Yesaya 41:1-29
41 “Nimucereze imbere yanje, mwa mazinga+; kandi imiryango y’amahanga+ nisubire kugira ububasha. Niyegere+. Ico gihe naheze avuge. Nimuze twegere twese ku bw’urubanza+.
2 “Ni nde yahagurukije umuntu i burasirazuba+? Ni nde mu bugororotsi yamuhamagariye ku birenge vyiwe, ngo atange amahanga imbere yiwe, no kugira ngo atume agenda anesha abami+? Ni nde yagumye ayatanga ku nkota yiwe nk’umukungugu, ku buryo yaguruwe n’umuheto wiwe nk’ibishakara+?
3 Ni nde yagumye ayakurikirana, akaguma arengana mu mahoro n’ibirenge vyiwe mu munyuro atari yazananye?
4 Ni nde yagize ico akoze+ akabirangūra, agahamagara amayaruka guhera mu ntango+?
“Ni jewe, Yehova, Umwe wa Mbere+; ku ba nyuma nguma ndi wa wundi+.”
5 Amazinga+ yarabibonye atangura gutinya. Impera z’isi zitangura kujugumira+. Baregera, baguma baza.
6 Umwe wese muri bo afasha mugenziwe, umwe akabwira mwene wabo ati: “Komera+.”
7 Nuko, umuhinguzi w’utugenegene akomeza uwukora ivy’ivyuma+; uwusenesha inyundo y’ugucura akomeza uwuhondera ku cuma co gucurirako, akavuga ku bijanye n’ingene giteranije ati: “Ni neza.” Amaherezo bagifatisha imisumari ngo ntikinyiganyige+.
8 “Mugabo wewe ga Isirayeli, uri umusavyi wanje+, wewe ga Yakobo, uwo natoye+, uruvyaro rwa Aburahamu+ umugenzi wanje+;
9 wewe uwo nafashe nkagukura ku mpera z’isi+, wewe uwo nahamagaye nkagukura mu mihingo yayo ya kure+. Ndaheza nkubwira nti: ‘Uri umusavyi wanje+; naragutoye+, sinagutaye+.
10 Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe+. Ntiweraguze, kuko ndi Imana yawe+. Nzogukomeza+. Nzogufasha vy’ukuri+. Emwe, nzogufata nkugumye n’ukuryo kwanje+ kw’ubugororotsi+.’
11 “Raba! Abakurungurira bose bazomaramara, bateterwe+. Abagutonganya bazocika nk’ubusa, bayogere+.
12 Uzobarondera ubabure, barya banigana nawe+. Bazocika nk’ikintu kitariho, nk’ubusa+, barya barwana nawe.
13 Kuko jewe, Yehova Imana yawe, ngufata ukuboko kw’ukuryo+, nkakubwira nti: ‘Ntutinye+. Jewe nzogufasha+.’
14 “Ntutinye, wewe musiba+ Yakobo, mwebwe bantu ba Isirayeli+. Jewe nzogufasha,” ni ko Yehova avuze, egome, Umucunguzi wawe+, wa Mweranda wa Isirayeli.
15 “Raba! Nakugize igikubitisho+, igisekuzo gishasha gifise amenyo y’insya zibirizibiri. Uzohonyangira hasi imisozi, uyijanjagure; imirambi uzoyigira nk’umuguruka+.
16 Uzobigosora+, kandi umuyaga uzobikukumura+, kandi ikirura c’umuyaga kizobigurura mu nzira zitandukanye+. Kandi wewe ubwawe uzonezerwa muri Yehova+. Uzokwirata muri wa Mweranda wa Isirayeli+.”
17 “Abarushwa n’aboro bararondera amazi+, mugabo ntayo. Kubera inyota+ ururimi rwabo rwumye+. Jewe Yehova, nzobishura+. Jewe, Imana ya Isirayeli, sinzobaheba+.
18 Ku mirambi igaragara nzokwugurura inzuzi, hagati mu biyaya vy’imibande na ho, imbizi+. Agahinga nzokagira ikidengeri c’amazi cuzuyeko amarenga, igihugu kigadutse na co ndakigire amasôko y’amazi+.
19 Mu gahinga nzohashira igiti c’isederi, umunyinya n’igiti c’umuhadasi n’igiti c’amavuta+. Mu kiyaya c’ubugaragwa nzohashira igiti c’umuberoshi, igiti c’umutidari n’akajwari icarimwe+;
20 kugira ngo abantu babone, bamenye, batege ugutwi bongere bagire ugutahura kwimbitse icarimwe, bategere yuko ukuboko kwa Yehova ari kwo kwabikoze, kandi ko wa Mweranda wa Isirayeli ubwiwe ari we yabiremye+.”
21 “Nimuzane amatati yanyu+,” ni ko Yehova avuga. “Nimushikirize ivyemezo vyanyu+,” ni ko Umwami wa Yakobo avuga+.
22 “Nimuzane ibintu bizoba, mubitubwire. Ivya mbere muvuge ivyo ari vyo, kugira ngo tubishireko umutima kandi tumenye kazoza kavyo. Canke nimutwumvishe ibiriko biraza+.
23 Nimuvuge ibizoza mu nyuma, kugira ngo tumenye ko muri imana+. Egome, mukwiye gukora ineza canke mugakora inabi, kugira tweraguze tubibonere icarimwe+.
24 Raba! Muri ikintu kitariho, kandi ico mwakoze ni ubusa+. Uwubahitamwo wese ni ikintu giteye ishishi+.
25 “Nahagurukije umuntu mu buraruko, kandi azoza+. Azokwambaza izina ryanje ari i burasirazuba+. Azoza ku vyegera vy’abatware nk’aho boba ari ibumba+, nka kurya kw’umubumvyi akandagira ikintu kibisi.
26 “Ni nde yagize ico avuze kuva mu ntango, kugira ngo tubimenye, canke kuva mu bihe vya kera, kugira ngo tuvuge duti: ‘Avuga vyo+’? Mu vy’ukuri, nta n’umwe abivuga. Vy’ukuri, nta n’umwe yumvisha umuntu. Vy’ukuri, nta n’umwe yumva ivyo muvuga na bimwe+.”
27 Hariho umwe, uwa mbere, abwira Siyoni ati: “Raba! Ng’aba+!”, kandi Yeruzalemu nzoyiha uwuzana inkuru nziza+.
28 Maze nguma ndaba, ariko nta muntu n’umwe yari ahari; kandi vyongeye, muri abo nta n’umwe yatanga impanuro+. Nanje nguma ndababaza, kugira bishure.
29 Raba! Bose ni ikintu kitariho. Ibikorwa vyabo ni ubusa. Ibishusho vyabo vy’icuma gishongeshejwe ni umuyaga be n’ikintu kitabaho+.