Yesaya 15:1-9

15  Ijambo ryamenyeshejwe kuri Mowabu+: Kubera ko hanyazwe mw’ijoro, Ari+ h’i Mowabu hanumijwe. Kubera ko hanyazwe mw’ijoro, Kiri+ h’i Mowabu hanumijwe.  Yaduze kuri Ya Nzu be n’i Diboni+, ku bibanza bikirurutse, kuririrayo. Mowabu iraboroga kubera Nebo+ no kubera Medeba+. Ku mitwe yaho yose hari ubuhanza+; ubwanwa bwose buramowe.  Mu mabarabara yaho bakenyeye amagunira+. Ku bisenge+ vyaho no mu bibanza vya bose vyaho, abantu baho bose baraboroga, bakamanuka barira+.  Heshiboni na Eleyale+ birasemerera. Ijwi ryavyo ryumvikanye gushika i Yahazi+. Ni co gituma abantu bafise ibirwanisho ba Mowabu baguma bavuza akaruru. Umutima wiwe wahindiye agashitsi muri we.  Umutima wanje uririra Mowabu+. Abahunze baho barashika i Zowari+ n’i Egulati-shelishiya+. Kuko ku mudugo w’i Luhiti+, umwe wese awuduga arira; kuko ku nzira ija i Horonayimu+, baduza hejuru amaborogo ku vyerekeye ico cago.  Kuko amazi y’i Nimurimu+ acitse imisaka gusa. Kuko ivyatsi bitoto vyumye, ivyatsi birarangiye; nta cabaye gitoto+.  Ni co gituma amasigarira be n’ibintu vyabo bibitswe barunze, baguma babitwara bavyambukana umwonga w’ibiti vy’imyarava.  Kuko amaborogo yakwiye akarere kose ka Mowabu+. Ukwanaga kwaho kurashika i Egulayimu; ukwanaga kwaho kurashika i Beyeri-elimu,  kubera ko amazi y’i Dimoni asigaye yuzuye amaraso. Kuko kuri Dimoni nzohashira ibindi bintu, nk’intambwe, ndabishirireho abacitse kw’icumu ba Mowabu bacorotse, ndabishirireho n’amasigarira y’ubwo butaka+.

Utujambo tw'epfo