Yesaya 31:1-9
31 Baragowe abamanuka mu Misiri kurondera imfashanyo+, abishimira amafarasi gusa+, bagashira ivyizigiro vyabo mu mikogote y’intambara+, kuko ari myinshi, no mu mafarasi y’imbangutsi, kuko ari ay’inkomezi nyinshi, mugabo batahanze amaso wa Mweranda wa Isirayeli kandi ntibarondere Yehova ubwiwe+.
2 Na we nyene ni inkerebutsi+ kandi azozana icago+, kandi ntiyasubije inyuma amajambo yiwe+; ntazobura guhagurukira inzu y’inkozi z’ikibi+ be n’imfashanyo ironderwa n’abakora ibintu bibabaza+.
3 Yamara Abanyamisiri ni abantu bakuwe mw’ivu+, si Imana; amafarasi yabo ni inyama+, si impwemu. Kandi Yehova ubwiwe azoramvura ukuboko kwiwe, uwufasha atsitare, uwufashwa na we atembe+, kandi ico gihe nyene bazorangira bose uko bangana.
4 Kuko ibi ari vyo Yehova ambwiye: “Nk’uko intambwe, mbere intambwe y’umukangara y’umugāra+, igwangwarira ku co yacakiye, iyo ihamagariwe igitigiri cuzuye c’abungere, ntiterwe ubwoba n’ijwi ryabo kandi ntiteshwe n’urwamo rwabo, ni ko Yehova nyen’ingabo azomanuka kurwana intambara kubera umusozi Siyoni no kubera umurambi wawo+.
5 Kurya kw’inyoni ziguruka, ni ko Yehova nyen’ingabo azorwanira Yeruzalemu+. Azoharwanira, anaharokore koko+. Azohaziguriza, mbere aharokore.”
6 “Nimugaruke+ ku Wo bene Isirayeli bagararije bagashika kure mu mugararizo wabo+.
7 Kuko kuri uwo musi bazota umwe wese imana ziwe zitagira akamaro z’ifeza be n’imana ziwe ata co zimaze z’inzahabu+, izo amaboko yanyu yabakoreye bikaba igicumuro+.
8 Umwashuri azotegerezwa kugwishwa n’inkota, atari iy’umuntu; kandi inkota atari iy’umuntu yakuwe mw’ivu, ni yo izomurigata+. Azotegerezwa guhunga kubera inkota, kandi abasore biwe bazoba ab’ibikorwa vy’agahato.
9 Urutare rwiwe ruzovaho kubera ugucika ivutu, kandi kubera ca kimenyetso+ abaganwa biwe bazotegerezwa gutekerwa n’ubwoba,” ni ko Yehova avuze, umwe umuco wiwe uri i Siyoni, itanure+ ryiwe na ryo i Yeruzalemu.