Yesaya 24:1-23

24  Raba! Yehova agira acuranure igihugu akigire igiharabuga+, kandi yagoramitse mu maso haco+, asanzaza abakibamwo+.  Kandi bizoba cokimwe ku bantu no ku muherezi, cokimwe ku musavyi no kuri shebuja, cokimwe ku musukukazi no kuri inabuja, cokimwe ku muguzi no ku wugurisha, cokimwe ku wugurana no ku wuguranwa, cokimwe ku wuhabwa inyungu no ku wuyitanga+.  Ata kabuza, igihugu kizocuranurwa, kandi ata kabuza kizosahurwa+, kuko Yehova ubwiwe avuze iryo jambo+.  Igihugu cagiye mu kigandaro+, cayamye. Ubutaka bwimbuka bwakabiranye, bwayamye. Abo hejuru mu banyagihugu bakabiranye+.  Kandi igihugu cahumanijwe munsi y’abakibamwo+, kuko barenze amategeko+, bahinduye ingingo nyobozi+, barenze kw’isezerano+ ryamaho igihe kitagira urugero.  Ni co gituma umuvumo warigase igihugu+, kandi abakibamwo baharurwako icaha. Ni co gituma ababa mu gihugu bagabanutse igitigiri, kandi abantu buntu basigaye ni bake cane+.  Umuvinyu mushasha wagiye mu kigandaro, umuzabibu wakabiranye+, abahimbawe mu mutima bose bagiye mu miniho+.  Umwigino w’utugoma waheze, urwamo rw’abishwe n’akamwemwe rwahagaze, umwigino w’inanga waheze+.  Banywa umuvinyu ata ruririmbo; inzoga iboreza icika umururazi ku bayinywa. 10  Igisagara catawe kirasenyuwe+; inzu zose zugawe, nta winjira. 11  Hari amaborogo mu mabarabara kubera ubukene bw’umuvinyu. Umunezero wose wahise; umwigino w’igihugu wahafashe+. 12  Mu gisagara hasigaye ari akajoreza; irembo ryajanjaguwe risigara ari ikirundo gusa c’ibisenyagurike+. 13  Kuko ukwo ari ko bizomera hagati mu gihugu, hagati mu bisata vy’abantu, nk’ugukubita igiti c’umwelayo+, nk’ugutorora igihe iyegeranya ry’inzabibu ryarangiye+. 14  Ubwabo bazoduza ijwi, bihe akamo k’umunezero. Mu bukuru bwa Yehova, bazokwaniriza koko akamo kuva ku kiyaga+. 15  Ni co gituma mu karere k’umuco+ bategerezwa kuninahaza Yehova+, mu mazinga y’ikiyaga baninahaze izina rya Yehova+, Imana ya Isirayeli. 16  Hari uduhibongozo twumvise kuva ku mpera y’igihugu+, ngo: “Ikirezi ku Mugororotsi+!” Mugabo mvuga nti: “Ndi uw’umunanu+, ndi uw’umunanu! Ewe jewe ndagowe! Ibihemu vyahemutse+. Mbere mu buhemu, ibihemu vyahemutse+.” 17  Ubwoba n’umwobo n’umutego biri kuri wewe, wewe uba mu gihugu+. 18  Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba: uwo wese ahungishwa no kwumva urwamo rw’igiteye ubwoba azogwa mu mwobo, uwuzoduga avuye mu mwobo na we afatwe n’umutego+. Kuko ingomero z’iyo hejuru zitazobura kwugururwa+, imishinge y’igihugu na yo igatigita+. 19  Igihugu casāvye koko, igihugu canyigangijwe koko, igihugu cadandabagiranijwe koko+. 20  Igihugu kigenda koko cicako nk’imborerwa, kigahungabanywa nk’akaruri k’irerekero+. Ikigabitanyo caco cakiremereye+, kandi gitegerezwa kugwa, ku buryo kitazokwongera kuvyuka+. 21  Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi: Yehova azokwitaho ivy’ingabo zo hejuru iyo hejuru, n’ivy’abami b’ubutaka ku butaka+. 22  Kandi bazokoranywa nk’uko imbohe zikoranirizwa mu cobo+, bugaranirwe mu gasho+; kandi inyuma y’imisi myinshi bazokwitabwaho+. 23  Ukwezi kw’igisyo kwariye ivyatsi, na rya zuba rirurumba ryamaramaye+, kuko Yehova nyen’ingabo acitse umwami+ ku musozi Siyoni+ n’i Yeruzalemu n’imbere y’abantu biwe b’abahumure, mu buninahazwa+.

Utujambo tw'epfo