Yesaya 45:1-25
45 Ibi ni vyo Yehova abwiye uwo yarobanuje amavuta+, Kuro, uwo mfashe ukuryo+, ngo ntume amahanga ayoboka imbere yiwe+, kugira ngo nkenyurure amafyinga y’abami; ngo nugurure imbere yiwe ya miryango y’inzugi zibirizibiri, ku buryo n’amarembo atazokwugarwa:
2 “Jewe nzogendera imbere yawe+, kandi ibidunduri vy’isi nzobiringaniza+. Imiryango y’umujumpu nzomenagura, ibihindizo vy’icuma ncagagure+.
3 Kandi nzoguha amatunga+ ari mu mwiza n’amatunga anyegejwe mu bwihisho, kugira ngo umenye yuko jewe ndi Yehova, Umwe aguhamagara mw’izina ryawe+, Imana ya Isirayeli.
4 Kubera umusavyi wanje Yakobo no kubera Isirayeli uwo natoye+, naraguhamagaye mw’izina ryawe; naguhaye izina ry’iteka, naho utamenye+.
5 Ndi Yehova, kandi nta wundi n’umwe ariho+. Nta Mana iriho kiretse jewe+. Nzogukenyeza cane, naho utamenye,
6 kugira ngo bimenyekane guhera iyo izuba rirasira no gushika iyo rirengera yuko ata wundi ariho atari jewe+. Ndi Yehova, kandi nta wundi n’umwe ariho+.
7 Uguhingura umuco+ n’ukurema umwiza+, ugushiraho amahoro+ n’ukurema ivyago+, jewe Yehova, ivyo ndabikora vyose+.
8 “Emwe majuru, nimutonyangishe ubugororotsi buvuye hejuru+; ibirere vyuzuye ibicu nibitembe ubugororotsi+. Isi niyuguruke, yame cane ubukiriro, kandi nitume ubugororotsi bumera+, icarimwe. Jewe Yehova, narabiremye+.”
9 Aragowe uwaniganye n’Umubumvyi wiwe+, nk’urujo runigana n’izindi njo zo ku butaka! Mbega ibumba+ ryobwira umubumvyi waryo ngo: “Ico ukora ni igiki?” Ico wakoze covuga ngo: “Nta maboko agira”?
10 Aragowe uwubwira se ngo: “Uvyara iki?”, akabwira umugore ngo: “Ikiguteye ububabare bwo kwibaruka ni igiki+?”
11 Ibi ni vyo Yehova avuze, wa Mweranda wa Isirayeli+ n’Umubumvyi+ wiwe: “Nimumbaze mbere n’ibigira bize+ ku vyerekeye abana banje+; kandi ku vyerekeye igikorwa+ c’amaboko yanje, nimuntegeke.
12 Jewe narakoze isi+, ndarema n’umuntu kuri yo+. Jewe—amaboko yanje ni yo yaramvuye amajuru+, kandi nategetse ingabo zayo zose+.”
13 “Jewe nahagurukije umuntu mu bugororotsi+, kandi inzira ziwe zose nzozigorora+. Ni we azokwubaka igisagara canje+, kandi abanje bari mu bunyagano azobarekura+, atari ku kiguzi+ canke ku giturire,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
14 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Abakozi badahembwa ba Misiri+ be n’abadandaza ba Etiyopiya be n’Abasabeya+, abagabo barebare+, ubwabo bazoza bagushikire, bacike abawe+. Bazogendera inyuma yawe; bazoza mu mapingu+, bakwunamire+. Bazogusenga bati: ‘Koko, Imana iri mu bumwe nawe+, kandi nta yindi n’imwe iriho; nta yindi Mana iriho+.’”
15 Vy’ukuri uri Imana iguma yihishije+, Imana ya Isirayeli, Umukiza+.
16 Bazomaramara koko mbere bateterwe, bose uko bangana. Abahinguzi b’amashusho y’ibigirwamana bazogendera hamwe bateterewe+.
17 Nayo Isirayeli, azokizwa koko mu bumwe na Yehova+, akirishwe ubukiriro ku bw’ibihe bitagira urugero+. Mwebwe ntimuzomaramara+, eka ntimuzoteterwa+ ibihe bitagira urugero, ibihe bidahera.
18 Kuko ibi ari vyo Yehova avuze, Umuremyi w’amajuru+, We Mana y’ukuri+, Uwabumvye isi akayihingura+, We yayishimangiye+, ntayiremere ubusa gusa, mugabo akayirema ngo ibeko abantu+: “Ndi Yehova, kandi nta wundi n’umwe ariho+.
19 Sinavugiye mu bwihisho+, ahantu h’umwiza h’isi; eka sinabwiye uruvyaro rwa Yakobo nti: ‘Nimundonderere ubusa+.’ Ndi Yehova, mvuga ibigororotse, ngahishura ibitumbereye+.
20 “Nimutororokane muze+. Nimwegere muri kumwe, yemwe abacitse kw’icumu mu mahanga+! Abikorera igiti c’igishusho cabo c’ikibazano nta bumenyi bashitseko, eka n’abasenga imana idashobora gukiza ni ukwo+.
21 Nimushikirize raporo yanyu n’ivyiyumviro vyanyu+. Egome, nibaje inama mu bumwe. Ni nde yavyumvikanishije kuva kera+? Ni nde yabimenyesheje kuva ico gihe+? Mbega si jewe Yehova, umwe ata yindi Mana iriho atari we+, Imana igororotse n’Umukiza+, akaba ata wundi ariho kiretse jewe+?
22 “Hindukire muze kuri jewe mukizwe+, mwese abo ku mpera z’isi; kuko ndi Imana, kandi nta yindi n’imwe iriho+.
23 Narirahiye jewe ubwanje+—ijambo ryarasohotse mu kanwa kanje mu bugororotsi+, ku buryo ritazosubira inyuma+—yuko ivi ryose rizompfukamira+, yuko ururimi rwose ruzorahira+,
24 ruti: ‘Ni ukuri, muri Yehova hari ubugororotsi bwuzuye be n’inkomezi+. Abamurungurira bose bazoza bamutumbereye, bamaramare+.
25 Muri Yehova uruvyaro+ rwa Isirayeli rwose ruzoboneka ko ruri mu kuri+, kandi rwirate+.’”