Yesaya 20:1-6
20 Mu mwaka Tarutani+ yaza i Ashidodi+, igihe Sarugoni umwami wa Ashuri yamutuma+, agatangura kurwanya Ashidodi akayifata+,
2 ico gihe Yehova avuga biciye kuri Yesaya mwene Amozi+, ati: “Genda+, kandi utegerezwa gutekurura igunira rikuve mu mafyinga+; kandi inkweto* zawe ukwiye kuzikura ku birenge vyawe+.” Nuko agira kuno, agendagenda ari gusa n’ibirenge bigaragara+.
3 Yehova abandanya kuvuga ati: “Nk’uko umusavyi wanje Yesaya yagendagenze imyaka itatu ari gusa n’ibirenge bigaragara, bwa kimenyetso+ n’imburizi kuri Misiri+ na Etiyopiya+,
4 ni ko umwami wa Ashuri azoshorera umugwi w’imbohe za Misiri+ n’abagizwe inyagano ba Etiyopiya, uduhungu n’abatama, abashorere bari gusa n’ibirenge bigaragara, n’ibibuno biri amenya, ubwambure bwa Misiri+.
5 Kandi bazotekerwa n’ubwoba bamaramare kubera Etiyopiya yo cizigiro bari bahanze amaso+, no kubera Misiri ubwiza bwabo+.
6 Kandi uwuba muri ico gihugu co ku nkengera y’amazi ntazobura kuvuga kuri uwo musi, ati: ‘Ng’ukwo ukuntu ca cizigiro twari duhanze amaso kimeze, ico twahungirako ngo kidufashe, kugira turokorwe kubera umwami wa Ashuri+! None twebwe tuzokira dute?’”
Utujambo tw'epfo
^ Canke, “amasandali.”