Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yesaya 36:1-22

36  Nuko mu mwaka ugira cumi na kane w’Umwami Hezekiya, Senakeribu+ umwami wa Ashuri+ aduga gutera ibisagara vyose vya Yuda bikingijwe ibihome, arabifata+.  Maze umwami wa Ashuri arateba arungika Rabushake+, ava i Lakishi+ aja i Yeruzalemu+, ku Mwami Hezekiya, ari kumwe n’inteko za gisirikare nyinshi, ahagarara iruhande y’umugende+ w’ikidengeri co haruguru+, ku nzira y’ikirari y’itongo ry’umumesuzi+.  Maze haza kuri we Eliyakimu+ mwene Hilikiya, uwagaba urugo, na Shebuna+ umunyamabanga na Yowa+ mwene Asafu+ umukarani+.  Rabushake ababwira rero ati: “Ndabinginze mubwire Hezekiya muti: ‘Ibi ni vyo umwami ahambaye+, umwami wa Ashuri+, avuze: “Ico cizigiro wizigiye ni nyabaki+?  Wavuze (mugabo ni akarimi gusa) uti: ‘Ndafise impanuro n’inkomezi ku bw’intambara+.’ None wizigiye nde, aho wangararije+?  Raba! Wizigiye gushigikirwa n’iryo renga rijanjaguwe+, ari ryo Misiri+, iryo umuntu aramutse aryishimikije, ryokwinjira koko mu kiganza ciwe, rikagitobekeranya. Ukwo ni ko Farawo+ umwami wa Misiri ameze ku bamwizigira bose+.  Niwambwira na ho ngo: ‘Yehova Imana yacu ni we twizigiye,’ mbega si we nyen’ibibanza bikirurutse+ na nyen’ibicaniro Hezekiya yakuyeho+, akabwira Yuda na Yeruzalemu ati: ‘Imbere y’iki gicaniro ni ho muzokwunama+’?”’  None rero ndakwinginze, utsibe+ n’umukama wanje umwami wa Ashuri+; reka nguhe amafarasi ibihumbi bibiri turabe ko woshobora kuyashirako abayagenderako+.  None wewe woshobora gute gusubiza inyuma buramatari umwe gusa wo mu basuku b’umukama wanje+ bo hanyuma y’abandi, kandi wizigira Misiri kubera imikogote no kubera abagendera ku mafarasi+? 10  Ugira ngo naduze gutera iki gihugu kugira ngo ndagihonye ata ruhusha ruvuye kuri Yehova mfise? Yehova ubwiwe ni we yambwiye+ ati: ‘Duga utere ico gihugu, ugihonye+.’” 11  Eliyakimu+ na Shebuna+ na Yowa+ baca babwira Rabushake+ bati: “Turakwinginze uvugane n’abasuku bawe mu rurimi rw’igisiriya+, turumva; ntuvugane natwe mu rurimi rw’Abayuda+ mu matwi y’abantu bari ku ruhome+.” 12  Mugabo Rabushake avuga ati: “Mbega umukama wawe na wewe ni bo umukama wanje yantumyeko kubwira ayo majambo? None ntiyantumye kuri abo bagabo bicaye ku ruhome, kugira barye umwanda wabo mukuru banywe n’umwanda wabo mutoyi hamwe namwe+?” 13  Rabushake aguma ahagaze+ yongera asemerera n’ijwi rirenga mu rurimi rw’Abayuda+; nuko abandanya kuvuga ati: “Nimwumve amajambo y’umwami ahambaye, umwami wa Ashuri+. 14  Ibi ni vyo umwami avuze: ‘Hezekiya ntabahende+, kuko adashobora kubarokora+. 15  Kandi Hezekiya ntatume mwizigira Yehova+, mu kuvuga ngo: “Yehova ntazobura kuturokora+. Iki gisagara ntikizotangwa mu kuboko kw’umwami wa Ashuri+.” 16  Ntimwumvirize Hezekiya; kuko umwami wa Ashuri avuze ati: “Nimwiyoroshe imbere yanje+, musohoke muze aho ndi, maze umwe wese arye ku muzabibu wiwe kandi umwe wese arye ku giti c’umusukoni ciwe+ kandi umwe wese anywe amazi yo mw’itangi ryiwe+, 17  gushika nje nkabatwara koko mu gihugu kimeze nk’igihugu canyu+, igihugu c’intete n’umuvinyu mushasha, igihugu c’umukate n’imirima y’imizabibu; 18  kugira ngo Hezekiya ntabahendahende+ ngo: ‘Yehova ubwiwe azoturokora.’ Mbega imwimwe yose mu mana z’amahanga, yoba yarigeze kurokora igihugu cayo mu kuboko kw’umwami wa Ashuri+? 19  Imana za Hamati+ na Arupadi+ ziri hehe? Imana za Sefaruvayimu+ ziri hehe? Zoba zararokoye Samariya mu kuboko kwanje+? 20  Mu mana zose z’ibi bihugu, ni izihe zarokoye ibihugu vyazo mu kuboko kwanje+, ku buryo Yehova yorokora Yeruzalemu mu kuboko kwanje+?”’” 21  Baguma bacereje, ntihagira ijambo bamwishura+, kuko umwami yari yategetse ati: “Ntimumwishure+.” 22  Mugabo Eliyakimu+ mwene Hilikiya, uwagaba urugo+, na Shebuna+ umunyamabanga, na Yowa+ mwene Asafu umukarani, baza aho Hezekiya ari batantamuye impuzu zabo+ baraheza bamwiganira amajambo ya Rabushake+.

Amakuru yiyongereye