Yesaya 39:1-8

39  Ico gihe, Merodaki-baladani+ mwene Baladani, umwami wa Babiloni+, arungikira amakete n’ingabirano+ Hezekiya, aho yumviye ko yari yarwaye mugabo akaba yari yasubiye gukomera+.  Nuko Hezekiya atangura kunezerwa kubera bo+ no kubereka inzu y’itunga yiwe+, ifeza n’inzahabu n’amavuta y’umusomozo+ n’amavuta meza n’ububiko bw’ibirwanisho bwiwe bwose+ n’ibintu vyose vyari mu matunga yiwe. Nta na kimwe Hezekiya ataberetse mu nzu yiwe+ no mu nganji yiwe yose+.  Inyuma y’ivyo, Yesaya umuhanuzi yinjira aho Umwami Hezekiya ari maze amubwira+ ati: “Abo bantu bavuze iki, kandi baje iwawe bavuye he?” Hezekiya avuga rero ati: “Baje iwanje bavuye mu gihugu ca kure, i Babiloni+.”  Yesaya abandanya kuvuga ati: “Babonye iki mu nzu yawe+?” Hezekiya aca avuga ati: “Babonye ikintu cose kiri mu nzu yanje. Nta na kimwe ntaberetse mu matunga yanje.”  Nuko Yesaya abwira Hezekiya+ ati: “Niwumve ijambo rya Yehova nyen’ingabo:  ‘Ehe imisi iraje, kandi ibiri mu nzu yawe vyose be n’ivyo ba sogokuruza bawe barundanije gushika n’uyu musi bizotwarwa koko i Babiloni+.’ ‘Nta na kimwe kizosigara+,’ ni ko Yehova avuze.  ‘Kandi bamwe mu bahungu bawe bazova muri wewe, abo uzovyara, bazotwarwa+ babe koko abakozi bo ku kirimba+, mu kirimba c’umwami wa Babiloni+.’”  Hezekiya aca abwira Yesaya ati: “Ijambo rya Yehova uvuze ni ryiza+.” Abandanya kuvuga ati: “Kubera ko amahoro n’ukuri+ bizogumaho mu misi yanje+.”

Utujambo tw'epfo