Yesaya 25:1-12
25 Ewe Yehova, uri Imana yanje+. Ndagushira hejuru+, ndahaya izina ryawe+, kuko wakoze ibintu vy’agatangaza+, impanuro+ zo kuva mu bihe vya kera, mu bwizigirwa+, mu bwizerwa+.
2 Kuko igisagara wagihinduye ikirundo c’amabuye, igisagara gikingijwe ibihome ugihindura ibihomvagurike bivungagurika, umunara wo kubamwo w’ab’ahandi utuma utaba igisagara, kandi ntikizosubira kwubakwa mbere gushika igihe kitagira urugero+.
3 Ni co gituma abagize igisata gikomeye bazokuninahaza; igisagara c’amahanga atwaza umukazo kizogutinya+.
4 Kuko wabereye igihome gikomeye umuntu mutoyi, ubera igihome gikomeye umworo mu marushwa afise+, ubuhungiro bwo kwikinga ikirura c’imvura, igitutu+ co kwikinga ubushuhe, igihe uguhuhuta kw’impemu z’abatwaza umukazo kumeze nk’ikirura c’imvura cisuka ku ruhome.
5 Kurya kw’ubushuhe mu gihugu kigadutse, urwamo rw’ab’ahandi urarucuvya, ubushuhe ukabukuzaho igitutu c’igicu+. Agahibongozo k’abatwaza umukazo karadegera+.
6 Kandi kuri uyu musozi+, Yehova nyen’ingabo azotegurira ibisata vy’abantu vyose+ inzimano y’ivyibo birunze amavuta akwiye+, inzimano y’umuvinyu baretse ukirēka ku rutere, y’ivyibo birunze amavuta akwiye vyuzuye umusokoro+, y’umuvinyu+ baretse ukirēka ku rutere, umiminye+.
7 Kandi kuri uyu musozi ntazobura kumira igitwikiro gitwikiriye ibisata vyose vy’abantu+, n’ikijishano kijishiwe ku mahanga yose.
8 Emwe, urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe bidahera+, kandi Umukama Segaba Yehova azohanagura koko amosozi mu maso ha bose+. Kandi iceyi c’abantu biwe azogikuraho kw’isi yose+, kuko Yehova ubwiwe abivuze.
9 Kandi kuri uwo musi umuntu ntazobura kuvuga ati: “Raba! Iyi ni yo Mana yacu+. Twarayizigiye+, kandi izodukiza+. Uyu ni Yehova+. Twaramwizigiye. Tunezererwe ubukiriro atanga, tubuhimbarirwe+.”
10 Kuko ukuboko kwa Yehova kuzocumbika kuri uyu musozi+, kandi Mowabu izohonyangirwa hasi+ ahantu hayo nk’igihe ikirundo c’ibikumbi gihonyangirwa hasi ahantu h’intabire+.
11 Kandi azobwirizwa gukubita amaboko yiwe hagati muri co* nk’igihe uwoga ayakubita mu kwoga, kandi azobwirizwa gushira hasi ubwibone+ bwaco akoresheje ibimenyetso vy’amayeri vy’amaboko yiwe.
12 Kandi igisagara gikingijwe ibihome, kumwe n’ibihome birebire vyawe vy’umutekano, azobwirizwa kubisenyurira hasi; azobwirizwa kugishira hasi, agikoze kw’isi, gushika ku mukungugu+.
Utujambo tw'epfo
^ Ni ukuvuga “Mowabu.”