Yesaya 38:1-22

38  Muri iyo misi Hezekiya ararwara agera hafi yo gupfa+. Nuko Yesaya+ mwene Amozi umuhanuzi yinjira aho ari maze amubwira ati: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Nuhe amategeko urugo rwawe+, kuko wewe ubwawe ugiye koko gupfa, utazobaho+.’”  Hezekiya aca ahindukiriza mu maso hiwe ku ruhome+ maze atangura gusenga Yehova+,  avuga ati: “Ndagusavye, ewe Yehova, ndakwinginze wibuke+ ingene nagendeye+ imbere yawe mu kuri+, mfise umutima ukwiye+, kandi ko nakoze ivyari vyiza mu maso yawe.” Nuko Hezekiya atangura kurira cane+.  Maze ijambo+ rya Yehova riza kuri Yesaya, riti:  “Genda, ubwire Hezekiya uti: ‘Ibi ni vyo Yehova Imana ya Dawidi sogokuruza wawe+ avuze: “Numvise isengesho ryawe+. Nabonye amosozi yawe+. Ehe nongeye ku misi yawe imyaka cumi n’itanu+;  kandi wewe n’iki gisagara nzobarokora mu kiganza c’umwami wa Ashuri, kandi nzorwanira iki gisagara+.  Kandi iki ni co kimenyetso uhawe kivuye kuri Yehova c’uko Yehova azoshitsa iryo jambo avuze+:  Ehe ngira ntume igitutu cari camanutse ku ntambuko z’ingazi za Ahazi kubera izuba+ gisubira inyuma intambuko cumi z’ingazi+.”’” Maze izuba risubira inyuma buhorobuhoro intambuko cumi z’ingazi ku ntambuko z’ingazi ryari ryamanutse+.  Ivyo Hezekiya umwami wa Yuda yanditse igihe yarwara+ hanyuma agakira indwara yiwe+. 10  Jewe navuze nti: “Imisi yanje igeze hagati, nzoja mu marembo+ y’ukuzimu.Nzokwakwa imyaka yanje isigaye+.” 11  Navuze nti: “Sinzobona Ya*, emwe, Ya, mu gihugu c’abazima+.Sinzosubira kuraba abantu—nzoba ndi kumwe n’ababa mu gihugu c’ukutabaho. 12  Aho mba haranduwe+ hakurwa kuri jewe nk’ihema ry’abungere.Nazingazinze ubuzima bwanje nk’umujishi w’impuzu;Umuntu arancacura+ ku nyuzi z’umurongo w’inyuzi. Kuva ku murango gushika mw’ijoro, uguma untanga+. 13  Nihorosheje gushika mu gitondo+.Kurya kw’intambwe, ni ko aguma amenagura amagufa yanje+;Kuva ku murango gushika mw’ijoro, uguma untanga+. 14  Kurya kw’intamba, kurya kw’ikirogorye, ni ko nguma njwigira+;Nguma nguguza nk’inuma+.Amaso yanje yitegereje ahakirurutse yayamye+:‘Ewe Yehova, ndi mu gahahazo. Nunyishinge+.’ 15  Mvuge iki, kandi azombwira iki vy’ukuri+?Ubwiwe kandi yaragize ico akoze+.Mu myaka yanje yose, nguma ngendagenda nihoreye, ndundumiwe mu mutima+. 16  ‘Ewe Yehova, ni co gituma babandanya kubaho; kandi nk’uko biri kuri bose, aho ni ho hari ubuzima bw’impwemu yanje+.Uzotuma amagara yanje asubirana, unzigamire ubuzima koko+. 17  Raba! Mu kibanza c’amahoro nagize ibirura, egome, birura+;Kandi wewe ubwawe wafatanye n’ubuzima bwanje, uburinda icobo c’ugusanguka+. Kuko watereye inyuma y’umugongo wawe ibicumuro vyanje vyose+. 18  Kuko ukuzimu atari kwo gushobora kuguhaya+; urupfu ntirushobora kugushemeza+.Abamanuka mu cobo ntibashobora kurabana icizigiro ukuri kwawe+. 19  Umuzima, umuzima, ni we ashobora kuguhaya+,Nk’uko nshobora kubigira uyu musi+.Se w’abana arashobora kubaha ubumenyi+ ku vyerekeye ukuri kwawe. 20  Ewe Yehova, jako unkize+, natwe tuvuze imirya yanje narobanuye+Imisi yose y’ubuzima bwacu ku nzu ya Yehova+.’” 21  Hanyuma Yesaya avuga ati: “Nibatore agatsima k’insukoni zumye zafyonzwe zikegerana, bagasige kuri ico gihute+, kugira akire+.” 22  Muri ico gihe, Hezekiya avuga ati: “Ikimenyetso ni igiki c’uko nzoduga ku nzu ya Yehova+?”

Utujambo tw'epfo

“Ya” ni impfunyapfunyo y’izina “Yehova.”