Yesaya 20:1-6

20  Mu mwaka Tarutani+ yaza i Ashidodi+, igihe Sarugoni umwami wa Ashuri yamutuma+, agatangura kurwanya Ashidodi akayifata+,  ico gihe Yehova avuga biciye kuri Yesaya mwene Amozi+, ati: “Genda+, kandi utegerezwa gutekurura igunira rikuve mu mafyinga+; kandi inkweto* zawe ukwiye kuzikura ku birenge vyawe+.” Nuko agira kuno, agendagenda ari gusa n’ibirenge bigaragara+.  Yehova abandanya kuvuga ati: “Nk’uko umusavyi wanje Yesaya yagendagenze imyaka itatu ari gusa n’ibirenge bigaragara, bwa kimenyetso+ n’imburizi kuri Misiri+ na Etiyopiya+,  ni ko umwami wa Ashuri azoshorera umugwi w’imbohe za Misiri+ n’abagizwe inyagano ba Etiyopiya, uduhungu n’abatama, abashorere bari gusa n’ibirenge bigaragara, n’ibibuno biri amenya, ubwambure bwa Misiri+.  Kandi bazotekerwa n’ubwoba bamaramare kubera Etiyopiya yo cizigiro bari bahanze amaso+, no kubera Misiri ubwiza bwabo+.  Kandi uwuba muri ico gihugu co ku nkengera y’amazi ntazobura kuvuga kuri uwo musi, ati: ‘Ng’ukwo ukuntu ca cizigiro twari duhanze amaso kimeze, ico twahungirako ngo kidufashe, kugira turokorwe kubera umwami wa Ashuri+! None twebwe tuzokira dute?’”

Utujambo tw'epfo

Canke, “amasandali.”