Yesaya 13:1-22
13 Ijambo ryamenyeshejwe kuri Babiloni+, iryo Yesaya mwene Amozi+ yabonye mu vyo yeretswe:
2 “Nimuduze ikimenyetso+ ku musozi w’ibitandara vyambaye ubusa. Nimubadugirize ijwi, muzungagize ukuboko+, kugira binjire mu marembo y’abanyacubahiro+.
3 Jewe nahaye itegeko abejejwe banje+. Nahamagaye kandi abanyenkomezi banje ku bwo guserura ishavu ryanje+, abantu banje baminuza mu kwigina.
4 Umve! Isinzi mu misozi, ikintu womengo ni igisata c’abantu benshi+! Umve! Intureka y’ubwami, y’amahanga akoraniye hamwe+! Yehova nyen’ingabo ariko yegeranya ingabo z’intambara+.
5 Bariko baza bava mu gihugu ca kure cane+, ku mpera y’amajuru, Yehova n’ibirwanisho vy’urubanza rwiwe, ku bwo gusavya isi yose+.
6 “Nimuboroge+, kuko umusi wa Yehova uri hafi+! Uzoza nk’ukunyaga kuvuye kuri Mushoboravyose+.
7 Ni co gituma amaboko yose azoregera*, n’umutima w’umuntu buntu wose ugashonga+.
8 Abantu bahagaritse umutima+. Ukwigonyonzora be n’ububabare bwo kwibaruka birabacakiye; bafise ububabare bw’ibise nk’umugore ariko yibaruka+. Bararabana bumiwe. Mu maso habo haratukuriye+.
9 “Raba! Umusi wa Yehova uriko uraza; ni ruburakigongwe kandi uzananye n’uburake be n’ishavu ryaka umuriro, kugira igihugu gicike akajoreza+, no kugira uzimanganye abacumuzi bo mu gihugu, bahone muri co+.
10 Kuko inyenyeri zo mu majuru n’uturundo twazo twa Kesili+ bitazoravya umuco wavyo; izuba rizocura umwiza koko rigiseruka, n’ukwezi ntikuzokayanganisha umuco wakwo.
11 Ubutaka bwimbuka nzobugarukanako vy’ukuri ububi bwabwo+, n’ikosa ry’ababisha ndaribagarukaneko. Kandi nzohagarika vy’ukuri ubwishime bw’abita imbere, n’ubwibone bw’intwazamukazo ndabushire hasi+.
12 Umuntu buntu nzomugira imbonekarimwe kuruta inzahabu ityoroye+, n’umuntu yakuwe mw’ivu kuruta inzahabu y’i Ofiri+.
13 Ni co gituma nzotera ijuru guhagarika umutima+, kandi isi izotigita ive ahayo ku burake bwa Yehova nyen’ingabo+ no ku musi w’ishavu ryiwe ryaka umuriro+.
14 Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba: nka kurya kw’ingeregere bahinze, na kurya kw’umukuku utagira uwuwegeranya+, ni ko bazohindukira, umwe wese aje ku bantu b’iwabo; kandi bazohunga, umwe wese ahungire mu gihugu ciwe+.
15 Uwuzobonwa wese azotobekeranywa, n’uwuzofatwa wese muri iryo kukumura azogwishwa n’inkota+;
16 kandi abana babo bazobasābiriza mu maso yabo+. Amazu yabo azosahurwa, n’abagore babo bashurashuzwe ku nguvu+.
17 “Ehe ngira ndabahagurukirize Abamedi+, bamwe bafata ifeza nk’aho ari ubusa, n’inzahabu ntibahimbare.
18 Imiheto yabo izomenagura n’imisore+. Kandi nta kigongwe bazogirira ivyamwa vy’inda+; nta kagongwe ijisho ryabo rizokwumvira abana.
19 Babiloni, ca kirezi c’ubwami+, bwa bwiza bw’ubwishime bw’Abakaludaya+, itegerezwa gucika nka ca gihe Imana yatembagaza Sodomu na Gomora+.
20 Nta wuzokwigera ahaba+, eka ntizogira aho iba, uko iyaruka rikurikira irindi+. Umwarabu ntazohashinga ihema, kandi nta bungere bazohavyagiza imikuku.
21 Emwe, ingenzi zama mu turere tugadutse zizohivyagirira, n’amazu yabo yuzure ibihuna vy’ubwoko bw’inkona+. Aho ni ho ibinyoni vyitwa imbuni bizokwibera, n’amadayimoni* asa n’impene ni ho azokwikinira amatavu+.
22 Imbwebwe zizobwejera mu minara yiwe yo kubamwo+, kandi ca kiyoka kinini kizoba mu birimba vy’uburyohe. Igihe ciwe kiri hafi kuza, kandi imisi yiwe ntizokwigizwa inyuma+.”