Yesaya 19:1-25
19 Ijambo ryamenyeshejwe kuri Misiri+: Raba! Yehova ariko agendera ku gicu kinyaruka+ aza mu Misiri. Kandi imana ata co zimaze za Misiri ntizizobura kudegedwa kubera we+, kandi umutima wa Misiri uzoshongera hagati muri yo+.
2 “Kandi nzoshoreza umuhunda Abanyamisiri barwanye Abanyamisiri, umwe wese arwanye koko mwene wabo, umwe wese arwanye mugenziwe, igisagara kirwanye ikindi, ubwami burwanye ubundi+.
3 Emwe, umutima wa Misiri uzozazanirwa hagati muri yo+, kandi nzovurunganya ingingo yayo+. Kandi ntibazobura kwitura imana ata co zimaze+, n’abagosi, n’abavugana n’ibiremwa vy’impwemu be n’abagize umwuga ukubura ibizoba+.
4 Kandi nzogabura Misiri mu kuboko kw’umutware akaze, kandi umwami azobaganza azoba uwukomeye+,” ni ko Umukama w’ukuri, Yehova nyen’ingabo, avuze.
5 Amazi ntazobura gukama mu kiyaga, n’uruzi ruzogaduka, rwume koko+.
6 Inzuzi zizobwirizwa kuduhuka; imigende ya Nili ya Misiri izobwirizwa guhōka, igaduke+. Irenga+ n’urukangaga bizobwirizwa gusanguka.
7 Ibiharabuga vy’iruhande y’uruzi Nili, ku munwa w’uruzi Nili, n’imirima yose itewemwo imbuto y’uruzi Nili, bizokwuma+. Bizokukumurwa koko, kandi ntibizokwongera kubaho.
8 Abarovyi bazobwirizwa kuboroga, kandi abaterera amagera mu ruzi Nili bose ntibazobura guserura agahinda, mbere n’abasanza ku buringanire bw’amazi insenga zo kuroba, ntibazobura kuyama+.
9 Kandi abakozi bakora mu vy’ubugwegwe bw’ilino*+ ikūvye bazotegerezwa kumaramara, mbere n’abajishi b’impuzu bajisha ibitambara vyera.
10 N’abajishi+ biwe bazotegerezwa kujanjagurwa, abacangero bose bicwe n’intuntu mu mutima.
11 Abaganwa ba Zowani+ ni ibipfu koko. Nayo inkerebutsi zo mu bajanama ba Farawo, impanuro yabo ni ikintu kitagiramwo ubwenge+. Mbega muzobwira gute Farawo ngo: “Ndi umwana w’abantu b’inkerebutsi, umwana w’abami bo mu gihe ca kera”?
12 None bari hehe, ba bantu b’inkerebutsi bawe+, ngo bakubwire ubu, kandi ngo bamenye ico Yehova nyen’ingabo yashinze ku vyerekeye Misiri+?
13 Abaganwa ba Zowani bakoze ivy’ubupfu+, abaganwa ba Nofu+ bahenzwe, abakurubakuru+ b’imiryango yiwe batumye Misiri iyerera.
14 Yehova ubwiwe yavanganije muri we impwemu y’ukubura iyo uja n’iyo uva+; kandi bayerereje Misiri mu gikorwa cayo cose, nk’uko imborerwa idandabagirana mu bidahwe vyayo+.
15 Kandi Misiri ntizogira igikorwa na kimwe gishobora gukorwa n’umutwe canke umurizo, umuvyaro canke urukangaga+.
16 Kuri uwo musi Misiri izomera nk’abagore, kandi izojugumira+ koko igire ubwoba kubera ukuzungagizwa kw’ukuboko kwa Yehova nyen’ingabo, ukwo ariko arayizungagiriza+.
17 Kandi ubutaka bwa Yuda buzobera Misiri imvo y’ukugira ibizunguzungu+. Uwo wese abibwiwe arumva ubwoba kubera ingingo Yehova nyen’ingabo yamufatiye+.
18 Kuri uwo musi hazoba ibisagara bitanu mu gihugu ca Misiri+ bivuga ururimi rw’i Kanani+ kandi birahira+ Yehova nyen’ingabo. Igisagara kimwe kizokwitwa Igisagara c’Isenyura.
19 Kuri uwo musi hazoba igicaniro ca Yehova hagati mu gihugu ca Misiri+, n’inkingi ya Yehova iruhande y’urubibe rwaco.
20 Kizoba ikimenyetso n’intahe kuri Yehova nyen’ingabo mu gihugu ca Misiri+; kuko bazoririra Yehova kubera abanyagahahazo+, na we azobarungikira umukiza, mbere ahambaye, azobarokora vy’ukuri+.
21 Kandi Yehova azomenyekana koko ku Banyamisiri+; Abanyamisiri bazotegerezwa kumenya Yehova kuri uwo musi, bashikane ikimazi n’ingabirano+, baraganire Yehova indagano kandi bayishitse+.
22 Yehova azokubita Misiri koko+. Hazoba ugukubita n’ugukiza+; kandi bazogaruka kuri Yehova+, na we azokunda bamwinginge, abakize+.
23 Kuri uwo musi hazoba inzira y’ikirari+ iva mu Misiri ija muri Ashuri, kandi Ashuri izoza koko mu Misiri, Misiri na yo muri Ashuri; kandi bizokora, Misiri kumwe na Ashuri.
24 Kuri uwo musi Isirayeli izoba iya gatatu kumwe na Misiri be na Ashuri+, ni ukuvuga umuhezagiro hagati mw’isi+,
25 kuko Yehova nyen’ingabo azoba yabahezagiye+, ati: “Hahezagirwe abantu banje, ari bo Misiri, n’igikorwa c’amaboko yanje, ari co Ashuri+, be n’intoranwa yanje, ari yo Isirayeli+.”
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.