Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yesaya 26:1-21

26  Kuri uwo musi+ uru ruririmbo ruzoririmbwa+ mu gihugu ca Yuda+: “Dufise igisagara gikomeye+. Ashiraho ubukiriro ngo bube impome n’igikuta+.  Nimwugurure amarembo+ yemwe, ihanga rigororotse rigumya ingendo y’ubwizigirwa ryinjire+.  Agatima gashigikiwe neza uzokazigama mu mahoro arama+, kuko umuntu ari wewe yizigira+.  Nimwizigire Yehova+ ibihe vyose, kuko Ya* Yehova ari we Gitandara+ c’ibihe bitagira urugero.  “Kuko yasenyuriye hasi ababa ahakirurutse+, igisagara kidugijwe hejuru+. Agishira hasi, agishira hasi gushika kw’isi; agikoza ku mukungugu+.  Ikirenge kizogikandagira, ikirenge c’umurushwa, intambuko z’abantu batobato+.”  Umunyuro w’umugororotsi ni ukugororoka+. Kubera ko wewe ugororotse, uzosena inzira y’umugororotsi+.  Egome, ku bijanye n’umunyuro w’imanza zawe ga Yehova, twarakwizigiye+. Umutima wacu wipfuje+ izina ryawe n’icibutso cawe+.  Narakwipfuje n’umutima wanje mw’ijoro+; egome, nguma nkurondera n’umushaha wanje muri jewe+; kuko, nihaba imanza zivuye iwawe ku bw’isi+, ubugororotsi+ ni bwo ababa ku butaka bwimbuka bazokwiga+. 10  Naho umubisha yogirirwa ubutoni, ntazogenda yize ubugororotsi+. Mu gihugu c’ukugororoka azokora ivy’akarenganyo+, kandi ntazobona ubukuru bwa Yehova+. 11  Ewe Yehova, ukuboko kwawe kwabaye ugukirurutse+, mugabo ntibakwitegereza+. Bazovyitegereza bamaramare+ nibabona umwete ufitiye abantu bawe. Egome, umuriro+ ugenewe abarwanizi bawe uzobarigata. 12  Ewe Yehova, uzoca urubanza rwo kuturonsa amahoro+, kuko n’ibikorwa vyacu vyose wabishikije ku bwacu+. 13  Ewe Yehova Mana yacu, abandi batware kiretse wewe bigize abatugaba+. Tubihawe na wewe ni ho gusa tuzovuga izina ryawe+. 14  Barapfuye; ntibazobaho+. Nta co bashoboye mu rupfu+, ntibazovyuka+. Waritayeho rero ivyabo kugira ngo ubazimanganye, ubatikize ntibabe bakivugwa na gato+. 15  Wongereje ihanga; ewe Yehova, wongereje ihanga+; wininahaje+. Washikanye kure imipaka yose y’igihugu+. 16  Ewe Yehova, mu marushwa baritayeho ivyawe+; barasutse urwongoshwe rw’isengesho igihe wabatoza indero+. 17  Kurya umugore yibungenze yegereza ukwibaruka, akagira ububabare bw’ibise, akaboroga mu misonga yiwe y’ukwibaruka, ni ko twabaye kubera wewe, Yehova we+! 18  Twaribungenze, twaragize ububabare bw’ibise+; ni nk’aho twibarutse umuyaga. Nta bukiriro nyakuri dushitsa ku bijanye n’igihugu+, kandi nta bantu bo kuba ku butaka bwimbuka bavuka+. 19  “Abapfuye bawe bazobaho+. Ikiziga canje—bazovyuka+. Ikangure mwihe akamo k’umunezero, yemwe ababa mu mukungugu+! Kuko ikime+ canyu ari nk’ikime c’uduti tw’imyora+, kandi isi izorekura barya ata co bashoboye mu rupfu bavuke+. 20  “Genda, wa gisata canje, winjire mu vyumba vyawe, wugare imiryango yawe inyuma yawe+. Niwinyegeze akanya gatoyi gusa gushika imisibo irenganye+. 21  Kuko, ehe Yehova araje avuye ahantu hiwe ngo abaze uwuba mu gihugu ikosa ryiwe, aryishure+; kandi igihugu kizobwirizwa gushira ku kabarore amaraso yahasheshwe+, kandi ntikizosubira gupfuka abishwe baco+.”

Amakuru yiyongereye

“Ya” ni impfunyapfunyo y’izina “Yehova.”