Yesaya 12:1-6
12 Kandi kuri uwo musi+ ntuzobura kuvuga uti: “Nzogukengurukira, ewe Yehova, kuko naho wandurumbiye ishavu, ishavu ryawe ryahavuye risubira inyuma+, urampoza+.
2 Raba! Imana ni yo bukiriro bwanje+. Nzokwizigira singire ubwoba+; kuko Ya* Yehova ari we nkomezi+ zanje n’ubushobozi+ bwanje, kandi yacitse ubukiriro bwanje+.”
3 Ntimuzobura kuvoma amazi mu mbizi z’ubukiriro, mwigina+.
4 Kandi kuri uwo musi muzovuga koko muti: “Nimukengurukire Yehova yemwe+! Nimwambaze izina ryiwe+. Nimumenyeshe mu bisata vy’abantu ivyo akora+. Nimuvuge yuko izina ryiwe rishizwe hejuru+.
5 Nimuhibongoreze Yehova+, kuko yakoze ibirenze+. Ivyo biramenyeshwa mw’isi yose.
6 “Niwanirize akamo, ukome akaruru k’umunezero, ewe wa mugore uba i Siyoni, kuko Umweranda wa Isirayeli ahambaye hagati muri wewe+.”
Utujambo tw'epfo
^ “Ya” ni impfunyapfunyo y’izina “Yehova.”