Yesaya 40:1-31
40 “Nimuhoze, nimuhoze abantu banje,” ni ko Imana yanyu ivuga+.
2 “Nimubwire umutima wa Yeruzalemu+, musemerere mumubwira yuko igikorwa ciwe ca gisirikare kirangutse+, yuko ikosa ryiwe ryishuwe+. Kuko yaronse mu kuboko kwa Yehova urugero rwuzuye ku bw’ibicumuro vyiwe vyose+.”
3 Umve! Hari umuntu ariko arasemerera mu gahinga+ ati: “Nimutunganye inzira ya Yehova+! Nimugororere Imana yacu inzira y’ikirari ica mu kiyaya c’ubugaragwa+.
4 Umubande wose nuduzwe+, umusozi wose n’umurambi wose na vyo bimanurwe+. Ubutaka bw’ibidunduri butegerezwa gucika intara ishashe, ubutaka butaringaniye na bwo bucike ikiyaya c’umubande+.
5 Ubuninahazwa bwa Yehova ntibuzobura guhishurwa+, kandi ibiri n’umubiri vyose bizobibonera hamwe+, kuko akanwa nyene ka Yehova ari ko kabivuze+.”
6 Umve! Hari uwuriko avuga ati: “Semerera+!” Uwundi avuga ati: “Nsemerere iki?”
“Ibiri n’umubiri vyose ni ivyatsi bitoto, kandi ubuntu bwuzuye urukundo bwabo bwose ni nk’ishurwe ryo mu gahinga+.
7 Ivyatsi bitoto vyumye+, ishurwe ryakabiranye, kuko impwemu nyene ya Yehova ari yo yabihuhutiyeko+. Ni ukuri abantu ni ivyatsi bitoto+.
8 Ivyatsi bitoto vyumye, ishurwe ryakabiranye+; mugabo ijambo ry’Imana yacu ryoryo, rizogumaho igihe kitagira urugero+.”
9 Duga ku musozi muremure+, wa mugore uzaniye inkuru nziza Siyoni+! Duza ijwi ryawe n’ububasha, wa mugore uzaniye inkuru nziza Yeruzalemu+! Riduze. Ntutinye+. Bwira ibisagara vya Yuda uti: “Ng’iyi Imana yanyu+.”
10 Raba! Umukama Segaba Yehova ubwiwe azoza nk’umunyenkomezi, kandi ukuboko kwiwe kuzomuganzira+. Raba! Impêra yiwe iri kumwe na we+, kandi impembo atanga iri imbere yiwe+.
11 Kurya kw’umwungere, azoragira ubusho bwiwe+. Azokwegeranya imyagazi y’intama n’ukuboko kwiwe+; azoyitwara mu gikiriza ciwe+. Izonsa azoziyobora yengenga+.
12 Ni nde yageze amazi mu rushi rwiwe gusa+, agapima ingero z’amajuru akoresheje gusa itambwe ry’intoke+ kandi agashira mu gapimisho umukungugu w’isi+, canke agapima uburemere bw’imisozi akoresheje ikigeresho, agapima n’imirambi ku munzane?
13 Ni nde yapimye ingero z’impwemu ya Yehova, kandi ni nde ashobora kumumenyesha ikintu bwa muhanuzwajambo wiwe+?
14 Ni nde bagiye inama ngo hagire uwumufasha gutegera, canke ni nde amwigisha umunyuro w’ubutungane, canke amwigisha ubumenyi+, canke amumenyesha inzira y’ugutegera nyakuri+?
15 Raba! Amahanga ni nk’ima ryo mu ndobo; kandi afatwa nk’agakungugu gafashe ku munzane+. Raba! Aterura amazinga+ ubwayo nk’umukungugu unoze.
16 Mbere na Libani ntihagije ku kuzigama umuriro ngo ugume waka, n’ibikoko vyo mw’ishamba+ vyaho ntibihagije ku gutanga ishikanwa riturirwa+.
17 Amahanga yose, imbere yiwe ni nk’ikintu kitariho+; kuri we afatwa nk’ubusa, nk’ikintu kitabaho+.
18 Mbega Imana mwoyisanisha na nde+, kandi ni ishusho nki mwoyishira hampande+?
19 Umuhinguzi w’utugenegene yakoze igishusho mu cuma gishongeshejwe+, uwukora ivy’ivyuma agikuyengezako inzahabu+, kandi acura iminyororo y’ifeza+.
20 Ahitamwo igiti ngo kibe intererano, igiti kitaboze+. Yironderera umuhinguzi w’utugenegene w’umuhanga, ngo ategure igishusho c’ikibazano+ kitari bunyiganyizwe+.
21 Mbega nta vyo muzi? Nta vyo mwumva? Nta vyo mwabwiwe kuva mu ntango? Ntimwakoresheje ugutegera guhera ku gushirwaho kw’imishinge y’isi+?
22 Hariho Umwe yibera hejuru y’umuzingi w’isi+, ababa muri yo bakaba ari nk’uduhori, Umwe aramvura amajuru nk’igitambara gihwahutse kinoze, akayasanza nk’ihema ryo kubamwo+,
23 Umwe ahindura ubusa abategetsi bakurubakuru, uwagize abacamanza b’isi nk’ikintu kitabaho+.
24 Ntibarigera baterwa; ntibarigera babibwa; igishitsi cabo ntikirigera gishora imizi mw’isi+. Umuntu yopfa gusa guhuhira kuri bo bagaca buma+; ikirura c’umuyaga kizobakukumura nk’ibishakara+.
25 “Ariko mwonsanisha na nde ngo tube abangana?”, ni ko wa Mweranda avuga+.
26 “Raramurira amaso yanyu iyo hejuru murabe. Ni nde yaremye ivyo bintu+? Ni Umwe asohora ingabo zavyo ku gitigiri, zose akazihamagara mu mazina yazo+. Kubera umurengera w’inguvu rukozi+, kandi akaba yuzuye ingoga mu bubasha, nta n’imwe muri zo ibura.
27 “Kubera iki uvuga ga Yakobo, ukavugira hejuru ga Isirayeli, ngo: ‘Inzira yanje yarahishijwe Yehova+, kandi ubutungane bundaba burasiga Imana yanje+’?
28 Mbega nta vyo wamenye, canke nta vyo wumvise+? Yehova, wa Muremyi w’impera z’isi, ni Imana gushika igihe kitagira urugero+. Ntaruha canke ngo arambirwe+. Ugutegera kwiwe ntiguserangurwa+.
29 Aha ububasha uwurushe+; kandi ku wutagira inguvu rukozi+, atuma ubushobozi bwuzuye bugwira.
30 Abahungu bazoruha vyongeye barambirwe, kandi imisore ntizobura gutsitara,
31 mugabo abizigira+ Yehova bazosubira kugira ububasha+. Bazodugisha amababa nk’inkona+. Bazokwiruka ntibarambirwe; bazogenda ntibaruhe+.”