Yesaya 32:1-20
32 Raba! Umwami+ azoganza ku bw’ubugororotsi+; nayo abaganwa+, bazotwara nk’abaganwa ku bw’ubutungane.
2 Kandi umwe wese azotegerezwa kuba nk’ubwikingo bw’umuyaga be n’ubwihisho bw’ikirura c’imvura+, nk’imigezi y’amazi mu gihugu kigadutse+, nk’igitutu c’urutare ruremereye mu ntara irushe+.
3 Amaso y’ababona ntazomatanywa, kandi amatwi y’abumva azokwumviriza+.
4 Umutima w’abihutagiza uzorimbūra ubumenyi+, mbere n’ururimi rw’abagigimiza ruzotebuka mu kuvuga ibintu bitomoye+.
5 Umuntu w’imburabwenge ntazoba acitwa umutanzi; nayo umuntu atagendera ingingo, ntazovugwa ko ari umunyacubahiro+;
6 kuko umuntu w’imburabwenge azovuga gusa ibitagiramwo ubwenge+, kandi umutima wiwe uzokora ibintu bibabaza+, ku bwo gukora ivy’ubuhuni+ no kuvuga kuri Yehova ibigoramye, ku bwo gutuma inda y’uwushonje isigara igaragara+; kandi atuma n’uwunyotewe abura ico anywa.
7 Nayo umuntu atagendera ingingo, ibikoresho vyiwe ni bibi+; yiyumviriye gukora ivy’ubushirasoni*+, gusavya abarushwa n’amajambo y’ibinyoma+, mbere n’iyo umworo avuze ibigororotse.
8 Nayo umutanzi, ivy’ubutanzi ni vyo yiyumviriye; kandi ivy’ubutanzi ni vyo azohaguruka ngo aburanire+.
9 “Yemwe bagore mwitekaniye, haguruke, mwumvirize ijwi ryanje+! Yemwe bakobwa ata co munezwe, nimutege ugutwi ijambo ryanje!
10 Mu mwaka n’imisi mikeyi, mwebwe bantu ata co munezwe muzohagarika umutima+, kuko isoroma ry’inzabibu rizoba ryarangiye mugabo ntihagire iyegeranya ry’ivyamwa rihaba+.
11 Jugumire, yemwe bagore mwitekaniye! Hagarike umutima, yemwe bantu mutagira ico munezwe! Nimwiyambure impuzu mube gusa, mukenyere igunira mu kiyunguyungu+.
12 Nimwikubitagure ku gikiriza mwiyuha iryosozi+ kubera amatongo y’igikundiro+, kubera umuzabibu wama ivyamwa.
13 Ku butaka bw’abantu banje hamera gusa amahwa, ibisaka bihanda+, kuko biri ku mazu yose y’umwigino, egome, ku gisagara cishwe n’akamwemwe+.
14 Kuko umunara wo kubamwo ubwawo watawe+, uruyogoyogo rw’igisagara rwahebwe; Ofeli+ be n’umunara w’inderetsi ubwavyo vyacitse amatongo y’agahinga, bicika umwigino w’imparage igihe kitagira urugero, uburagiriro bw’amasho;
15 gushika dusutsweko impwemu ivuye iyo hejuru+, n’agahinga kakazoba kacitse umurima w’ivyamwa, na nya murima w’ivyamwa ugafatwa nk’ikibira nyaco+.
16 “Kandi mu gahinga ni ho ubutungane buzokwibera koko, mu murima w’ivyamwa na ho hibere ubugororotsi+.
17 Igikorwa c’ubugororotsi nyakuri kizotegerezwa gucika amahoro+; umurimo w’ubugororotsi nyakuri na wo ucike impore n’umutekano gushika igihe kitagira urugero+.
18 Kandi abantu banje bazokwibera ahantu h’amahoro no mu bigo bitekanye rwose n’ahantu h’ukuruhukira hatagira inkomanzi+.
19 Hazogwa koko urubura ikibira nicamanuka+ n’igisagara kikaja hasi, kigacishwa bugufi+.
20 “Murahiriwe mwebwe mubiba imbuto ku nkengera y’amazi yose+, mukarekura ibirenge vy’ishūri n’indogobwa+.”
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.