Yesaya 23:1-18
23 Ijambo ryamenyeshejwe kuri Tiro+: Nimuboroge, mwa meri z’i Tarushishi+! Kuko hanyazwe ntihasubire kuba ikivuko, ntihasubire kuba aho kwinjira+. Babihishuriwe bivuye mu gihugu ca Kitimu+.
2 Nimucereze, yemwe ababa mu gihugu co ku nkengera y’amazi! Abadandaza b’i Sidoni+, abajabuka ikiyaga—barakwuzuye.
3 Kandi ku mazi menshi habaye imbuto y’i Shihori+, umwimbu wa Nili, ivyo yinjiza; kandi vyacitse inyungu y’amahanga+.
4 Maramara, Sidoni+ we! Kuko ikiyaga, ewe gihome gikomeye c’ikiyaga, cavuze giti: “Sinagize ububabare bwo kwibaruka, kandi sinibarutse, eka sinareze abasore, sinakujije abigeme b’isugi+.”
5 Nko kuri ya nkuru yerekeye Misiri+, ni ko abantu bazogira ububabare bukaze ku nkuru ya Tiro+.
6 Nimujabuke mushike i Tarushishi; nimuboroge, yemwe ababa mu gihugu co ku nkengera y’amazi!
7 Mbega iki ni ca gisagara canyu camye cigina kuva mu misi ya kera, kuva mu bihe vyaco vya mbere? Ibirenge vyaco vyahora bigishikana kure ngo cibereyo ari kavamahanga.
8 Ni nde yafatiye iyo ngingo+ Tiro, wa mutanzi w’ingori, abadandaza biwe bakaba bari abaganwa, abacuruza biwe bakaba bari abantu b’iteka bo kw’isi+?
9 Yehova nyen’ingabo ubwiwe ni we yafashe iyo ngingo+, kugira ngo ubwishime bw’ubwiza bwose buhumanywe+, kugira ngo abantu b’iteka bo kw’isi bakengerwe+.
10 Jabuka igihugu cawe nk’uruzi Nili, ewe mukobwa wa Tarushishi+! Nta kibanza c’imeri kikiriho+.
11 Yaramvuye ukuboko kwiwe hejuru y’ikiyaga; yateye ubwami guhagarika umutima+. Yehova ubwiwe yatanze itegeko kuri Fenisiya, ngo ibihome vyayo bikomeye bisenyagurwe+.
12 Kandi avuga ati: “Ntuzopfa usubiye kwigina+, ewe mpahazwa, mukobwa w’isugi wa Sidoni+! Haguruka, ujabuke ushike i Kitimu+. Mbere no ng’aho nta karuhuko uzoronka.”
13 Raba! Igihugu c’Abakaludaya+. Ico ni co gisata—si Ashuri+—ni bo bahagize ah’ingenzi zama mu bugaragwa+. Bahagaritse iminara yabo y’ugusugereza+; bakovye iminara yaho yo kubamwo, isigara iri amenya+; hagizwe ibihomvagurike bivungagurika+.
14 Boroge, mwa meri z’i Tarushishi, kuko igihome gikomeye canyu kinyazwe+.
15 Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi: Tiro izobwirizwa kwibagirwa imyaka mirongo irindwi+, nk’imisi y’umwami umwe. Imyaka mirongo irindwi niyahera, Tiro bizoyigendera nka kurya kwo mu ruririmbo rw’umumaraya:
16 “Tora inanga, uzunguruke igisagara, ewe mumaraya yibagiwe+! Basha umurya; gwiza indirimbo zawe, ubone kwibukwa.”
17 Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba imyaka mirongo irindwi niyahera: Yehova azokwitaho ivya Tiro, isubire ku ngero yayo+, ikorane ubumaraya n’ubwami bwose bwo mw’isi ku buringanire bw’ubutaka+.
18 Kandi inyungu yayo n’ingero+ yayo bizocika ikintu ceranda kuri Yehova. Ntibizorundanywa canke ngo bibikwe, kuko ingero yayo izoba iy’ababa imbere ya Yehova+, kugira ngo barye bahage, bambare baberwe+.