Yesaya 42:1-25

42  Ehe umusavyi wanje+, uwo ngumije+! Uwo natoye+, uwo umutima wanje washimye+! Nashize impwemu yanje muri we+. Azozana ubutungane ku mahanga+.  Ntazosemerera canke ngo aduze ijwi, kandi ntazokwumvikanisha ijwi ryiwe mw’ibarabara+.  Ntazovuna irenga rijanjaguritse+; nayo urutambi ruriko rurayama, ntazoruzimya. Azozana ubutungane mu kuri+.  Ntazoyama canke ngo ajanjagurwe gushika ashizeho ubutungane mw’isi+; kandi amazinga azoguma arindiriye itegeko ryiwe+.  Ibi ni vyo Imana y’ukuri, Yehova, ivuze, Umuremyi w’amajuru+ akaba n’Umwe ahambaye ayaramvura+, Umwe asasa isi+ n’umwimbu wayo+, Umwe aha impemu+ abantu bo kuri yo+, agaha n’impwemu abagendagenda kuri yo+:  “Jewe Yehova, naguhamagaye mu bugororotsi+, ndagufata ukuboko+. Nzokuzigama, ndagutange nk’isezerano ry’abantu+, nk’umuco w’amahanga+,  kugira ngo uhumure amaso ahumye+, usohore mu gasho imbohe+, usohore mu nzu y’ibohero abicaye mu mwiza+.  “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje+; kandi nta wundi n’umwe nzoha ubuninahazwa bwanje+, eka sinzoha ishemezo ryanje+ ibishusho bibajwe+.  “Ivya mbere—ng’ivyo vyaje+, mugabo ndiko menyesha ibishasha. Imbere y’uko biseruka, ndabibumvisha+.” 10  Ririmbire Yehova ururirimbo rushasha+, ishemezo ryiwe kuva ku mpera y’isi+, mwebwe abamanuka ku kiyaga+ no ku bicuzuye, mwebwe mazinga namwe abayabamwo+! 11  Agahinga+ be n’ibisagara vyako nibiduze ijwi, imihana irundanye Kedari abamwo+. Ababa ku rutare+ nibihe akamo k’umunezero. Abantu nibakome akaruru bari kw’isonga ry’imisozi. 12  Nimuhe Yehova ubuninahazwa+, kandi mu mazinga bamenyeshe ishemezo ryiwe+. 13  Yehova azosohoka nk’umunyenkomezi+. Azokangura umwete wiwe nk’umurwanyi+. Azovuza akaruru, egome, azorekura akaruru k’intambara+; ku bansi biwe, azokwerekana ko ari we munyenkomezi+. 14  “Natekereje igihe kirekire+. Nagumye ncereje+. Nagumye nigumije+. Kurya kw’umugore ariko yibaruka, ngiye kunihagira, guhezagirika, guhema vyanka, vyose icarimwe+. 15  Nzotikiza+ imisozi n’imirambi, ibimera vyo kuri yo na vyo ndavyumishe. Inzuzi nzozihindura amazinga, ibidengeri vyuzuyeko amarenga na vyo ndavyumishe+. 16  Abantu b’impumyi nzotuma bagendera mu nzira batamenye+; nzotuma bahonyora mw’ibarabara batamenye+. Ahantu h’umwiza nzohahindura umuco imbere yabo+, ikibanza kitaringaniye ndagihindure intara ishashe+. Ivyo ni vyo nzobakorera, kandi sinzobaheba+.” 17  Bazobwirizwa guhindukira, bazomaramara rwose, barya bashira ivyizigiro vyabo mu gishusho c’ikibazano+, barya babwira igishusho c’icuma gishongeshejwe ngo: “Ni mwe mana zacu+.” 18  Nimwumve, yemwe bipfamatwi; nimwitegereze mubone, yemwe mpumyi+. 19  Ni nde ari impumyi atari umusavyi wanje, kandi ni nde ari igipfamatwi nk’intumwa yanje ntuma? Ni nde ari impumyi nk’uwahawe impêra, canke ari impumyi nk’umusavyi wa Yehova+? 20  Kwari ukubona ibintu vyinshi, mugabo ntiwagumye witegereza+. Kwari ukwugurura amatwi, mugabo ntiwagumye wumviriza+. 21  Yehova ubwiwe, ku bw’ubugororotsi bwiwe+, yahimbawe n’uko yokuza itegeko+ akarigira agakomeye. 22  Mugabo ni igisata casahuwe congera kiramburwa+, bose bagafatwa n’umutego mu binogo, kandi bagumye banyegejwe mu mazu y’ibohero+. Babaye abo gusahurwa ata murokozi+, abo kwamburwa ata wuri buvuge ngo: “Garukana!” 23  Ni nde muri mwebwe azoha ugutwi ibi? Ni nde azotega ugutwi akumviriza ku bw’ibihe vyo hanyuma+? 24  Ni nde yatanze Yakobo ngo yamburwe, agatanga Isirayeli ku basahuzi? Mbega si Yehova, Umwe twacumurako, uwo banse kugendera mu nzira ziwe kandi ntibumvirize itegeko ryiwe+? 25  Ku bw’ico yagumye amusukako ubushangashirwe, ishavu ryiwe, n’inkomezi z’intambara+. Kandi vyagumye bimuyigiza irya n’ino+, mugabo ntiyagize ico yitaho+; kandi vyagumye bimururumbira, mugabo nta na kimwe yashira ku mutima+.

Utujambo tw'epfo