Yesaya 46:1-13
46 Beli+ yigonze+, Nebo arunamye; ibigirwamana vyabo+ vyabaye ivy’ibikoko be n’ivy’ibitungwa, imitwaro yavyo, imitekero, umuzigo w’ibikoko birushe.
2 Bazotegerezwa kwunama; bazotegerezwa kwigonda cokimwe; ntibashobora kurokora+ umuzigo, mugabo bazotegerezwa kugirwa imbohe+.
3 “Nyumviriza, ewe nzu ya Yakobo, namwe mwese abasigaye b’inzu ya Isirayeli+, mwebwe abo natwaye kuva mukiri mu nda, abo nahetse kuva mukiri mu gitereko+.
4 Gushika no mu busaza bwanyu, ndi wa wundi nyene+; kandi gushika mugize imvi ku mutwe, jewe nzoguma ndabashigikiye+. Jewe nzogira ico nkoze koko+, kugira jewe ndabaterure, no kugira jewe ndabashigikire nongere ndabarokore+.
5 “Jewe muzonsanisha na nde+ canke munganishe na nde canke mungereranye na nde ngo duse+?
6 Hariho abazana ku bwinshi inzahabu bayikuye mw’isaho, bagapima ifeza hakoreshejwe igiti c’umunzane. Bahēra uwukora ivy’ivyuma, akabikoramwo imana+. Barakubita inkoro hasi, egome, barunama+.
7 Bayitwara ku rutugu+, bakayikorera bakayitereka mu kibanza cayo ngo ihagarare idakakaza+. Ntiva aho ihagaze. Umuntu mbere arasemerera ayibwira, mugabo ntiyishura; ntikiza umuntu amarushwa yiwe+.
8 “Nimwibuke ibi, kugira ngo mugire umutima rugabo. Bishire ku mutima+, mwa bagabitanyi mwe+!
9 Nimwibuke ivya mbere vya kera+, yuko ari je ndi Nyenubumana+ kandi ko ata yindi Mana iriho+, canke uwumeze nkanje+;
10 ndi Umwe kuva mu ntango ahishura iherezo+, kuva kera agahishura ibintu bitarakorwa+; Umwe avuga ati: ‘Impanuro yanje izorama+, kandi ibimpimbara vyose nzobikora+’;
11 Umwe ahamagara i burasirazuba inyoni ihiga+, agahamagara mu gihugu ca kure umuntu wo gushitsa impanuro yanje+. Narabivuze; no kubishitsa nzobishitsa+. Naravyiyumviriye, no kubikora nzobikora+.
12 “Nimunyumvirize, mwebwe ab’umutima w’ububasha+, mwebwe abari kure y’ubugororotsi+.
13 Narigije hafi ubugororotsi bwanje+. Ntiburi kure+, kandi ubukiriro bwanje ntibuzocerwa+. Nzotanga ubukiriro i Siyoni, mpe Isirayeli ubwiza bwanje+.”