Yesaya 48:1-22

48  Nimwumve ibi, yemwe nzu ya Yakobo, mwebwe abiyitirira izina rya Isirayeli+ mukaba kandi mwavuye mu mazi ya Yuda+, mwebwe abarahira mw’izina rya Yehova+ mukavuga mbere Imana ya Isirayeli+, atari mu kuri kandi atari mu bugororotsi+.  Kuko biyise abo mu gisagara ceranda+, bakishimikiza Imana ya Isirayeli+, Yehova nyen’ingabo rikaba ari ryo zina ryayo+.  “Ivya mbere narabihishuye mbere kuva ico gihe, bisohoka bivuye mu kanwa kanje, kandi nagumye ndavyumvikanisha+. Bukwi na bukwi naragize ico nkoze, biraheza birashika+.  Kubera ko nari nzi ko ugoye+ be n’uko izosi ryawe ari umutsi w’icuma+, kandi ko uruhanga rwawe ari umujumpu+,  nagumye rero nguhishurira kuva ico gihe. Imbere y’uko bishika, narabikwumvishije+, kugira ntuvuge ngo: ‘Ikigirwamana canje ni co cabikoze, kandi igishusho c’ikibazano canje be n’igishusho canje c’icuma gishongeshejwe ni vyo vyabitegetse+.’  Warumvise+. Vyitegereze vyose+. Nayo mwebwe, mbega ntimuzobihishura+? Ndakwumvishije ibintu bishasha guhera ubu, mbere ibintu vyabitswe utamenye+.  Ubu bitegerezwa kuremwa, si kuva kirya gihe, emwe, ibintu utari bwumve gushika uno musi, kugira ntuvuge ngo: ‘Raba! Nari ndabizi+.’  “Vyongeye, ntiwumvise+, eka ntiwamenye, eka kandi kuva ico gihe ugutwi kwawe ntikwuguruwe. Kuko nzi neza yuko wagumye vy’ukuri uhemuka+, ukitwa ‘umugabitanyi kuva uvuye mu nda+.’  Ku bw’izina ryanje, nzotangira ishavu ryanje+, kandi ku bw’ishemezo ryanje nzokwifata ku bijanye nawe kugira nturandurwe+. 10  Raba! Naragutyoroye, ariko si nk’ifeza+. Naraguhisemwo mw’itanure riyaza ivyuma ry’amarushwa+. 11  Kubera jewe, kubera jewe nzogira ico nkoze+, kuko, mbega hari uwokwemera guhumanywa+? Kandi nta wundi n’umwe nzoha ubuninahazwa bwanje+. 12  “Nyumviriza, ewe Yakobo, nawe Isirayeli uwo nahamagaye. Ndi wa wundi nyene+. Ndi uwa mbere+. Kandi ndi uwa nyuma+. 13  Vyongeye, ukuboko kwanje ni kwo kwashinze umushinge w’isi+, kandi ukuryo kwanje ni kwo kwaramvuye amajuru+. Ndabihamagara, kugira ngo bigume bihagaze vyose hamwe+. 14  “Nimukoranire hamwe mwese, mwumve+. Ni nde muri bo yahishuye ivyo bintu? Yehova ubwiwe yaramukunze+. Azoshitsa kuri Babiloni ibimuhimbara+, kandi ukuboko kwiwe kuzoba ku Bakaludaya+. 15  Jewe naravuze+. Vyongeye, naramuhamagaye. Naramuzanye, kandi inzira yiwe izohabwa kuroranirwa+. 16  “Nimuze hafi yanje. Nimwumvirize ibi. Kuva mu ntango sinavugiye namba mu bwihisho+. Kuva bibaye, namye ari ho ndi.” Ubu rero Umukama Segaba Yehova ubwiwe arantumye, mbere impwemu yiwe+. 17  Ibi ni vyo Yehova avuze, Umucunguzi wawe+, wa Mweranda wa Isirayeli+: “Jewe Yehova ndi Imana yawe, Umwe akwigisha ibikwungura+, Umwe agucisha mu nzira ukwiye kugenderamwo+. 18  Ese iyaba wokwumviriza koko amabwirizwa yanje+! Amahoro yawe rero yomera nk’uruzi+, ubugororotsi bwawe na bwo nk’imipfunda y’ikiyaga+. 19  Uruvyaro rwawe rwocika nk’umusenyi, abamuka imbere muri wewe na bo nk’udutete twawo+. Izina ryawe ntiryorandurwa canke ngo rizimanganywe imbere yanje+.” 20  Sohoke muve muri Babiloni+! Hunge Abakaludaya+! Nimubimenyeshe n’ijwi ry’akamo k’umunezero, muvyumvikanishe+. Nimutume bishika ku mpera y’isi+. Nimuvuge muti: “Yehova yacunguye umusavyi wiwe Yakobo+. 21  Ntibanyotewe+ igihe yariko abacisha mu bibanza vyatikijwe+. Yabatembeshereje amazi avuye mu gitandara, asatura igitandara kugira ngo amazi arindimuke+.” 22  “Nta mahoro ku babisha,” ni ko Yehova avuze+.

Utujambo tw'epfo