Yesaya 4:1-6

4  Kandi abagore indwi bazocakira umugabo umwe kuri uwo musi+, bavuge bati: “Tuzorya umukate wacu bwite, twambare imitamana yacu bwite; dupfe gusa kwitirirwa izina ryawe kugira iceyi cacu kituveko+.”  Kuri uwo musi, ico Yehova anagisha+ kizoba ic’ubwiza n’ic’ubuninahazwa+, kandi ivyamwa vy’igihugu bizoba ikintu co kwishimira+ n’ikintu ciza ku bo muri Isirayeli barokotse+.  Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba: abasigaye i Siyoni n’abasigajwe i Yeruzalemu bazovugwa ko ari beranda kuri we+, uwo wese yanditswe ku bw’ubuzima i Yeruzalemu+.  Igihe Yehova azoba yakuyeho umwanda mukuru w’abakobwa ba Siyoni+, kandi biciye ku mpwemu y’urubanza no ku mpwemu y’ugutongora+ akugunyuza+ mbere n’amaraso+ Yeruzalemu yasheshe, akayivamwo,  Yehova rero ntazobura kurema hejuru y’ikibanza cose gishimangiye c’umusozi Siyoni+ no hejuru y’ikibanza c’ihwaniro caho, igicu ku murango be n’umwotsi, n’ukwakaka kw’umuriro ururumba+ mw’ijoro+; kuko hejuru y’ubuninahazwa bwose hazoba ubwugamo+.  Kandi hazobaho urusago rutanga igitutu ku murango ku bwo kwikinga ubushuhe bugadutse+, rutanga kandi ubuhungiro rugatanga n’ubwikingo bw’ikirura n’imvura+.

Utujambo tw'epfo