Yesaya 19:1-25

19  Ijambo ryamenyeshejwe kuri Misiri+: Raba! Yehova ariko agendera ku gicu kinyaruka+ aza mu Misiri. Kandi imana ata co zimaze za Misiri ntizizobura kudegedwa kubera we+, kandi umutima wa Misiri uzoshongera hagati muri yo+.  “Kandi nzoshoreza umuhunda Abanyamisiri barwanye Abanyamisiri, umwe wese arwanye koko mwene wabo, umwe wese arwanye mugenziwe, igisagara kirwanye ikindi, ubwami burwanye ubundi+.  Emwe, umutima wa Misiri uzozazanirwa hagati muri yo+, kandi nzovurunganya ingingo yayo+. Kandi ntibazobura kwitura imana ata co zimaze+, n’abagosi, n’abavugana n’ibiremwa vy’impwemu be n’abagize umwuga ukubura ibizoba+.  Kandi nzogabura Misiri mu kuboko kw’umutware akaze, kandi umwami azobaganza azoba uwukomeye+,” ni ko Umukama w’ukuri, Yehova nyen’ingabo, avuze.  Amazi ntazobura gukama mu kiyaga, n’uruzi ruzogaduka, rwume koko+.  Inzuzi zizobwirizwa kuduhuka; imigende ya Nili ya Misiri izobwirizwa guhōka, igaduke+. Irenga+ n’urukangaga bizobwirizwa gusanguka.  Ibiharabuga vy’iruhande y’uruzi Nili, ku munwa w’uruzi Nili, n’imirima yose itewemwo imbuto y’uruzi Nili, bizokwuma+. Bizokukumurwa koko, kandi ntibizokwongera kubaho.  Abarovyi bazobwirizwa kuboroga, kandi abaterera amagera mu ruzi Nili bose ntibazobura guserura agahinda, mbere n’abasanza ku buringanire bw’amazi insenga zo kuroba, ntibazobura kuyama+.  Kandi abakozi bakora mu vy’ubugwegwe bw’ilino*+ ikūvye bazotegerezwa kumaramara, mbere n’abajishi b’impuzu bajisha ibitambara vyera. 10  N’abajishi+ biwe bazotegerezwa kujanjagurwa, abacangero bose bicwe n’intuntu mu mutima. 11  Abaganwa ba Zowani+ ni ibipfu koko. Nayo inkerebutsi zo mu bajanama ba Farawo, impanuro yabo ni ikintu kitagiramwo ubwenge+. Mbega muzobwira gute Farawo ngo: “Ndi umwana w’abantu b’inkerebutsi, umwana w’abami bo mu gihe ca kera”? 12  None bari hehe, ba bantu b’inkerebutsi bawe+, ngo bakubwire ubu, kandi ngo bamenye ico Yehova nyen’ingabo yashinze ku vyerekeye Misiri+? 13  Abaganwa ba Zowani bakoze ivy’ubupfu+, abaganwa ba Nofu+ bahenzwe, abakurubakuru+ b’imiryango yiwe batumye Misiri iyerera. 14  Yehova ubwiwe yavanganije muri we impwemu y’ukubura iyo uja n’iyo uva+; kandi bayerereje Misiri mu gikorwa cayo cose, nk’uko imborerwa idandabagirana mu bidahwe vyayo+. 15  Kandi Misiri ntizogira igikorwa na kimwe gishobora gukorwa n’umutwe canke umurizo, umuvyaro canke urukangaga+. 16  Kuri uwo musi Misiri izomera nk’abagore, kandi izojugumira+ koko igire ubwoba kubera ukuzungagizwa kw’ukuboko kwa Yehova nyen’ingabo, ukwo ariko arayizungagiriza+. 17  Kandi ubutaka bwa Yuda buzobera Misiri imvo y’ukugira ibizunguzungu+. Uwo wese abibwiwe arumva ubwoba kubera ingingo Yehova nyen’ingabo yamufatiye+. 18  Kuri uwo musi hazoba ibisagara bitanu mu gihugu ca Misiri+ bivuga ururimi rw’i Kanani+ kandi birahira+ Yehova nyen’ingabo. Igisagara kimwe kizokwitwa Igisagara c’Isenyura. 19  Kuri uwo musi hazoba igicaniro ca Yehova hagati mu gihugu ca Misiri+, n’inkingi ya Yehova iruhande y’urubibe rwaco. 20  Kizoba ikimenyetso n’intahe kuri Yehova nyen’ingabo mu gihugu ca Misiri+; kuko bazoririra Yehova kubera abanyagahahazo+, na we azobarungikira umukiza, mbere ahambaye, azobarokora vy’ukuri+. 21  Kandi Yehova azomenyekana koko ku Banyamisiri+; Abanyamisiri bazotegerezwa kumenya Yehova kuri uwo musi, bashikane ikimazi n’ingabirano+, baraganire Yehova indagano kandi bayishitse+. 22  Yehova azokubita Misiri koko+. Hazoba ugukubita n’ugukiza+; kandi bazogaruka kuri Yehova+, na we azokunda bamwinginge, abakize+. 23  Kuri uwo musi hazoba inzira y’ikirari+ iva mu Misiri ija muri Ashuri, kandi Ashuri izoza koko mu Misiri, Misiri na yo muri Ashuri; kandi bizokora, Misiri kumwe na Ashuri. 24  Kuri uwo musi Isirayeli izoba iya gatatu kumwe na Misiri be na Ashuri+, ni ukuvuga umuhezagiro hagati mw’isi+, 25  kuko Yehova nyen’ingabo azoba yabahezagiye+, ati: “Hahezagirwe abantu banje, ari bo Misiri, n’igikorwa c’amaboko yanje, ari co Ashuri+, be n’intoranwa yanje, ari yo Isirayeli+.”

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.