Yesaya 2:1-22
2 Ng’iki ikintu Yesaya mwene Amozi yabonye ku vyerekeye Yuda na Yeruzalemu+:
2 Ibi ni vyo bizotegerezwa kuba mu kiringo ca nyuma c’imisi+: umusozi w’inzu+ ya Yehova uzoshimangirwa hejuru y’isonga ry’imisozi+, emwe, uduzwe hejuru y’imirambi+; kandi amahanga yose azorindiga koko aja kuri wo+.
3 Ibisata vy’abantu vyinshi bizogenda koko, bivuge biti: “Nimuze+ tuduge ku musozi wa Yehova, ku nzu y’Imana ya Yakobo; izotwigisha inzira zayo, natwe tuzogendera mu minyuro yayo+.” Kuko i Siyoni hazova itegeko, n’i Yeruzalemu hakava ijambo rya Yehova+.
4 Kandi azoca imanza koko hagati mu mahanga+, agorore ibintu+ ku bijanye n’ibisata vy’abantu vyinshi+. Kandi inkota zabo bazobwirizwa kuzicuramwo ibirimisho, n’amacumu yabo bayacuremwo imihoro yo gututūra+. Nta hanga rizobangurira inkota irindi hanga, eka ntibazokwongera kwiga kurwana+.
5 Emwe bantu b’inzu ya Yakobo, nimuze tugendere mu muco wa Yehova+.
6 Kuko wahevye abantu bawe, inzu ya Yakobo+. Kuko basigaye buzuye ibiva mu Buseruko+, bakaba ari abanyamageza+ nk’Abafilisitiya, kandi bagwije abana b’abanyamahanga+.
7 Igihugu cabo cuzuye ifeza n’inzahabu, kandi amatunga yabo nta karimbi agira+. Igihugu cabo cuzuye amafarasi, kandi imikogote yabo nta karimbi igira+.
8 Kandi igihugu cabo cuzuye imana ata co zimaze+. Bunamira igikorwa c’amaboko y’umuntu, icakozwe n’intoke z’umuntu+.
9 Umuntu yakuwe mw’ivu arunama, umuntu akaja hasi, kandi ntiwoshobora kubaharira+.
10 Niwinjire mu gitandara, winyegeze mu mukungugu kubera inguvu ziteye ubwoba za Yehova, uhunge ubwiza bwakaka bw’ubukuru bwiwe+.
11 Amaso yibona y’umuntu yakuwe mw’ivu ategerezwa kuja hasi, n’ukwishira hejuru kw’abantu gutegerezwa kumanuka+; kandi Yehova wenyene ni we azotegerezwa gushirwa hejuru kuri uwo musi+.
12 Kuko ari umusi wa Yehova nyen’ingabo+. Uri ku muntu wese yinantaza kandi yishira hejuru, no ku muntu wese ari hejuru canke ari hasi+;
13 no ku masederi yose y’i Libani+ agereza hejuru kandi yidugije, no ku biti bisagaraye vyose vy’i Bashani+;
14 no ku misozi yose igereza hejuru no ku mirambi yose yidugije+;
15 no ku munara muremure wose no ku ruhome rwose rukomejwe+;
16 no ku meri z’i Tarushishi+ zose no ku mato ahimbaye yose.
17 Kandi ubwibone bw’umuntu yakuwe mw’ivu butegerezwa kumanuka, n’ukwishira hejuru kw’abantu gutegerezwa kuja hasi+; kandi Yehova wenyene ni we azotegerezwa gushirwa hejuru kuri uwo musi+.
18 Kandi imana ata co zimaze zizogenda amazimayongo+.
19 Kandi abantu bazokwinjira mu masenga y’ibitandara no mu binogo vyo mu mukungugu kubera inguvu ziteye ubwoba za Yehova, bahunge ubwiza bwakaka bw’ubukuru bwiwe+, niyahaguruka kugira ngo isi iranduke umutima+.
20 Kuri uwo musi umuntu yakuwe mw’ivu azoshiburira imbeba za mushushwe n’ubuhungarema imana ziwe zitagira akamaro z’ifeza, be n’imana ziwe ata co zimaze z’inzahabu bari bamuhinguriye ngo azunamire+,
21 kugira yinjire mu binogo vyo mu bitandara no mu migaga y’amabuye y’urutare, kubera inguvu ziteye ubwoba za Yehova, bahunge ubwiza bwakaka bw’ubukuru bwiwe+, niyahaguruka kugira ngo isi iranduke umutima.
22 Ku neza yanyu, nimuce kure umuntu yakuwe mw’ivu, umwe impemu ziwe ziri mu mazuru yiwe+; kuko, ni impamvu nki yotuma yiyumvirwa+?