Yesaya 37:1-38
37 Umwami Hezekiya akimara kuvyumva, aca atantamura impuzu ziwe maze yambara igunira+ araheza yinjira mu nzu ya Yehova+.
2 Vyongeye, atuma Eliyakimu+, uwagaba urugo, na Shebuna umunyamabanga+ n’abagabo b’inararibonye bo mu baherezi+, bambaye amagunira, abatuma kuri Yesaya+ mwene Amozi umuhanuzi+.
3 Nuko bamubwira bati: “Hezekiya avuze ngo: ‘Uyu musi ni umusi w’amarushwa+ n’uw’uguhambara n’uw’ukutisonera kw’akagaye+; kuko tumeze nk’umugore agira yibaruke mugabo akaba atagira inkomezi zo kwibaruka+.
4 Hari aho Yehova Imana yawe yokwumva amajambo yose ya Rabushake+, uwo umwami wa Ashuri umukama wiwe yatumye gucokora+ Imana nzima, maze akagira ico amubaza koko ku bw’amajambo Yehova Imana yawe yumvise+. Uture isengesho+ ku bw’amasigarira asigaye+.’”
5 Nuko abasuku b’Umwami Hezekiya binjira kwa Yesaya+.
6 Maze Yesaya ababwira ati: “Mubwire umukama wanyu muti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze+: “Ntutinye+ kubera amajambo wumvise, ayo abasuku+ b’umwami wa Ashuri bakoresheje mu kumvuga nabi.
7 Ehe ngira nshire impwemu+ muri we, kandi azokwumva inkuru+ maze asubire mu gihugu ciwe; kandi nzotuma koko agwishwa n’inkota mu gihugu ciwe+.”’”
8 Inyuma y’ivyo, Rabushake+ asubira inyuma maze asanga umwami wa Ashuri ariko ararwana na Libuna+; kuko yari yumvise ko nya mwami yavuye i Lakishi akagenda+.
9 Nuko yumva bivugwa ku vyerekeye Tiruhaka+ umwami wa Etiyopiya ngo: “Yasohotse kukurwanya.” Avyumvise, aca atuma intumwa+ kuri Hezekiya ati:
10 “Mubwire Hezekiya umwami wa Yuda muti: ‘Imana wizigira ntiguhende+, mu kuvuga ngo: “Yeruzalemu ntizotangwa mu kuboko kw’umwami wa Ashuri+.”
11 Ehe! Wewe ubwawe warumvise ivyo abami ba Ashuri bakoreye ibihugu vyose mu kubitikiza+; none wewe uzorokorwa+?
12 Mbega imana+ z’amahanga ba sogokuruza banje bahoneje zarayarokoye+, egome, Gozani+ na Harani+ na Rezefu na bene Edeni+ bari i Teli-asari?
13 Ari hehe umwami wa Hamati+ n’umwami wa Arupadi+ n’umwami w’igisagara ca Sefaruvayimu+, ica Hena n’ica Iva+?’”
14 Hezekiya atora rero nya makete mu kuboko kw’izo ntumwa maze arayasoma+, hanyuma aduga ku nzu ya Yehova araheza ayagaranzura imbere ya Yehova+.
15 Nuko Hezekiya atangura gusenga Yehova+ ati:
16 “Ewe Yehova nyen’ingabo, Mana ya Isirayeli+, wewe wicaye ku bakerubi*, ni wewe wenyene uri Imana y’ukuri y’ubwami bwose bwo mw’isi+. Ni wewe wakoze amajuru n’isi+.
17 Tega ugutwi, Yehova we, wumve+! Ugurura amaso+, ewe Yehova, ubone, wumve amajambo yose ya Senakeribu+, ayo yatumye gucokora Imana nzima+.
18 Ego ni ko, ewe Yehova, abami ba Ashuri baratikije ibihugu vyose, n’igihugu cabo bwite+.
19 Kandi imana zayo zahawe umuriro+, kuko zitari imana+, mugabo zari izahinguwe n’amaboko y’umuntu+, izahinguwe mu biti no mu mabuye, ku buryo baziranduye+.
20 None rero, ewe Yehova Mana yacu+, dukize mu kuboko kwiwe+, kugira ngo ubwami bwose bwo mw’isi bumenye yuko wewe, ewe Yehova, ari wewe Mana wenyene+.”
21 Nuko Yesaya mwene Amozi atuma kuri Hezekiya ati: “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: ‘Kubera ko wansenze ku vyerekeye Senakeribu umwami wa Ashuri+,
22 iri ni ryo jambo Yehova avuze kuri we:“Umukobwa w’isugi wa Siyoni yagusuzuguye, yagutwengeye mw’ijigo+.Umukobwa wa Yeruzalemu yazungije umutwe inyuma yawe+.
23 Ni nde wacokoye+ kandi ni nde watutse+?Ni nde wadugirije ijwi+Ukararamurira amaso hejuru+?Ni wa Mweranda wa Isirayeli+!
24 Wacokoye Yehova biciye ku basavyi bawe, kandi ukaba uvuga uti+:‘Nkoresheje ubwinshi bw’imikogote y’intambara yanje, jewe ubwanje+—Nzoduga koko ahakirurutse h’uturere tw’imisozi+,Imihingo ya Libani+ iri kure kuruta iyindi;Kandi nzokwicira amasederi maremare yaho, ibiti vy’imiberoshi vyaho vy’intorwa+.Nzokwinjira ahakirurutse haho ha nyuma, ikibira kimeze nk’umurima w’ivyamwa waho+.
25 Jewe nzokwimba koko amazi maze ndayanywe,Kandi nzokamisha ubworo bw’ibirenge vyanje imigende yose ya Nili+ ya Misiri+.’
26 Mbega ntiwumvise+? Kuva mu bihe vya kera cane, ivyo ni vyo nzokora+.Kuva mu misi ya kera na rindi naravyiyumviriye+. Ubu rero ngira ndabishitse+.Wewe uzokoreshwa mu gutuma ibisagara bikingijwe ibihome bicika umusaka nk’ibirundo vy’ibihomvagurike+.
27 Ababibamwo bazogira amaboko ya goyigoyi+;Bazotekerwa koko n’ubwoba kandi bamaramare+.
Bazocika ata kabuza nk’ibimera vyo mw’ishamba n’ivyatsi bitoto biremvye+,Nk’ivyatsi vyo ku bisenge+ n’ivyo ku mikobeko imbere y’umuyaga wo mu buseruko+.
28 Ndazi neza ukwicara utekanye kwawe n’ugusohoka kwawe+ n’ukwinjira kwawe+,N’ukunshavurira kwawe+,
29 Kuko ukunshavurira kwawe+ n’ukuroha kwawe vyaduze bigashika mu matwi yanje+.Ata gukeka nzoshira ingobe yanje mu zuru ryawe n’imijiginya hagati y’iminwa yawe+,Nzogusubiza inyuma koko ngucishije mu nzira wazananye+.”
30 “‘Iki ni co kizokubera ikimenyetso: Uwu mwaka bazorya ku bizomera ku dutete twakorotse+, mu mwaka ugira kabiri na ho barye intete zimejeje; mugabo mu mwaka ugira gatatu, muze mubibe imbuto maze mushwabure, muze muteragire imirima y’imizabibu maze murye ivyamye muri yo+.
31 Abazorokoka mu nzu ya Yuda, abazosigara+, ata gukeka bazoshora imizi munsi maze bame ivyamwa hejuru+.
32 Kuko amasigarira azosohoka avuye i Yeruzalemu+, n’abarokotse bave ku musozi Siyoni+. Umwete nyene wa Yehova nyen’ingabo uzobikora+.
33 “‘Yehova avuze rero ku vyerekeye umwami wa Ashuri+ ati: “Ntazokwinjira muri iki gisagara+ canke ngo aharase umwampi canke ngo ahahange n’inkinzo canke ngo aharundire igikuta co kuhasugereza+.”’
34 “‘Inzira yazananye ni yo azocamwo mu gusubira inyuma, mugabo ntazokwinjira muri iki gisagara,’ ni ko Yehova avuze+.
35 ‘Nzorwanira koko+ iki gisagara kugira ngo ndagikize ku bwanje+ no ku bwa Dawidi umusavyi wanje+.’”
36 Hanyuma umumarayika+ wa Yehova arasohoka maze asasika ingabo ibihumbi ijana na mirongo umunani na bitanu mw’ikambi y’Abashuri+. Abantu bavyutse kare mu gitondo, erega, basanga bose bapfuye, ari imivyimba+.
37 Nuko Senakeribu+ umwami wa Ashuri afata inzira aragenda, asubira inyuma+, maze aba i Ninewe+.
38 Maze igihe yariko arunama mu nzu ya Nisiroki+ imana yiwe+, Adarameleki na Shareseri, abahungu biwe, bamwicisha inkota+ hanyuma bahungira mu gihugu ca Ararati+. Nuko Esari-hadoni+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.