Yesaya 14:1-32

14  Kuko Yehova azogirira imbabazi Yakobo+, kandi n’ubundi ntazogenda adatoye Isirayeli+; azobaha vy’ukuri akaruhuko ku butaka bwabo+, kandi kavamahanga azokwungwa kuri bo, kandi bazokwifatanya n’inzu ya Yakobo+.  Kandi ibisata vy’abantu bizobatora bibazane ahantu habo, kandi inzu ya Isirayeli izobijanira bwa kintu bigabira ku butaka bwa Yehova, ari abasuku n’abasukukazi+; bazogira imbohe+ abari babagize imbohe, kandi bazoganza abahora babahindagiza ku bikorwa+.  Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba ku musi Yehova azoguha kuruhuka ububabare bwawe n’umudugararo wawe na bwa bushumba buruhije warimwo hamwe wari wagizwe umushumba+:  uzoshira hejuru iyi mvugo y’akagani ku mwami wa Babiloni, uti: “Ewe kuntu uwahora ahindagiza abandi ku bikorwa ageze aho ivyiwe bihagarara, agahahazo kagahagarara+!  Yehova avunye inkoni y’ababisha, ikibando c’abaganza+,  uwahora yama akubita inkoni ibisata vy’abantu n’uburake+, uwanesha amahanga n’ishavu n’akantu, akayahama uruhamo rutagira akarimbi+.  Isi yose iraruhutse+, ikize umudurumbanyo. Abantu bagize akamwemwe mu kwiha akamo k’umunezero+.  Mbere n’ibiti vy’imiberoshi+ na vyo nyene biranezerewe kubera wewe, amasederi y’i Libani, ngo: ‘Kuva aho uryamiye hasi, nta mwicizi w’ibiti+ aduga kutubangamira.’  “Mbere n’ukuzimu+ munsi kwanyiganyize kubera wewe ngo kugusanganire uje. Kubera wewe kwakanguye barya ata co bashoboye mu rupfu+, za ndongozi zo kw’isi zose zimeze nk’amasuguru y’impene+. Kwahagurukije abami bose b’amahanga bava ku ntebe zabo z’ubwami+. 10  Bose barafata ijambo bakakubwira bati: ‘Mbega nawe wagizwe goyigoyi nkatwe+? Wagizwe uwumeze nkatwe+? 11  Ubwishime bwawe bumanuwe mu kuzimu, rwa rwamo rw’ibicurarangisho vyawe vy’imirya+. Munsi yawe, inyo zishashe nk’uburiri; inyo ni zo wipfuka+.’ 12  “Ewe kuntu watibutse uvuye mw’ijuru+, wewe ukayangana, mwana w’umutwenzi! Ewe kuntu wiciwe ukagwa kw’isi+, wewe wahora umugaza amahanga+! 13  Nayo wewe, wavuze mu mutima wawe ngo: ‘Nzoduga nshike mw’ijuru+. Nzoduza intebe yanje y’ubwami+ hejuru y’inyenyeri+ z’Imana, kandi nzovyagira ku musozi w’ihuriro+, mu mihingo y’uburaruko iri kure kuruta iyindi+. 14  Nzoduga hejuru y’ibibanza bikirurutse* vyo mu bicu+; nzokwigira uwusa na Musumbavyose+.’ 15  “Yamara uzomanurwa mu kuzimu+, mu bice vya kure rwose vy’icobo+. 16  Abakubona bazokwitegereza; bazokwihweza bitonze, bavuge bati: ‘Mbega uyu ni wa muntu yahora ahagarika umutima isi, yahora atigitisha ubwami+, 17  yatuma ubutaka bwimbuka bucika nk’agahinga, agatembagaza ibisagara vyabwo+, ntiyugururire n’imbohe ziwe inzira itaha+?’ 18  Abami bose b’amahanga, egome, bose uko bangana, bariryamiye mu buninahazwa, umwe wese mu nzu yiwe+. 19  Mugabo wewe, warashibuwe utagira ikibanza co guhambwamwo+, nk’umunago wanswe urunuka, wambaye abantu bishwe, basogoswe inkota, bariko bamanuka gushika ku mabuye y’icobo+, nk’umuvyimba uhonyangirwa hasi+. 20  Ntuzoja hamwe na bo mu mva, kuko watikije igihugu cawe, ukica abantu bawe. Uruvyaro rw’inkozi z’ikibi ntiruzovugwa, gushika igihe kitagira urugero+. 21  “Nimutegure yemwe igiti co gukerererako abana biwe kubera ikosa rya ba sekuruza+, kugira ntibahaguruke ngo bigarurire isi, ubutaka bwimbuka bakabwuzuzako ibisagara+.” 22  “Kandi nzobahagurukira+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. “Kandi nzorandura muri Babiloni izina+ n’amasigarira n’umuryango n’uruvyaro+,” ni ko Yehova avuze. 23  “Kandi nzomugira icibare c’ibinyogoto n’ibidengeri vy’amazi vyuzuyeko amarenga, ndamukubuze umukubuzo w’agatikizo+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. 24  Yehova nyen’ingabo yarahiye+, ati: “Ni ukuri, nk’uko niyumviriye, ni ko bizotegerezwa kuba; kandi nk’uko nabishinze, ni vyo bizoranguka+, 25  kugira ngo mvune Umwashuri mu gihugu canje+, ndamuhonyangire hasi ku misozi yanje+; no kugira ngo ingǒgo yiwe ibaveko, n’umutwaro wiwe ubave ku rutugu+.” 26  Iyi ni yo ngingo ipfunditswe ku bwo guhasha isi yose, kandi uku ni kwo kuboko kuramvuriwe amahanga yose. 27  Kuko Yehova nyen’ingabo ubwiwe yabishinze+: none ni nde yobisambura+? Ukuboko kwiwe kuraramvuye: none ni nde yogusubiza inyuma+? 28  Mu mwaka Umwami Ahazi yapfa+, haje iri jambo: 29  “Ntunezerwe+, ewe Filisitiya+, habe n’umwe mu bo muri wewe, ngo ni uko ikibando c’uwagukubita kivunywe+. Kuko mu muzi w’inzoka+ hazosokorokamwo inzoka y’ubumara+, kandi icamwa cawo kizoba inzoka y’umuriro iguruka+. 30  Kandi imfura z’abantu batobato zizorya koko, n’aboro bazokwiryamira mu mutekano+. Umuzi wawe nzowicisha ikigoyi, ibisigarira vyawe na vyo vyicwe+. 31  Boroga, wa rembo we! Semerera wa gisagara we! Emwe, uzovunika umutima wewe wese, ewe Filisitiya! Kuko umwotsi uriko uzanana mu buraruko, kandi nta n’umwe akurwa mu ngabo ziwe zitonze imirongo+.” 32  None umuntu azokwishura iki intumwa+ z’iryo hanga? Yuko Yehova ubwiwe yashinze umushinge wa Siyoni+, be n’uko muri we ari ho abarushwa bo mu bantu biwe bazohungira.

Utujambo tw'epfo

 Raba Inyongera ya 21.