Yesaya 13:1-22

13  Ijambo ryamenyeshejwe kuri Babiloni+, iryo Yesaya mwene Amozi+ yabonye mu vyo yeretswe:  “Nimuduze ikimenyetso+ ku musozi w’ibitandara vyambaye ubusa. Nimubadugirize ijwi, muzungagize ukuboko+, kugira binjire mu marembo y’abanyacubahiro+.  Jewe nahaye itegeko abejejwe banje+. Nahamagaye kandi abanyenkomezi banje ku bwo guserura ishavu ryanje+, abantu banje baminuza mu kwigina.  Umve! Isinzi mu misozi, ikintu womengo ni igisata c’abantu benshi+! Umve! Intureka y’ubwami, y’amahanga akoraniye hamwe+! Yehova nyen’ingabo ariko yegeranya ingabo z’intambara+.  Bariko baza bava mu gihugu ca kure cane+, ku mpera y’amajuru, Yehova n’ibirwanisho vy’urubanza rwiwe, ku bwo gusavya isi yose+.  “Nimuboroge+, kuko umusi wa Yehova uri hafi+! Uzoza nk’ukunyaga kuvuye kuri Mushoboravyose+.  Ni co gituma amaboko yose azoregera*, n’umutima w’umuntu buntu wose ugashonga+.  Abantu bahagaritse umutima+. Ukwigonyonzora be n’ububabare bwo kwibaruka birabacakiye; bafise ububabare bw’ibise nk’umugore ariko yibaruka+. Bararabana bumiwe. Mu maso habo haratukuriye+.  “Raba! Umusi wa Yehova uriko uraza; ni ruburakigongwe kandi uzananye n’uburake be n’ishavu ryaka umuriro, kugira igihugu gicike akajoreza+, no kugira uzimanganye abacumuzi bo mu gihugu, bahone muri co+. 10  Kuko inyenyeri zo mu majuru n’uturundo twazo twa Kesili+ bitazoravya umuco wavyo; izuba rizocura umwiza koko rigiseruka, n’ukwezi ntikuzokayanganisha umuco wakwo. 11  Ubutaka bwimbuka nzobugarukanako vy’ukuri ububi bwabwo+, n’ikosa ry’ababisha ndaribagarukaneko. Kandi nzohagarika vy’ukuri ubwishime bw’abita imbere, n’ubwibone bw’intwazamukazo ndabushire hasi+. 12  Umuntu buntu nzomugira imbonekarimwe kuruta inzahabu ityoroye+, n’umuntu yakuwe mw’ivu kuruta inzahabu y’i Ofiri+. 13  Ni co gituma nzotera ijuru guhagarika umutima+, kandi isi izotigita ive ahayo ku burake bwa Yehova nyen’ingabo+ no ku musi w’ishavu ryiwe ryaka umuriro+. 14  Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba: nka kurya kw’ingeregere bahinze, na kurya kw’umukuku utagira uwuwegeranya+, ni ko bazohindukira, umwe wese aje ku bantu b’iwabo; kandi bazohunga, umwe wese ahungire mu gihugu ciwe+. 15  Uwuzobonwa wese azotobekeranywa, n’uwuzofatwa wese muri iryo kukumura azogwishwa n’inkota+; 16  kandi abana babo bazobasābiriza mu maso yabo+. Amazu yabo azosahurwa, n’abagore babo bashurashuzwe ku nguvu+. 17  “Ehe ngira ndabahagurukirize Abamedi+, bamwe bafata ifeza nk’aho ari ubusa, n’inzahabu ntibahimbare. 18  Imiheto yabo izomenagura n’imisore+. Kandi nta kigongwe bazogirira ivyamwa vy’inda+; nta kagongwe ijisho ryabo rizokwumvira abana. 19  Babiloni, ca kirezi c’ubwami+, bwa bwiza bw’ubwishime bw’Abakaludaya+, itegerezwa gucika nka ca gihe Imana yatembagaza Sodomu na Gomora+. 20  Nta wuzokwigera ahaba+, eka ntizogira aho iba, uko iyaruka rikurikira irindi+. Umwarabu ntazohashinga ihema, kandi nta bungere bazohavyagiza imikuku. 21  Emwe, ingenzi zama mu turere tugadutse zizohivyagirira, n’amazu yabo yuzure ibihuna vy’ubwoko bw’inkona+. Aho ni ho ibinyoni vyitwa imbuni bizokwibera, n’amadayimoni* asa n’impene ni ho azokwikinira amatavu+. 22  Imbwebwe zizobwejera mu minara yiwe yo kubamwo+, kandi ca kiyoka kinini kizoba mu birimba vy’uburyohe. Igihe ciwe kiri hafi kuza, kandi imisi yiwe ntizokwigizwa inyuma+.”

Utujambo tw'epfo

Ijambo ku rindi ni “azokoroka.”
Raba Inyongera ya 21.