Yesaya 27:1-13

27  Kuri uwo musi, Yehova+ akoresheje inkota yiwe igumye+, ihambaye kandi ikomeye, azokwitaho ivya Lewiyatani+, ya nzoka inyerera+, emwe, Lewiyatani, ya nzoka ihetaraye, kandi ntazobura kwica ca gikoko amahero+ co mu kiyaga cibereye mu kiyaga.  Kuri uwo musi muririmbire uwo mugore+ yemwe, muti: “Ewe murima w’imizabibu+ w’umuvinyu ubimba ifuro!  Jewe Yehova, ndamuzigama+. Umwanya wose, nzomunywesha+. Kugira ntihagire uwumugirira nabi, nzomuzigama mbere ijoro n’umurango+.  Nta bushangashirwe mfise+. Ni nde azompa ibisaka vy’amahwa+ n’ivyatsi bibi mu rugamba? Ivyo ni vyo nzohonyora. Ivyo ni vyo nzoshirako umuriro icarimwe+.  Ahandiho nafate igihome canje gikomeye, agiranire amahoro nanje; amahoro nayagiranire nanje+.”  Mu misi izoza Yakobo azoshora imizi, Isirayeli+ azoshurika anage koko; kandi ntibazobura kwuzuza umwimbu uburinganire bw’ubutaka bwimbuka+.  Mbega umuntu abwirizwa kumukubita nk’aho akoresheje inkoni y’uwumukubita? Canke, mbega abwirizwa kwicwa nk’uwicishijwe ugukererwa kw’abishwe biwe+?  Uzonigana na we ushizeko akaruru gateye ubwoba igihe uzomurungika. Azobwirizwa kumwirukana akoresheje uguhuhuta kw’impemu ziwe, kumwe gukaze, ku musi w’umuyaga wo mu buseruko+.  Ukwo rero ni ko ikosa rya Yakobo rizohongerwa+, kandi ico ni co camwa cose niyakuraho igicumuro ciwe+, niyafata amabuye yose y’igicaniro akayagira nk’amabuye y’ingwa yavungaguwe, ku buryo ibikingi vyeranda+ be n’ibishirwako imibavu bitazovyuka+. 10  Kuko igisagara gikingijwe ibihome kizoba inyakamwe, itongo ry’uburagiriro rigatabwa, rigahebwa nk’agahinga+. Aho ni ho inyana izorisha, kandi ni ho izoryama; kandi azoyigiza koko amashami yiwe+. 11  Udushami twiwe nitwuma, abagore bazoza bazotuvuna, batudomeke+. Kuko atari igisata gifise ugutegera gukarishe+. Ni co gituma Uwagihinguye ata mbabazi azokigirira, kandi Umubumvyi waco nta butoni azokigirira+. 12  Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi: Yehova azokubita ivyamwa+, guhera ku mugezi utemba wa rwa Ruzi+ gushika ku mwonga wa Misiri+, kandi ni ko namwe ubwanyu muzonobagurwa kamwekamwe+, yemwe bene Isirayeli. 13  Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi: hazovuzwa inzamba ihambaye+, kandi abariko barayogera mu gihugu ca Ashuri+ be n’abashwiragijwe mu gihugu ca Misiri+, bazoza koko bunamire+ Yehova ku musozi mweranda i Yeruzalemu+.

Utujambo tw'epfo