Yesaya 14:1-32
14 Kuko Yehova azogirira imbabazi Yakobo+, kandi n’ubundi ntazogenda adatoye Isirayeli+; azobaha vy’ukuri akaruhuko ku butaka bwabo+, kandi kavamahanga azokwungwa kuri bo, kandi bazokwifatanya n’inzu ya Yakobo+.
2 Kandi ibisata vy’abantu bizobatora bibazane ahantu habo, kandi inzu ya Isirayeli izobijanira bwa kintu bigabira ku butaka bwa Yehova, ari abasuku n’abasukukazi+; bazogira imbohe+ abari babagize imbohe, kandi bazoganza abahora babahindagiza ku bikorwa+.
3 Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba ku musi Yehova azoguha kuruhuka ububabare bwawe n’umudugararo wawe na bwa bushumba buruhije warimwo hamwe wari wagizwe umushumba+:
4 uzoshira hejuru iyi mvugo y’akagani ku mwami wa Babiloni, uti:
“Ewe kuntu uwahora ahindagiza abandi ku bikorwa ageze aho ivyiwe bihagarara, agahahazo kagahagarara+!
5 Yehova avunye inkoni y’ababisha, ikibando c’abaganza+,
6 uwahora yama akubita inkoni ibisata vy’abantu n’uburake+, uwanesha amahanga n’ishavu n’akantu, akayahama uruhamo rutagira akarimbi+.
7 Isi yose iraruhutse+, ikize umudurumbanyo. Abantu bagize akamwemwe mu kwiha akamo k’umunezero+.
8 Mbere n’ibiti vy’imiberoshi+ na vyo nyene biranezerewe kubera wewe, amasederi y’i Libani, ngo: ‘Kuva aho uryamiye hasi, nta mwicizi w’ibiti+ aduga kutubangamira.’
9 “Mbere n’ukuzimu+ munsi kwanyiganyize kubera wewe ngo kugusanganire uje. Kubera wewe kwakanguye barya ata co bashoboye mu rupfu+, za ndongozi zo kw’isi zose zimeze nk’amasuguru y’impene+. Kwahagurukije abami bose b’amahanga bava ku ntebe zabo z’ubwami+.
10 Bose barafata ijambo bakakubwira bati: ‘Mbega nawe wagizwe goyigoyi nkatwe+? Wagizwe uwumeze nkatwe+?
11 Ubwishime bwawe bumanuwe mu kuzimu, rwa rwamo rw’ibicurarangisho vyawe vy’imirya+. Munsi yawe, inyo zishashe nk’uburiri; inyo ni zo wipfuka+.’
12 “Ewe kuntu watibutse uvuye mw’ijuru+, wewe ukayangana, mwana w’umutwenzi! Ewe kuntu wiciwe ukagwa kw’isi+, wewe wahora umugaza amahanga+!
13 Nayo wewe, wavuze mu mutima wawe ngo: ‘Nzoduga nshike mw’ijuru+. Nzoduza intebe yanje y’ubwami+ hejuru y’inyenyeri+ z’Imana, kandi nzovyagira ku musozi w’ihuriro+, mu mihingo y’uburaruko iri kure kuruta iyindi+.
14 Nzoduga hejuru y’ibibanza bikirurutse* vyo mu bicu+; nzokwigira uwusa na Musumbavyose+.’
15 “Yamara uzomanurwa mu kuzimu+, mu bice vya kure rwose vy’icobo+.
16 Abakubona bazokwitegereza; bazokwihweza bitonze, bavuge bati: ‘Mbega uyu ni wa muntu yahora ahagarika umutima isi, yahora atigitisha ubwami+,
17 yatuma ubutaka bwimbuka bucika nk’agahinga, agatembagaza ibisagara vyabwo+, ntiyugururire n’imbohe ziwe inzira itaha+?’
18 Abami bose b’amahanga, egome, bose uko bangana, bariryamiye mu buninahazwa, umwe wese mu nzu yiwe+.
19 Mugabo wewe, warashibuwe utagira ikibanza co guhambwamwo+, nk’umunago wanswe urunuka, wambaye abantu bishwe, basogoswe inkota, bariko bamanuka gushika ku mabuye y’icobo+, nk’umuvyimba uhonyangirwa hasi+.
20 Ntuzoja hamwe na bo mu mva, kuko watikije igihugu cawe, ukica abantu bawe. Uruvyaro rw’inkozi z’ikibi ntiruzovugwa, gushika igihe kitagira urugero+.
21 “Nimutegure yemwe igiti co gukerererako abana biwe kubera ikosa rya ba sekuruza+, kugira ntibahaguruke ngo bigarurire isi, ubutaka bwimbuka bakabwuzuzako ibisagara+.”
22 “Kandi nzobahagurukira+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
“Kandi nzorandura muri Babiloni izina+ n’amasigarira n’umuryango n’uruvyaro+,” ni ko Yehova avuze.
23 “Kandi nzomugira icibare c’ibinyogoto n’ibidengeri vy’amazi vyuzuyeko amarenga, ndamukubuze umukubuzo w’agatikizo+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
24 Yehova nyen’ingabo yarahiye+, ati: “Ni ukuri, nk’uko niyumviriye, ni ko bizotegerezwa kuba; kandi nk’uko nabishinze, ni vyo bizoranguka+,
25 kugira ngo mvune Umwashuri mu gihugu canje+, ndamuhonyangire hasi ku misozi yanje+; no kugira ngo ingǒgo yiwe ibaveko, n’umutwaro wiwe ubave ku rutugu+.”
26 Iyi ni yo ngingo ipfunditswe ku bwo guhasha isi yose, kandi uku ni kwo kuboko kuramvuriwe amahanga yose.
27 Kuko Yehova nyen’ingabo ubwiwe yabishinze+: none ni nde yobisambura+? Ukuboko kwiwe kuraramvuye: none ni nde yogusubiza inyuma+?
28 Mu mwaka Umwami Ahazi yapfa+, haje iri jambo:
29 “Ntunezerwe+, ewe Filisitiya+, habe n’umwe mu bo muri wewe, ngo ni uko ikibando c’uwagukubita kivunywe+. Kuko mu muzi w’inzoka+ hazosokorokamwo inzoka y’ubumara+, kandi icamwa cawo kizoba inzoka y’umuriro iguruka+.
30 Kandi imfura z’abantu batobato zizorya koko, n’aboro bazokwiryamira mu mutekano+. Umuzi wawe nzowicisha ikigoyi, ibisigarira vyawe na vyo vyicwe+.
31 Boroga, wa rembo we! Semerera wa gisagara we! Emwe, uzovunika umutima wewe wese, ewe Filisitiya! Kuko umwotsi uriko uzanana mu buraruko, kandi nta n’umwe akurwa mu ngabo ziwe zitonze imirongo+.”
32 None umuntu azokwishura iki intumwa+ z’iryo hanga? Yuko Yehova ubwiwe yashinze umushinge wa Siyoni+, be n’uko muri we ari ho abarushwa bo mu bantu biwe bazohungira.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.