Yesaya 44:1-28
44 “Ubu rero niwumvirize, ewe Yakobo musavyi wanje+, na wewe, ewe Isirayeli, uwo natoye+.
2 Ibi ni vyo Yehova avuze, Uwaguhinguye+ ari na We yakubumvye+, uwagumye agufasha mbere kuva ukiri mu nda+: ‘Ntutinye+, ewe musavyi wanje Yakobo, na wewe Yeshuruni+, uwo natoye.
3 Kuko nzosuka amazi ku wunyotewe+, n’imigezi ishororoka ndayisuke ahantu humye+. Nzosuka impwemu yanje ku ruvyaro rwawe+, n’umuhezagiro wanje ku bamuka kuri wewe.
4 Kandi bazotutuza nko hagati mu vyatsi bitoto+, nk’ibiti vy’imyarava+ iruhande y’imifurege y’amazi.
5 Uyu azovuga ati: “Jewe ndi uwa Yehova+.” Urya na we azokwiyita izina rya Yakobo+, uwundi na we yandike ku kuboko kwiwe ati: “Uwa Yehova.” Kandi izina rya Isirayeli ni ryo zina ry’icubahiro umuntu azokwiyita+.’
6 “Ibi ni vyo Yehova avuze, wa Mwami wa Isirayeli+ n’Umucunguzi wiwe+, Yehova nyen’ingabo: ‘Ndi uwa mbere kandi ndi uwa nyuma+, kandi uretse jewe nta Mana iriho+.
7 Ni nde ameze nkanje+? Nasemerere, kugira abihishure, abinshikirize+. Kuva igihe nagena abantu bo mu gihe ca kera+, ibigira bize be n’ibizoshika nibabihishure bo ubwabo.
8 Ntimugire ubwoba, kandi ntimujumararirwe+. Mbega kuva ico gihe sinabibumvishije umwumwe ukwiwe, nkabihishura+? Kandi muri ivyabona vyanje+. Hari Imana iriho atari jewe+? Oya, nta Gitandara kiriho+. Nta na kimwe namenye.’”
9 Abahinguzi b’igishusho c’ikibazano bose ni ikintu kitabaho+, kandi ivyo bikundira cane nta co bizomara+; kandi cokimwe n’ivyabona vyabo, nta co babona kandi nta co bazi+, kugira ngo bamaramare+.
10 Ni nde yahinguye imana canke ngo akore igishusho mu cuma gishongeshejwe+? Nta co camaze namba+.
11 Raba! Abagenzi biwe bose bazomaramara+, kandi abahinguzi b’utugenegene ni abo mu bantu bakuwe mw’ivu. Bose uko bangana bazokwikoraniriza hamwe+. Bazohagarara badakakaza. Bazogira ubwoba. Bazomaramarira icarimwe+.
12 Nayo umukorogoshozi w’icuma akoresha umuhoro, yakoze ico gikorwa ku makara; agihingura n’inyundo, akaguma akora ico gikorwa n’ukuboko kwiwe kw’inguvu+. Vyongeye, arashonje, nta nguvu agira. Ntiyanyoye amazi; bituma aruha.
13 Nayo umukorogoshozi w’igiti, yaramvuye ikamba yo gupimisha; agicapisha ingwa itukura; akibazisha imbazo y’ibiti; kandi aguma agicapa akoresheje agacamuzingi, amaherezo akakigira nk’ishusho y’umuntu+, nk’ubwiza bw’abantu, ngo kibe mu nzu+.
14 Hari uwo igikorwa ciwe ari ukwicira amasederi; afata ubwoko kanaka bw’igiti, mbere uruti rusagaraye, akakireka kigakomera ku bwiwe mu biti vy’ikibira+. Yateye igiti c’umworeni, imvura itibagurika ikaguma ituma kiba kinini.
15 Cacitse ico umuntu azigamisha umuriro ngo ugume waka. Nuko atora igice caco ngo yisusurutse. Nkako acana umuriro maze akotsa koko umukate. Arongera kandi agakora imana yunamira+. Yagikozemwo igishusho c’ikibazano+, araheza akubita inkoro hasi imbere yaco.
16 Ica kabiri caco agiturira mu muriro. Ica kabiri caco agitarako neza inyama arya, agahaga. Vyongeye arisusurutsa akavuga ati: “Ahaa! Ndisusurukije. Ndabonye agaco k’umuriro.”
17 Mugabo igisigaye caco agikoramwo imana, igishusho c’ikibazano ciwe. Akubita inkoro hasi imbere yaco, akunama akagisenga, akavuga ati: “Nundokore, kuko uri imana yanje+.”
18 Ntibamenye+, eka ntibategera+, kuko amaso yabo yasîzweko ibintu ngo ntabone+, n’umutima wabo ngo ntugire ugutahura kwimbitse+.
19 Kandi nta n’umwe yibutsa umutima wiwe+ canke afise ubumenyi canke ugutegera+, ngo avuge ati: “Ica kabiri caco nagituriye mu muriro, ku makara yaco na ho ndahotsa umukate; ndatara inyama nkarya. Mugabo igisigaye caco none, ndagikoremwo ikintu giteye ishishi+? Nkubite inkoro hasi imbere y’urukwi rwumye rw’igiti?”
20 Yihereza iminyota+. Umutima wiwe wahenzwe wamuhubishije+. Kandi ntarokora ubuzima bwiwe, canke ngo avuge ati: “Mbega mu kuryo kwanje ntihari ikinyoma+?”
21 “Ibuka ivyo bintu, ewe Yakobo+, na wewe, ewe Isirayeli, kuko uri umusavyi wanje+. Ni je nakubumvye+. Uri umusavyi anyegukira. Ewe Isirayeli, jewe sinzokwibagira+.
22 Nzohanagura ibigabitanyo vyawe nk’aho noba nkoresheje igicu+, n’ibicumuro vyawe nk’aho noba nkoresheje ikigwi c’igicu. Nungarukeko+, kuko nzogucungura+.
23 “Nimwihe akamo k’umunezero, mwa majuru+, kuko Yehova yagize ico akoze+! Nimwihe akaruru k’intsinzi+, mwa bihimba vy’epfo rwose vy’isi+! Nimugire akamwemwe, mwa misozi+, n’akamo k’umunezero, wa kibira namwe biti mwese muri muri co! Kuko Yehova yacunguye Yakobo, akerekanira ubwiza bwiwe kuri Isirayeli+.”
24 Ibi ni vyo Yehova avuze, Umucunguzi+ wawe n’Umubumvyi wawe kuva ukiri mu nda: “Jewe, Yehova, ndiko nkora vyose, nkaramvura amajuru+ jenyene, ngasasa isi+. Ni nde twari kumwe?
25 Mpindura ubusa ibimenyetso vy’abavuga amajambo agaragara, kandi ndi Umwe atuma abaraguzi bakora nk’abasazi+; Umwe asubiza inyuma abantu b’inkerebutsi, n’Umwe ahindura ubumenyi bwabo ubupfu+;
26 Umwe atuma ijambo ry’umusavyi wiwe riranguka, n’Umwe ashitsa neza impanuro y’intumwa ziwe+; Umwe avuga kuri Yeruzalemu ati: ‘Abantu bazohaba+,’ ku bisagara vya Yuda na vyo ati: ‘Bizosubira kwubakwa+, n’ibibanza vyaho vyacitse umusaka nzobivyura+’;
27 Umwe abwira inyenga y’amazi ati: ‘Nimutumuke; kandi inzuzi zanyu zose nzozikamya+’;
28 Umwe avuga kuri Kuro+ ati: ‘Ni umwungere wanje, kandi ikimpimbara cose azogishitsa neza+’, mbere n’ijambo mvuga kuri Yeruzalemu nti: ‘Hazosubira kwubakwa,’ ku rusengero na ho nti: ‘Umushinge wawe uzoshingwa+.’”