Yesaya 38:1-22
38 Muri iyo misi Hezekiya ararwara agera hafi yo gupfa+. Nuko Yesaya+ mwene Amozi umuhanuzi yinjira aho ari maze amubwira ati: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Nuhe amategeko urugo rwawe+, kuko wewe ubwawe ugiye koko gupfa, utazobaho+.’”
2 Hezekiya aca ahindukiriza mu maso hiwe ku ruhome+ maze atangura gusenga Yehova+,
3 avuga ati: “Ndagusavye, ewe Yehova, ndakwinginze wibuke+ ingene nagendeye+ imbere yawe mu kuri+, mfise umutima ukwiye+, kandi ko nakoze ivyari vyiza mu maso yawe.” Nuko Hezekiya atangura kurira cane+.
4 Maze ijambo+ rya Yehova riza kuri Yesaya, riti:
5 “Genda, ubwire Hezekiya uti: ‘Ibi ni vyo Yehova Imana ya Dawidi sogokuruza wawe+ avuze: “Numvise isengesho ryawe+. Nabonye amosozi yawe+. Ehe nongeye ku misi yawe imyaka cumi n’itanu+;
6 kandi wewe n’iki gisagara nzobarokora mu kiganza c’umwami wa Ashuri, kandi nzorwanira iki gisagara+.
7 Kandi iki ni co kimenyetso uhawe kivuye kuri Yehova c’uko Yehova azoshitsa iryo jambo avuze+:
8 Ehe ngira ntume igitutu cari camanutse ku ntambuko z’ingazi za Ahazi kubera izuba+ gisubira inyuma intambuko cumi z’ingazi+.”’” Maze izuba risubira inyuma buhorobuhoro intambuko cumi z’ingazi ku ntambuko z’ingazi ryari ryamanutse+.
9 Ivyo Hezekiya umwami wa Yuda yanditse igihe yarwara+ hanyuma agakira indwara yiwe+.
10 Jewe navuze nti: “Imisi yanje igeze hagati, nzoja mu marembo+ y’ukuzimu.Nzokwakwa imyaka yanje isigaye+.”
11 Navuze nti: “Sinzobona Ya*, emwe, Ya, mu gihugu c’abazima+.Sinzosubira kuraba abantu—nzoba ndi kumwe n’ababa mu gihugu c’ukutabaho.
12 Aho mba haranduwe+ hakurwa kuri jewe nk’ihema ry’abungere.Nazingazinze ubuzima bwanje nk’umujishi w’impuzu;Umuntu arancacura+ ku nyuzi z’umurongo w’inyuzi.
Kuva ku murango gushika mw’ijoro, uguma untanga+.
13 Nihorosheje gushika mu gitondo+.Kurya kw’intambwe, ni ko aguma amenagura amagufa yanje+;Kuva ku murango gushika mw’ijoro, uguma untanga+.
14 Kurya kw’intamba, kurya kw’ikirogorye, ni ko nguma njwigira+;Nguma nguguza nk’inuma+.Amaso yanje yitegereje ahakirurutse yayamye+:‘Ewe Yehova, ndi mu gahahazo. Nunyishinge+.’
15 Mvuge iki, kandi azombwira iki vy’ukuri+?Ubwiwe kandi yaragize ico akoze+.Mu myaka yanje yose, nguma ngendagenda nihoreye, ndundumiwe mu mutima+.
16 ‘Ewe Yehova, ni co gituma babandanya kubaho; kandi nk’uko biri kuri bose, aho ni ho hari ubuzima bw’impwemu yanje+.Uzotuma amagara yanje asubirana, unzigamire ubuzima koko+.
17 Raba! Mu kibanza c’amahoro nagize ibirura, egome, birura+;Kandi wewe ubwawe wafatanye n’ubuzima bwanje, uburinda icobo c’ugusanguka+.
Kuko watereye inyuma y’umugongo wawe ibicumuro vyanje vyose+.
18 Kuko ukuzimu atari kwo gushobora kuguhaya+; urupfu ntirushobora kugushemeza+.Abamanuka mu cobo ntibashobora kurabana icizigiro ukuri kwawe+.
19 Umuzima, umuzima, ni we ashobora kuguhaya+,Nk’uko nshobora kubigira uyu musi+.Se w’abana arashobora kubaha ubumenyi+ ku vyerekeye ukuri kwawe.
20 Ewe Yehova, jako unkize+, natwe tuvuze imirya yanje narobanuye+Imisi yose y’ubuzima bwacu ku nzu ya Yehova+.’”
21 Hanyuma Yesaya avuga ati: “Nibatore agatsima k’insukoni zumye zafyonzwe zikegerana, bagasige kuri ico gihute+, kugira akire+.”
22 Muri ico gihe, Hezekiya avuga ati: “Ikimenyetso ni igiki c’uko nzoduga ku nzu ya Yehova+?”
Utujambo tw'epfo
^ “Ya” ni impfunyapfunyo y’izina “Yehova.”