Yesaya 18:1-7

18  Ewe gihugu kiraho c’udukoko tuduma tw’amababa, kiri mu karere k’inzuzi za Etiyopiya+!  Ni co kirungika intumwa+ gikoresheje ikiyaga, gikoresheje kandi ivyombo vy’urufunzo ku buringanire bw’amazi, kiti: “Nimugende mwa ntumwa zinyaruka, muje kw’ihanga rirehutse kandi risenye, ku gisata gitera ubwoba hose, ihanga ry’inkomezi zidacika kandi rihonyangira hasi, ry’ubutaka bwakukumuwe n’inzuzi+.”  Yemwe mwese ababa ku butaka bwimbuka+ namwe ababa kw’isi: muzobona ikintu gitangaje nk’igihe hadugijwe ikimenyetso ku misozi+, kandi muzokwumva ijwi nk’igihe havugijwe inzamba+.  Kuko ibi ari vyo Yehova ambwiye: “Nzoguma ntekanye, ndabe ahantu hanje hashimangiwe+, nk’ubushuhe buca ibibatsi kumwe n’umuco+, nk’igicu c’ikime mu bushuhe bwo mw’iyimbura+.  Kuko imbere y’iyimbura, igihe ishurika rihwanye, n’ishurwe rigacika inzabibu iriko irasha, umuntu ategerezwa rero gucacura udushami n’imihoro yo gututūra, agategerezwa no gukurako uturandaranda, akabica+.  Bose hamwe bazoheberwa inyoni ihiga yo mu misozi n’igikoko co kw’isi+. Kandi inyoni ihiga izobimarako ici, n’igikoko cose co kw’isi kizobimarako igihe c’iyimbura+.  “Muri ico gihe Yehova nyen’ingabo azozanirwa ituro+, rivuye ku gisata c’abantu kirehutse kandi gisenye+, mbere rivuye ku gisata gitera ubwoba hose, ihanga ry’inkomezi zidacika kandi rihonyangira hasi, ry’ubutaka bwakukumuwe n’inzuzi, nya turo rije ahantu h’izina rya Yehova nyen’ingabo, umusozi Siyoni+.”

Utujambo tw'epfo