoba ahakirurutse+. 12  Raba! Abo bazoza bavuye kure+, aba bave mu buraruko+ no mu burengero+, aba na bo mu gihugu ca Sinimu.” 13  Nimwihe akamo k’akamwemwe mwa majuru+, unezerwe nawe si+! Imisozi nigire akamwemwe n’akamo k’urweze+. Kuko Yehova yahojeje abantu biwe+, kandi yumvira ikigongwe abarushwa biwe+. 14  Mugabo Siyoni yagumye avuga ngo: “Yehova yarampevye+, Yehova ubwiwe yaranyibagiye+.” 15  Mbega umugore yokwibagira umwana wiwe yonka, ntiyumvire ikigongwe umwana w’inda yiwe+? Mbere abo bagore boshobora kwibagira+, yamara jewe sinzokwibagira+. 16  Raba! Nagusaruye mu biganza vyanje+. Impome zawe zama imbere yanje+. 17  Abana bawe bihuse. Abagusambura bakagutikiza bazova iwawe. 18  Raramura amaso weraguze irya n’ino, urabe. Bose uko bangana bakoranirijwe hamwe+. Baje kuri wewe. “Ndahiye ukubaho kwanje,” ni ko Yehova avuze+, “bose uko bangana uzobambara nk’udusharizo, kandi uzobiboherako nk’umugeni+. 19  Naho hari ibibanza vyawe vyatikijwe n’ibibanza vyawe vyagizwe umusaka be n’igihugu c’ibihomvagurike vyawe+, naho ubu waga cane ku buryo batari bukubemwo, kandi abakumira miyonzwa bakaba bagiye kure+, 20  ntikizobuza ko mu matwi yawe abana b’uguhekurwa kwawe+ bavuga bati: ‘Ndagiwe+. Nundonse ikibanza, ndahabe+.’ 21  Kandi ntuzobura kuvuga mu mutima wawe uti: ‘Aba ni nde yabamvyariye, ko ndi umugore yahekuwe kandi w’ingumba, yagiye mu bunyagano kandi akajanwa ari imbohe+? Aba bo ni nde yabareze+? Raba! Jewe nari natawe jenyene+. Aba, bahora he+?’” 22  Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Raba! Nzodugiriza amahanga ukuboko kwanje+, ndugirize ibisata vy’abantu ikimenyetso canje+. Na bo bazozana abana bawe mu gikiriza, batware ku rutugu abakobwa bawe+. 23  Abami bazokubera ababungabunzi+, abaganwakazi babo na bo bakubere abarezi. Bazokwunamira bubarare hasi+, barigate umukungugu wo ku birenge vyawe+; kandi uzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova, kandi abanyizigiye sinzobamaramaza+.” 24  Mbega abamaze kujanwa boshobora gukurwa mu kuboko kw’umugabo w’inkomezi+? Canke, mbega umugwi w’imbohe w’intwazamukazo woshobora kurokoka+? 25  Mugabo ibi ni vyo Yehova avuze: “Mbere n’umugwi w’imbohe w’umugabo w’inkomezi uzojanwa+, kandi abamaze kujanwa n’intwazamukazo bazorokoka+. Jewe ubwanje nzonigana n’abanigana nawe+, kandi abana bawe jewe ubwanje nzobakiza+. 26  Abagufata nabi nzobarisha inyama zabo ubwabo; kandi bazoborerwa amaraso yabo ubwabo nk’ababorewe umuvinyu usosa. Kandi ikiri n’umubiri cose kizobwirizwa kumenya ko jewe Yehova+ ndi Umukiza+ wawe n’Umucunguzi+ wawe, Umunyabubasha wa Yakobo+.”

Amakuru yiyongereye