Yesaya 21:1-17
21 Ijambo ryamenyeshejwe ku bijanye n’agahinga k’ikiyaga+: Kurya kw’imiyaga y’ikirura+ mu bumanuko mu gushishikara ija imbere, biraje bivuye mu gahinga, bivuye mu gihugu giteye ubwoba+.
2 Hari iyerekwa rikomeye+ nabwiwe: Umuhemu arahemuka, umusahuzi na we agasahura+. Duga, Elamu we! Sugereza, Bumedi we+! Ukuniha kwose ateza nakurangije+.
3 Ni co gituma amafyinga yanje yuzuye ububabare bukaze+. Ukwigonyonzora kurancakiye, nk’ukwigonyonzora kw’umugore ariko yibaruka+. Nātaye umutwe ku buryo ntumva; nahagaritse umutima ku buryo ntabona.
4 Umutima wanje wayerereye; uguhinda agashitsi kwanteye ubwoba. Agahwibi ntahora mvirira kampindukiye ukujugumira+.
5 Imeza nitegurwe, ikibanza c’ivyicaro gitunganywe, abantu barye, banywe+! Haguruke mwa baganwa+, murobanuze inkinzo amavuta*+!
6 Kuko ibi ari vyo Yehova ambwiye:
“Genda, ushireho umureretsi kugira avuge ivyo abona+.”
7 Maze abona umukogote w’intambara ukwegwa n’amafarasi abiri y’imbangutsi, umukogote w’intambara ukwegwa n’indogobwa, umukogote w’intambara ukwegwa n’ingamiya. Aritegereza yitonze, adakoma n’urugohe.
8 Maze asemerera nk’intambwe+ ati: “Ku munara w’inderetsi, ewe Yehova, ni ho nama mpagaze ku murango, kandi ku kirindiro canje ni ho nshibama amajoro yose+.
9 Kandi ehe haje umukogote w’intambara w’abantu, ukwegwa n’amafarasi abiri y’imbangutsi+!”
Maze atangura kuvuga ati: “Yatemvye! Babiloni yatemvye+, kandi ibishusho bibajwe vyose vy’imana ziwe yabimenaguriye hasi+!”
10 Yemwe bantu banje bakubiswe nk’intete, mwana w’imbuga yanje y’ikubitiro+, ivyo numvanye Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, nabibamenyesheje.
11 Ijambo ryamenyeshejwe kuri Duma: Hari uwumpamagara ari i Seyiri+, ati: “Yewe nderetsi, ijoro riri gute? Yewe nderetsi, ijoro riri gute+?”
12 Inderetsi ivuga iti: “Igitondo kibwirizwa kuza, be n’ijoro nyene. Nimba hari ico mubaza, baze. Muragaruke!”
13 Ijambo ryamenyeshejwe ku bijanye n’ikiyaya c’ubugaragwa: Mu kibira, mu kiyaya c’ubugaragwa, ni ho muzorara, mwa migwi y’ingenzi y’abantu b’i Dedani+!
14 Nimuzane amazi gusanganira uwunyotewe. Yemwe ababa mu gihugu ca Tema+, nimwakirize umukate uwuhunze.
15 Kuko bahunze kubera inkota, kubera inkota isokoye, no kubera umuheto ufoye, no kubera uburemere bw’intambara.
16 Kuko ibi ari vyo Yehova ambwiye: “Hasigaye umwaka umwe, nk’uko imyaka y’umucangero iri+, ubuninahazwa bwose bwa Kedari+ bukarangira koko.
17 Kandi abasigaye mu gitigiri c’abanyamiheto, abagabo b’abanyenkomezi ba Kedari, bazosigara ari bakeyi+, kuko Yehova ubwiwe, Imana ya Isirayeli, abivuze+.”
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.