Yesaya 40:1-31

40  “Nimuhoze, nimuhoze abantu banje,” ni ko Imana yanyu ivuga+.  “Nimubwire umutima wa Yeruzalemu+, musemerere mumubwira yuko igikorwa ciwe ca gisirikare kirangutse+, yuko ikosa ryiwe ryishuwe+. Kuko yaronse mu kuboko kwa Yehova urugero rwuzuye ku bw’ibicumuro vyiwe vyose+.”  Umve! Hari umuntu ariko arasemerera mu gahinga+ ati: “Nimutunganye inzira ya Yehova+! Nimugororere Imana yacu inzira y’ikirari ica mu kiyaya c’ubugaragwa+.  Umubande wose nuduzwe+, umusozi wose n’umurambi wose na vyo bimanurwe+. Ubutaka bw’ibidunduri butegerezwa gucika intara ishashe, ubutaka butaringaniye na bwo bucike ikiyaya c’umubande+.  Ubuninahazwa bwa Yehova ntibuzobura guhishurwa+, kandi ibiri n’umubiri vyose bizobibonera hamwe+, kuko akanwa nyene ka Yehova ari ko kabivuze+.”  Umve! Hari uwuriko avuga ati: “Semerera+!” Uwundi avuga ati: “Nsemerere iki?” “Ibiri n’umubiri vyose ni ivyatsi bitoto, kandi ubuntu bwuzuye urukundo bwabo bwose ni nk’ishurwe ryo mu gahinga+.  Ivyatsi bitoto vyumye+, ishurwe ryakabiranye, kuko impwemu nyene ya Yehova ari yo yabihuhutiyeko+. Ni ukuri abantu ni ivyatsi bitoto+.  Ivyatsi bitoto vyumye, ishurwe ryakabiranye+; mugabo ijambo ry’Imana yacu ryoryo, rizogumaho igihe kitagira urugero+.”  Duga ku musozi muremure+, wa mugore uzaniye inkuru nziza Siyoni+! Duza ijwi ryawe n’ububasha, wa mugore uzaniye inkuru nziza Yeruzalemu+! Riduze. Ntutinye+. Bwira ibisagara vya Yuda uti: “Ng’iyi Imana yanyu+.” 10  Raba! Umukama Segaba Yehova ubwiwe azoza nk’umunyenkomezi, kandi ukuboko kwiwe kuzomuganzira+. Raba! Impêra yiwe iri kumwe na we+, kandi impembo atanga iri imbere yiwe+. 11  Kurya kw’umwungere, azoragira ubusho bwiwe+. Azokwegeranya imyagazi y’intama n’ukuboko kwiwe+; azoyitwara mu gikiriza ciwe+. Izonsa azoziyobora yengenga+. 12  Ni nde yageze amazi mu rushi rwiwe gusa+, agapima ingero z’amajuru akoresheje gusa itambwe ry’intoke+ kandi agashira mu gapimisho umukungugu w’isi+, canke agapima uburemere bw’imisozi akoresheje ikigeresho, agapima n’imirambi ku munzane? 13  Ni nde yapimye ingero z’impwemu ya Yehova, kandi ni nde ashobora kumumenyesha ikintu bwa muhanuzwajambo wiwe+? 14  Ni nde bagiye inama ngo hagire uwumufasha gutegera, canke ni nde amwigisha umunyuro w’ubutungane, canke amwigisha ubumenyi+, canke amumenyesha inzira y’ugutegera nyakuri+? 15  Raba! Amahanga ni nk’ima ryo mu ndobo; kandi afatwa nk’agakungugu gafashe ku munzane+. Raba! Aterura amazinga+ ubwayo nk’umukungugu unoze. 16  Mbere na Libani ntihagije ku kuzigama umuriro ngo ugume waka, n’ibikoko vyo mw’ishamba+ vyaho ntibihagije ku gutanga ishikanwa riturirwa+. 17  Amahanga yose, imbere yiwe ni nk’ikintu kitariho+; kuri we afatwa nk’ubusa, nk’ikintu kitabaho+. 18  Mbega Imana mwoyisanisha na nde+, kandi ni ishusho nki mwoyishira hampande+? 19  Umuhinguzi w’utugenegene yakoze igishusho mu cuma gishongeshejwe+, uwukora ivy’ivyuma agikuyengezako inzahabu+, kandi acura iminyororo y’ifeza+. 20  Ahitamwo igiti ngo kibe intererano, igiti kitaboze+. Yironderera umuhinguzi w’utugenegene w’umuhanga, ngo ategure igishusho c’ikibazano+ kitari bunyiganyizwe+. 21  Mbega nta vyo muzi? Nta vyo mwumva? Nta vyo mwabwiwe kuva mu ntango? Ntimwakoresheje ugutegera guhera ku gushirwaho kw’imishinge y’isi+? 22  Hariho Umwe yibera hejuru y’umuzingi w’isi+, ababa muri yo bakaba ari nk’uduhori, Umwe aramvura amajuru nk’igitambara gihwahutse kinoze, akayasanza nk’ihema ryo kubamwo+, 23  Umwe ahindura ubusa abategetsi bakurubakuru, uwagize abacamanza b’isi nk’ikintu kitabaho+. 24  Ntibarigera baterwa; ntibarigera babibwa; igishitsi cabo ntikirigera gishora imizi mw’isi+. Umuntu yopfa gusa guhuhira kuri bo bagaca buma+; ikirura c’umuyaga kizobakukumura nk’ibishakara+. 25  “Ariko mwonsanisha na nde ngo tube abangana?”, ni ko wa Mweranda avuga+. 26  “Raramurira amaso yanyu iyo hejuru murabe. Ni nde yaremye ivyo bintu+? Ni Umwe asohora ingabo zavyo ku gitigiri, zose akazihamagara mu mazina yazo+. Kubera umurengera w’inguvu rukozi+, kandi akaba yuzuye ingoga mu bubasha, nta n’imwe muri zo ibura. 27  “Kubera iki uvuga ga Yakobo, ukavugira hejuru ga Isirayeli, ngo: ‘Inzira yanje yarahishijwe Yehova+, kandi ubutungane bundaba burasiga Imana yanje+’? 28  Mbega nta vyo wamenye, canke nta vyo wumvise+? Yehova, wa Muremyi w’impera z’isi, ni Imana gushika igihe kitagira urugero+. Ntaruha canke ngo arambirwe+. Ugutegera kwiwe ntiguserangurwa+. 29  Aha ububasha uwurushe+; kandi ku wutagira inguvu rukozi+, atuma ubushobozi bwuzuye bugwira. 30  Abahungu bazoruha vyongeye barambirwe, kandi imisore ntizobura gutsitara, 31  mugabo abizigira+ Yehova bazosubira kugira ububasha+. Bazodugisha amababa nk’inkona+. Bazokwiruka ntibarambirwe; bazogenda ntibaruhe+.”

Utujambo tw'epfo