Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yesaya 11:1-16

11  Kandi agashami+ kazoshamika ata kabuza ku gishitsi ca Yese+; kandi mu mizi yiwe hazova umunago+ urondoka+.  Kandi impwemu ya Yehova izoba kuri we+, impwemu y’ubukerebutsi+ n’ugutegera+, impwemu y’impanuro n’ubushobozi+, impwemu y’ubumenyi+ n’ugutinya Yehova+;  kandi umunezero wiwe uzoba mu gutinya Yehova+. Kandi ntazoca urubanza afatiye ku bipfa kubonekera amaso yiwe, canke ngo akangire yisunze gusa ivyo amatwi yiwe yumvise+.  Kandi azocira urubanza koko abantu batobato+ mu bugororotsi, atange igikangiro mu kugororoka ku neza y’abatekereza bo kw’isi. Kandi azokubita koko isi inkoni y’akanwa kiwe+; kandi akoresheje impwemu y’iminwa yiwe, azokwica umubisha+.  Kandi ubugororotsi ni bwo buzomubera umukaba wo mu mafyinga+, ubwizigirwa na bwo umukaba wo mu kiyunguyungu ciwe+.  Ibingira rizoza riramara igihe ribana vy’ukuri n’umwagazi w’intama w’isuguru+, n’ingwe izoryama hamwe n’umwagazi w’impene, n’inyana n’intambwe y’umukangara y’umugāra+ be n’igikoko cagaburiwe neza vyose hamwe+; kandi agahungu gatoyi ni ko kazobiyobora.  Inka n’idubu bizorishanya; inyana zavyo zizoryama hamwe. Mbere n’intambwe izorya ubwatsi nk’ishūri+.  Kandi umwana yonka azokinira koko ku mwobo w’imvuvyi+; kandi umwana w’umucuko azoshira vy’ukuri ukuboko kwiwe ku mwimba w’inzoka y’ubumara ucamwo umuco.  Ku musozi mweranda wanje wose+, nta kizokora inabi+ canke ngo kigire ico cononye; kuko isi izokwuzura koko ubumenyi bwa Yehova nk’uko amazi apfutse ikiyaga+. 10  Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi+: hazoba umuzi wa Yese+ uzohagarara nk’ikimenyetso ku bisata vy’abantu+. Ni we amahanga azokwitura ngo amusiguze+, kandi ahantu hiwe h’ukuruhukira hazotegerezwa gucika ahaninahaye+. 11  Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi: Yehova azokwongera gutanga ukuboko kwiwe, ubugira kabiri+, kugira ngo yironse amasigarira y’abantu biwe bazoba basigaye, bavuye muri Ashuri+ no mu Misiri+ n’i Patirosi+ n’i Kushi+ n’i Elamu+ n’i Shinari+ n’i Hamati no mu mazinga y’ikiyaga+. 12  Kandi azodugiriza koko ikimenyetso amahanga, akoranye abashwiragiye ba Isirayeli+; kandi abasanzaye ba Yuda azobegeranya abakuye ku mpera zine z’isi+. 13  Kandi ishari rya Efurayimu ritegerezwa kugenda+, mbere n’abanka Yuda bazorandurwa. Efurayimu ubwayo ntizogirira ishari Yuda, eka na Yuda ntizokwanka Efurayimu+. 14  Kandi bazogurukira ku rutugu rw’Abafilisitiya amaja mu burengero+; bafadikanije, bazosahura abana b’Ubuseruko+. Bazobangurira ukuboko Edomu na Mowabu+, kandi abana ba Amoni bazoba abatwarwa babo+. 15  Kandi Yehova azoca koko ururimi rw’ikiyaga ca Misiri+, yongere azungagirize ukuboko kuri rwa Ruzi+ mu kururumba kw’impwemu yiwe. Azorukubita mu nzuzi zarwo indwi z’isumo, kandi azotuma abantu bagendagenda mu nkweto zabo+. 16  Kandi hazobaho koko inzira y’ikirari+ iva muri Ashuri ku bw’amasigarira+ y’abantu biwe bazoba basigaye+, nk’uko nyene habayeho inzira ya Isirayeli wa musi yaduga avuye mu gihugu ca Misiri.

Amakuru yiyongereye