Yesaya 33:1-24

33  Uragowe wewe unyaga kandi ubwawe utanyagwa, nawe uhemuka kandi abandi bataguhemukiye+! Ukirangiza kunyaga, uzonyagwa+. Ugiheza guhemuka, bazoguhemukira+.  Ewe Yehova, tugirire ubutoni+! Ni wewe twizigiye+. Nutubere ukuboko+ buri gitondo+, egome, utubere ubukiriro mu gihe c’amarushwa+.  Ibisata vy’abantu vyarahunze vyumvise ijwi ry’uruyogoyogo+. Warahagurutse amahanga arashwiragira+.  Isahu+ ryanyu rizokwegeranywa koko nka kumwe kw’inyenzi igihe zegeranya, nk’igitero c’amarumbu y’inzige giteye umuntu+.  Yehova ntazobura gushirwa hejuru+, kuko yibera iyo hejuru+. Emwe, azokwuzuza Siyoni ubutungane n’ubugororotsi+.  Kandi ubwizigirwa bw’ibihe vyawe buzoba ubukiriro umukimba+—ubukerebutsi n’ubumenyi+, ugutinya Yehova+, akaba ari ryo tunga ryiwe.  Raba! Abahizi babo baborogeye mw’ibarabara; intumwa z’amahoro+ zizorira zibogoze.  Inzira z’ibirari zagizwe umusaka+; nta wugihita aciye mu munyuro+. Yarenze kw’isezerano+; yakengereye ibisagara+; ntiyitayeho umuntu buntu+.  Igihugu cagandaye, cakabiranye+. Libani yariye ivyatsi+; yasangutse. Sharoni+ yacitse nk’ikiyaya c’ubugaragwa; Bashani na Karumeli biriko birikunkumura amababi yavyo+. 10  “Ubu ngira mpaguruke+,” ni ko Yehova avuga, “ubu ngira nishire hejuru+; ubu ngira niduze+. 11  Musama inda y’ivyatsi vyumye+; muzovyara ibishakara. Impwemu yanyu izobarigata+ nk’umuriro+. 12  Ibisata vy’abantu bizobwirizwa gucika nk’ukwaka kw’ishwagara. Kurya kw’amahwa atemwe, bazotongozwa umuriro+. 13  Nimwumve, mwebwe abari kure, ico ntegerezwa gukora+! Mumenye, mwebwe abari hafi, ubushobozi bwanje+. 14  Muri Siyoni, abacumuzi batekewe n’ubwoba+; ugususumira kwacakiye abahuni+: ‘Ni nde muri twebwe yobana akanya na gatoyi n’umuriro urigata+? Ni nde muri twebwe yobana akanya na gatoyi n’ukururumba kw’igihe kirekire+?’ 15  “Hari umuntu agendera mu bugororotsi budahengeshanya+ kandi akavuga ibigororotse+, aterekwa inyungu y’akarenganyo iva ku bubeshi+, akunkumura amaboko yiwe ngo ntiyakire igiturire+, yiziba ugutwi ngo ntiyumvirize ivy’ugusesa amaraso, akihuma amaso ngo ntabone ikibi+. 16  Ni we azokwibera iyo hejuru+; ahantu hiwe hakirurutse hatagira inkomanzi hazoba ahantu h’urutare hagoye gushika+. Umukate wiwe azowuhabwa koko+; ikigega ciwe c’amazi ntikizokama+.” 17  Umwami mu bwiza bwiwe ni we amaso yawe azokwitegereza+; azobona igihugu ca kure+. 18  Umutima wawe uzogira ico uvuze mw’ijwi ritoyi+ ku kintu c’agacavutu, uti: “Umunyamabanga ari hehe? Uwuriha ari hehe+? Uwuharura iminara ari hehe+?” 19  Nta gisata kitisonera uzobona, igisata c’ururimi rugoye cane gutahura, c’ururimi rugigimiza udategera+. 20  Itegereze Siyoni+, ca gisagara c’ibihe vyacu vy’imisi mikuru+! Amaso yawe azokwibonera Yeruzalemu ahantu ho kuba hatagira inkomanzi, ihema ata n’umwe azotekera+. Imambo zaryo ntizizokwigera zirandurwa, kandi nta n’umwe mu migozi yaryo uzocibwa+. 21  Mugabo ng’aho, Umwe w’agakomeye+, Yehova, azotubera ahantu h’inzuzi+, h’imigende yagutse. Nta mato y’ingafe azohagendagenda, kandi nta meri y’agakomeye izohaca. 22  Kuko Yehova ari we Mucamanza+ wacu, Yehova ni we adushingira ivyagezwe+, Yehova ni we Mwami wacu+; ubwiwe azodukiza+. 23  Imigozi yawe izorēkēra; inkingi yabo y’ubwato ntibazoyigumiza ihagaze; ntibashanje ihema ry’ubwato. Ico gihe mbere isahu rizogabanganywa ku bwinshi; abacumbagira bazotwara isahu rinini+. 24  Kandi nta wuhaba azovuga ngo: “Ndarwaye+.” Abantu baba mu gihugu bazoba bahariwe ikosa ryabo+.

Utujambo tw'epfo