Yesaya 34:1-17

34  Nimwegere, mwa mahanga, mwumve+; namwe miryango y’amahanga+, nimutege yompi. Isi n’ibiyuzuye nivyumvirize+, ubutaka bwimbuka+ n’umwimbu wabwo wose+.  Kuko Yehova afitiye uburakari amahanga yose+, akagirira n’ubushangashirwe ingabo zayo zose+. Azotegerezwa kubatikiza; azotegerezwa kubatanga bakeragurwe+.  Abagandaguwe babo bazotabwa hanze; nayo imivyimba yabo, umuduhu wayo uzoduga+; kandi imisozi izotegerezwa gushonga kubera amaraso yabo+.  Kandi abo mu ngabo zo mu majuru bose bazotegerezwa kubora+. Amajuru azotegerezwa kuzingazingwa+, nka kurya kw’umuzingo w’igitabu; kandi ingabo zabo zose zizokabirana, nka kurya amababi akabirana agakoroka ava ku muzabibu, nka kurya insukoni ikabiranye ikoroka iva ku giti c’umusukoni+.  “Kuko mu majuru inkota+ yanje izojobekwa koko. Raba! Izomanuka kuri Edomu+, no ku bantu nahebeye gutikizwa+ mu butungane.  Yehova arafise inkota; itegerezwa kwuzuzwa amaraso+; itegerezwa gukíma kubera ikinure, kubera amaraso y’impfizi z’intama z’imikangara n’amasuguru y’impene, kubera ikinure+ c’amafyigo y’impfizi z’intama. Kuko Yehova afise ikimazi i Bozira, n’ikeragura rikomeye mu gihugu ca Edomu+.  Kandi amashūri y’amanyeshamba+ ategerezwa kumanukana na vyo, n’ibimasa bimanukane n’ibikomeye+; kandi igihugu cabo kizojobekwa n’amaraso, n’umukungugu wabo uzokima kubera ikinure+.”  Kuko Yehova afise umusi w’ukwihora+, umwaka wo gutanga agahembo ku bijanye n’urubanza rwa Siyoni+.  Inzuzi z’isumo ziwe zitegerezwa guhindurwa ikaburimbo y’irenda, umukungugu wiwe na wo amazuku; igihugu ciwe gitegerezwa gucika nk’ikaburimbo y’irenda yaka+. 10  Haba mw’ijoro canke ku murango, ntizozima; umwotsi wayo uzoguma uduga gushika igihe kitagira urugero+. Kuva kw’iyaruka uja ku rindi, azogaduka+; gushika ibihe bitazoshira, nta wuzorengana aciye iwe+. 11  Emwe, ikinyoni ntamayuruzi be n’ikinyogoto bizohigarurira+, kandi ibihuna vy’amatwi maremare n’ibikona ni vyo bizohibera; kandi azoramvurira hejuru yiwe ikamba yo gupimisha+ y’ahagaragara n’amabuye y’igiharabuga. 12  Abanyacubahiro biwe—nta n’umwe ahari bazohamagara ngo aje ku ngoma, kandi abaganwa biwe bazocika ubusa bose+. 13  Ku minara yiwe yo kubamwo hazomera amahwa, ibisuru n’ivyatsi vy’amahwa bimere mu bibanza vyiwe bikingijwe ibihome+; kandi azocika ahantu imbwebwe ziba+, ikigo c’ibinyoni vyitwa imbuni+. 14  Ingenzi zama mu turere tugadutse zizohura n’ibikoko biboroga, mbere n’idayimoni isa n’impene+ izohamagara mugenzi wayo. Egome, aho ni ho ya nyoni Rushorera izokwiraramira, yironkere ahantu h’ukuruhukira+. 15  Aho ni ho inzoka y’umwampi yaritse icari cayo igata n’amagi, kandi izoyabundikira iyegeranirize munsi y’igitutu cayo. Egome, aho ni ho ibibakabaka+ bizokoranira, kimwe cose n’ikigenzi caco. 16  Nimwironderere mu gitabu+ ca Yehova, musome n’ijwi ryumvikana: nta na kimwe muri vyo cabuze+; mu vy’ukuri ntibibura kugira kimwe cose ikigenzi caco, kuko akanwa ka Yehova ari ko katanze itegeko+, kandi impwemu yiwe ni yo yavyegeranije+. 17  Ni we yabapfindiye ubupfindo, kandi ukuboko kwiwe kwarabagabanganije ikibanza hakoreshejwe ikamba yo gupimisha+. Bazocigarurira bakigabe gushika igihe kitagira urugero; bazociberamwo uko iyaruka rikurikira irindi.

Utujambo tw'epfo