Yesaya 16:1-14

16  Nimurungike impfizi y’intama ku mutware w’igihugu+, ive i Sela igana agahinga, ije ku musozi w’umukobwa wa Siyoni+.  Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba: kurya kw’ikiremwa c’amababa kiriko kirahunga, cirukanywe mu cari caco+, ni ko abakobwa ba Mowabu bazomera, ku vyambu vya Arunoni+.  “Nimuzane impanuro, mushitse ingingo yafashwe+. “Igitutu canyu nimukigire nk’ijoro hagati y’umutaga+. Nimuhishe abashwiragiye+; ntimutange umuntu n’umwe ariko arahunga+.  Abashwiragiye banje nibibereho ari ba kavamahanga muri wewe, ewe Mowabu+! Nubabere ubwihisho kubera umunyazi+. Kuko umunyagahahazo ashitse kw’iherezo ryiwe; ubunyazi burarangiye; abakandagira abandi baraherengetejwe kw’isi+.  “Kandi, bigiranywe ubuntu bwuzuye urukundo, intebe y’ubwami ntizobura gushimangirwa+; kandi hari uwuzoyicarako mu kuri mw’ihema rya Dawidi+, aca imanza kandi akarondera ubutungane, abanguka mu vy’ubugororotsi+.”  Twarumvise ubwishime bwa Mowabu, yuko yishima cane+; ubwibone bwiwe n’ubwishime bwiwe n’uburake bwiwe+—amajambo yiwe agaragara si ko azomera+.  Mowabu izoborogera Mowabu; mbere yose izoboroga+. Abakubititse bazonihagira koko kubera udutsima tw’inzabibu zumye tw’i Kiri-hareseti+,  kuko imikobeko y’i Heshiboni+ ikabiranye. Umuzabibu wa Sibuma+—abagaba amahanga baciye amashami yawo atukuriye. Bari bashitse i Yazeri+; bari bayerereye mu gahinga. Imivyaro yawo yari yaretswe ngo yitagararire; bari barenganye gushika ku kiyaga.  Ni co gituma nzorira amarira ya Yazeri, ndizwa n’umuzabibu wa Sibuma+. Nzogutotesha amosozi yanje, ewe Heshiboni+ na Eleyale+, kuko akaruru kaguye mbere kw’ici ryawe no kw’iyimbura ryawe+. 10  Umunezero n’akanyamuneza vyakuwe mu murima w’ivyamwa; kandi mu mirima y’imizabibu nta kamo k’umunezero kariyo, nta karuru kahavuzwa+. Uwuganisha ibirenge aragana ntihagire umuvinyu uboneka mu nganiro+. Akaruru nagahagaritse+. 11  Ni co gituma ubura bwanje busebagirika nk’inanga kubera Mowabu+, hagati muri jewe na ho hagasebagirika kubera Kiri-hareseti+. 12  Maze biboneka ko Mowabu yarambiwe ku kibanza gikirurutse+; kandi yaje aheranda hiwe gusenga+, ntiyagira ico ashikako namba+. 13  Ng’iryo ijambo Yehova yavuze ku vyerekeye Mowabu kera. 14  Ubu na ho Yehova aravuze, ati: “Mu myaka itatu, nk’uko imyaka y’umucangero+ iri, ubuninahazwa+ bwa Mowabu butegerezwa rero kugirwa agaterasoni mu ntureka nyinshi y’ubwoko bwose, kandi abasigaye bazoba inkehwa ziri ku rushi, badakomeye+.”

Utujambo tw'epfo