Yesaya 46:1-13

46  Beli+ yigonze+, Nebo arunamye; ibigirwamana vyabo+ vyabaye ivy’ibikoko be n’ivy’ibitungwa, imitwaro yavyo, imitekero, umuzigo w’ibikoko birushe.  Bazotegerezwa kwunama; bazotegerezwa kwigonda cokimwe; ntibashobora kurokora+ umuzigo, mugabo bazotegerezwa kugirwa imbohe+.  “Nyumviriza, ewe nzu ya Yakobo, namwe mwese abasigaye b’inzu ya Isirayeli+, mwebwe abo natwaye kuva mukiri mu nda, abo nahetse kuva mukiri mu gitereko+.  Gushika no mu busaza bwanyu, ndi wa wundi nyene+; kandi gushika mugize imvi ku mutwe, jewe nzoguma ndabashigikiye+. Jewe nzogira ico nkoze koko+, kugira jewe ndabaterure, no kugira jewe ndabashigikire nongere ndabarokore+.  “Jewe muzonsanisha na nde+ canke munganishe na nde canke mungereranye na nde ngo duse+?  Hariho abazana ku bwinshi inzahabu bayikuye mw’isaho, bagapima ifeza hakoreshejwe igiti c’umunzane. Bahēra uwukora ivy’ivyuma, akabikoramwo imana+. Barakubita inkoro hasi, egome, barunama+.  Bayitwara ku rutugu+, bakayikorera bakayitereka mu kibanza cayo ngo ihagarare idakakaza+. Ntiva aho ihagaze. Umuntu mbere arasemerera ayibwira, mugabo ntiyishura; ntikiza umuntu amarushwa yiwe+.  “Nimwibuke ibi, kugira ngo mugire umutima rugabo. Bishire ku mutima+, mwa bagabitanyi mwe+!  Nimwibuke ivya mbere vya kera+, yuko ari je ndi Nyenubumana+ kandi ko ata yindi Mana iriho+, canke uwumeze nkanje+; 10  ndi Umwe kuva mu ntango ahishura iherezo+, kuva kera agahishura ibintu bitarakorwa+; Umwe avuga ati: ‘Impanuro yanje izorama+, kandi ibimpimbara vyose nzobikora+’; 11  Umwe ahamagara i burasirazuba inyoni ihiga+, agahamagara mu gihugu ca kure umuntu wo gushitsa impanuro yanje+. Narabivuze; no kubishitsa nzobishitsa+. Naravyiyumviriye, no kubikora nzobikora+. 12  “Nimunyumvirize, mwebwe ab’umutima w’ububasha+, mwebwe abari kure y’ubugororotsi+. 13  Narigije hafi ubugororotsi bwanje+. Ntiburi kure+, kandi ubukiriro bwanje ntibuzocerwa+. Nzotanga ubukiriro i Siyoni, mpe Isirayeli ubwiza bwanje+.”

Utujambo tw'epfo