Yesaya 47:1-15
47 Manuka wicare mu mukungugu+, ewe mukobwa w’isugi wa Babiloni+! Icara hasi ahatagira intebe y’ubwami+, ewe mukobwa w’Abakaludaya+! Kuko batazokwongera kukwita uworohewe n’uwadibamye+.
2 Tora urusyo rw’amaboko+ usye ifu. Ipfukure icitwikiro+ cawe. Ambura impuzu irekera*+. Pfukura ukuguru+. Jabuka inzuzi.
3 Ubwirizwa gupfukura ubwambure bwawe+. Kandi iceyi cawe kibwirizwa kubonwa+. Ngira nihore+, kandi nta muntu n’umwe tuzohura ngo ngire ubuntu.
4 “Hariho uwuducungura+. Yehova nyen’ingabo ni ryo zina ryiwe+, Umweranda wa Isirayeli+.”
5 Icara utekereje+, winjire mu mwiza+, ewe mukobwa w’Abakaludaya+; kuko batazokwongera kukwita Umugabekazi+ w’Ibihugu vy’abami+.
6 Nararakariye abantu banje+. Narahumanije intoranwa yanje+, ndabatanga mu kuboko kwawe+. Nta mbabazi wabagiriye+. Ku mutama ingǒgo yawe wayigize iyiremereye cane+.
7 Waguma uvuga ngo: “Nzoba Umugabekazi+ gushika igihe kitagira urugero, ibihe bidahera.” Ivyo ntiwabishize ku mutima; ntiwibutse iherezo ry’ico kintu+.
8 Ubu rero niwumve ibi, wa mugore wihaye ibihimbaro, wewe wiyicariye mu mutekano+, wewe uvuga mu mutima wawe ngo: “Ndiho, kandi nta wundi+. Sinzokwicara nk’umupfakazi, kandi sinzomenya ukubura abana ico ari co+.”
9 Mugabo ibi bintu bibiri bizokuzako bukwi na bukwi, ku musi umwe+: ukubura abana n’ugupfakara. Emwe, bizokuzako ku rugero rwuzuye+, kubera umurengera w’ubupfumu bwawe, kubera ubushobozi bwose bw’imitongero yawe—bimwe birengeje+.
10 Wagumye wizigiye ububi bwawe+. Wavuze ngo: “Nta n’umwe ambona+.” Ubukerebutsi bwawe n’ubumenyi bwawe+—ivyo ni vyo vyagukweze; kandi uguma uvuga mu mutima wawe ngo: “Ndiho, kandi nta wundi.”
11 Ivyago bitegerezwa kukuzako; ntuzomenya kubigota namba. Amarushwa azokugwako+; ntuzoshobora kuyatesha. Kandi kuri wewe hazoza bukwi na bukwi+ agatikizo utari umenyereye.
12 Hagarara udakakaza rero, n’imitongero yawe hamwe n’umurengera w’ubupfumu bwawe+ wacumukuriyemwo kuva mu buto bwawe; kugira ngo kumbure ushobore kwunguka, kugira ngo kumbure utere abantu akoba.
13 Wārāmbiwe n’abajanama indiri bawe. Nibahaguruke rero bagukize, bamwe basenga amajuru, bamwe bitegereza inyenyeri+, bamwe batanga ubumenyi igihe c’imboneko z’ukwezi ku vyerekeye ibizokuzako.
14 Raba! Bacitse nk’ibishakara+. Umuriro uzobatongora+. Ntibazorokora ubuzima bwabo+ mu bubasha bw’urubeya+. Nta kubengerana kw’amakara kuzohaba ngo abantu bisusurutse, nta gaco k’umuriro kazohaba ko kwicara imbere.
15 Ukwo ni ko bazomera koko kuri wewe, abo mwacumukuranye ari abagosi+ bawe kuva mu buto bwawe. Bazokwangara koko, umwe wese aja mu karere kiwe. Ntihazoba n’umwe wo kugukiza+.
Utujambo tw'epfo
^ Ijambo ku rindi ni “impuzu yo hepfo irekera.”