Yesaya 45:1-25

45  Ibi ni vyo Yehova abwiye uwo yarobanuje amavuta+, Kuro, uwo mfashe ukuryo+, ngo ntume amahanga ayoboka imbere yiwe+, kugira ngo nkenyurure amafyinga y’abami; ngo nugurure imbere yiwe ya miryango y’inzugi zibirizibiri, ku buryo n’amarembo atazokwugarwa:  “Jewe nzogendera imbere yawe+, kandi ibidunduri vy’isi nzobiringaniza+. Imiryango y’umujumpu nzomenagura, ibihindizo vy’icuma ncagagure+.  Kandi nzoguha amatunga+ ari mu mwiza n’amatunga anyegejwe mu bwihisho, kugira ngo umenye yuko jewe ndi Yehova, Umwe aguhamagara mw’izina ryawe+, Imana ya Isirayeli.  Kubera umusavyi wanje Yakobo no kubera Isirayeli uwo natoye+, naraguhamagaye mw’izina ryawe; naguhaye izina ry’iteka, naho utamenye+.  Ndi Yehova, kandi nta wundi n’umwe ariho+. Nta Mana iriho kiretse jewe+. Nzogukenyeza cane, naho utamenye,  kugira ngo bimenyekane guhera iyo izuba rirasira no gushika iyo rirengera yuko ata wundi ariho atari jewe+. Ndi Yehova, kandi nta wundi n’umwe ariho+.  Uguhingura umuco+ n’ukurema umwiza+, ugushiraho amahoro+ n’ukurema ivyago+, jewe Yehova, ivyo ndabikora vyose+.  “Emwe majuru, nimutonyangishe ubugororotsi buvuye hejuru+; ibirere vyuzuye ibicu nibitembe ubugororotsi+. Isi niyuguruke, yame cane ubukiriro, kandi nitume ubugororotsi bumera+, icarimwe. Jewe Yehova, narabiremye+.”  Aragowe uwaniganye n’Umubumvyi wiwe+, nk’urujo runigana n’izindi njo zo ku butaka! Mbega ibumba+ ryobwira umubumvyi waryo ngo: “Ico ukora ni igiki?” Ico wakoze covuga ngo: “Nta maboko agira”? 10  Aragowe uwubwira se ngo: “Uvyara iki?”, akabwira umugore ngo: “Ikiguteye ububabare bwo kwibaruka ni igiki+?” 11  Ibi ni vyo Yehova avuze, wa Mweranda wa Isirayeli+ n’Umubumvyi+ wiwe: “Nimumbaze mbere n’ibigira bize+ ku vyerekeye abana banje+; kandi ku vyerekeye igikorwa+ c’amaboko yanje, nimuntegeke. 12  Jewe narakoze isi+, ndarema n’umuntu kuri yo+. Jewe—amaboko yanje ni yo yaramvuye amajuru+, kandi nategetse ingabo zayo zose+.” 13  “Jewe nahagurukije umuntu mu bugororotsi+, kandi inzira ziwe zose nzozigorora+. Ni we azokwubaka igisagara canje+, kandi abanje bari mu bunyagano azobarekura+, atari ku kiguzi+ canke ku giturire,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. 14  Ibi ni vyo Yehova avuze: “Abakozi badahembwa ba Misiri+ be n’abadandaza ba Etiyopiya be n’Abasabeya+, abagabo barebare+, ubwabo bazoza bagushikire, bacike abawe+. Bazogendera inyuma yawe; bazoza mu mapingu+, bakwunamire+. Bazogusenga bati: ‘Koko, Imana iri mu bumwe nawe+, kandi nta yindi n’imwe iriho; nta yindi Mana iriho+.’” 15  Vy’ukuri uri Imana iguma yihishije+, Imana ya Isirayeli, Umukiza+. 16  Bazomaramara koko mbere bateterwe, bose uko bangana. Abahinguzi b’amashusho y’ibigirwamana bazogendera hamwe bateterewe+. 17  Nayo Isirayeli, azokizwa koko mu bumwe na Yehova+, akirishwe ubukiriro ku bw’ibihe bitagira urugero+. Mwebwe ntimuzomaramara+, eka ntimuzoteterwa+ ibihe bitagira urugero, ibihe bidahera. 18  Kuko ibi ari vyo Yehova avuze, Umuremyi w’amajuru+, We Mana y’ukuri+, Uwabumvye isi akayihingura+, We yayishimangiye+, ntayiremere ubusa gusa, mugabo akayirema ngo ibeko abantu+: “Ndi Yehova, kandi nta wundi n’umwe ariho+. 19  Sinavugiye mu bwihisho+, ahantu h’umwiza h’isi; eka sinabwiye uruvyaro rwa Yakobo nti: ‘Nimundonderere ubusa+.’ Ndi Yehova, mvuga ibigororotse, ngahishura ibitumbereye+. 20  “Nimutororokane muze+. Nimwegere muri kumwe, yemwe abacitse kw’icumu mu mahanga+! Abikorera igiti c’igishusho cabo c’ikibazano nta bumenyi bashitseko, eka n’abasenga imana idashobora gukiza ni ukwo+. 21  Nimushikirize raporo yanyu n’ivyiyumviro vyanyu+. Egome, nibaje inama mu bumwe. Ni nde yavyumvikanishije kuva kera+? Ni nde yabimenyesheje kuva ico gihe+? Mbega si jewe Yehova, umwe ata yindi Mana iriho atari we+, Imana igororotse n’Umukiza+, akaba ata wundi ariho kiretse jewe+? 22  “Hindukire muze kuri jewe mukizwe+, mwese abo ku mpera z’isi; kuko ndi Imana, kandi nta yindi n’imwe iriho+. 23  Narirahiye jewe ubwanje+—ijambo ryarasohotse mu kanwa kanje mu bugororotsi+, ku buryo ritazosubira inyuma+—yuko ivi ryose rizompfukamira+, yuko ururimi rwose ruzorahira+, 24  ruti: ‘Ni ukuri, muri Yehova hari ubugororotsi bwuzuye be n’inkomezi+. Abamurungurira bose bazoza bamutumbereye, bamaramare+. 25  Muri Yehova uruvyaro+ rwa Isirayeli rwose ruzoboneka ko ruri mu kuri+, kandi rwirate+.’”

Utujambo tw'epfo