Yesaya 27:1-13
27 Kuri uwo musi, Yehova+ akoresheje inkota yiwe igumye+, ihambaye kandi ikomeye, azokwitaho ivya Lewiyatani+, ya nzoka inyerera+, emwe, Lewiyatani, ya nzoka ihetaraye, kandi ntazobura kwica ca gikoko amahero+ co mu kiyaga cibereye mu kiyaga.
2 Kuri uwo musi muririmbire uwo mugore+ yemwe, muti: “Ewe murima w’imizabibu+ w’umuvinyu ubimba ifuro!
3 Jewe Yehova, ndamuzigama+. Umwanya wose, nzomunywesha+. Kugira ntihagire uwumugirira nabi, nzomuzigama mbere ijoro n’umurango+.
4 Nta bushangashirwe mfise+. Ni nde azompa ibisaka vy’amahwa+ n’ivyatsi bibi mu rugamba? Ivyo ni vyo nzohonyora. Ivyo ni vyo nzoshirako umuriro icarimwe+.
5 Ahandiho nafate igihome canje gikomeye, agiranire amahoro nanje; amahoro nayagiranire nanje+.”
6 Mu misi izoza Yakobo azoshora imizi, Isirayeli+ azoshurika anage koko; kandi ntibazobura kwuzuza umwimbu uburinganire bw’ubutaka bwimbuka+.
7 Mbega umuntu abwirizwa kumukubita nk’aho akoresheje inkoni y’uwumukubita? Canke, mbega abwirizwa kwicwa nk’uwicishijwe ugukererwa kw’abishwe biwe+?
8 Uzonigana na we ushizeko akaruru gateye ubwoba igihe uzomurungika. Azobwirizwa kumwirukana akoresheje uguhuhuta kw’impemu ziwe, kumwe gukaze, ku musi w’umuyaga wo mu buseruko+.
9 Ukwo rero ni ko ikosa rya Yakobo rizohongerwa+, kandi ico ni co camwa cose niyakuraho igicumuro ciwe+, niyafata amabuye yose y’igicaniro akayagira nk’amabuye y’ingwa yavungaguwe, ku buryo ibikingi vyeranda+ be n’ibishirwako imibavu bitazovyuka+.
10 Kuko igisagara gikingijwe ibihome kizoba inyakamwe, itongo ry’uburagiriro rigatabwa, rigahebwa nk’agahinga+. Aho ni ho inyana izorisha, kandi ni ho izoryama; kandi azoyigiza koko amashami yiwe+.
11 Udushami twiwe nitwuma, abagore bazoza bazotuvuna, batudomeke+. Kuko atari igisata gifise ugutegera gukarishe+. Ni co gituma Uwagihinguye ata mbabazi azokigirira, kandi Umubumvyi waco nta butoni azokigirira+.
12 Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi: Yehova azokubita ivyamwa+, guhera ku mugezi utemba wa rwa Ruzi+ gushika ku mwonga wa Misiri+, kandi ni ko namwe ubwanyu muzonobagurwa kamwekamwe+, yemwe bene Isirayeli.
13 Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi: hazovuzwa inzamba ihambaye+, kandi abariko barayogera mu gihugu ca Ashuri+ be n’abashwiragijwe mu gihugu ca Misiri+, bazoza koko bunamire+ Yehova ku musozi mweranda i Yeruzalemu+.