Yesaya 23:1-18

23  Ijambo ryamenyeshejwe kuri Tiro+: Nimuboroge, mwa meri z’i Tarushishi+! Kuko hanyazwe ntihasubire kuba ikivuko, ntihasubire kuba aho kwinjira+. Babihishuriwe bivuye mu gihugu ca Kitimu+.  Nimucereze, yemwe ababa mu gihugu co ku nkengera y’amazi! Abadandaza b’i Sidoni+, abajabuka ikiyaga—barakwuzuye.  Kandi ku mazi menshi habaye imbuto y’i Shihori+, umwimbu wa Nili, ivyo yinjiza; kandi vyacitse inyungu y’amahanga+.  Maramara, Sidoni+ we! Kuko ikiyaga, ewe gihome gikomeye c’ikiyaga, cavuze giti: “Sinagize ububabare bwo kwibaruka, kandi sinibarutse, eka sinareze abasore, sinakujije abigeme b’isugi+.”  Nko kuri ya nkuru yerekeye Misiri+, ni ko abantu bazogira ububabare bukaze ku nkuru ya Tiro+.  Nimujabuke mushike i Tarushishi; nimuboroge, yemwe ababa mu gihugu co ku nkengera y’amazi!  Mbega iki ni ca gisagara canyu camye cigina kuva mu misi ya kera, kuva mu bihe vyaco vya mbere? Ibirenge vyaco vyahora bigishikana kure ngo cibereyo ari kavamahanga.  Ni nde yafatiye iyo ngingo+ Tiro, wa mutanzi w’ingori, abadandaza biwe bakaba bari abaganwa, abacuruza biwe bakaba bari abantu b’iteka bo kw’isi+?  Yehova nyen’ingabo ubwiwe ni we yafashe iyo ngingo+, kugira ngo ubwishime bw’ubwiza bwose buhumanywe+, kugira ngo abantu b’iteka bo kw’isi bakengerwe+. 10  Jabuka igihugu cawe nk’uruzi Nili, ewe mukobwa wa Tarushishi+! Nta kibanza c’imeri kikiriho+. 11  Yaramvuye ukuboko kwiwe hejuru y’ikiyaga; yateye ubwami guhagarika umutima+. Yehova ubwiwe yatanze itegeko kuri Fenisiya, ngo ibihome vyayo bikomeye bisenyagurwe+. 12  Kandi avuga ati: “Ntuzopfa usubiye kwigina+, ewe mpahazwa, mukobwa w’isugi wa Sidoni+! Haguruka, ujabuke ushike i Kitimu+. Mbere no ng’aho nta karuhuko uzoronka.” 13  Raba! Igihugu c’Abakaludaya+. Ico ni co gisata—si Ashuri+—ni bo bahagize ah’ingenzi zama mu bugaragwa+. Bahagaritse iminara yabo y’ugusugereza+; bakovye iminara yaho yo kubamwo, isigara iri amenya+; hagizwe ibihomvagurike bivungagurika+. 14  Boroge, mwa meri z’i Tarushishi, kuko igihome gikomeye canyu kinyazwe+. 15  Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi: Tiro izobwirizwa kwibagirwa imyaka mirongo irindwi+, nk’imisi y’umwami umwe. Imyaka mirongo irindwi niyahera, Tiro bizoyigendera nka kurya kwo mu ruririmbo rw’umumaraya: 16  “Tora inanga, uzunguruke igisagara, ewe mumaraya yibagiwe+! Basha umurya; gwiza indirimbo zawe, ubone kwibukwa.” 17  Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba imyaka mirongo irindwi niyahera: Yehova azokwitaho ivya Tiro, isubire ku ngero yayo+, ikorane ubumaraya n’ubwami bwose bwo mw’isi ku buringanire bw’ubutaka+. 18  Kandi inyungu yayo n’ingero+ yayo bizocika ikintu ceranda kuri Yehova. Ntibizorundanywa canke ngo bibikwe, kuko ingero yayo izoba iy’ababa imbere ya Yehova+, kugira ngo barye bahage, bambare baberwe+.

Utujambo tw'epfo