Yesaya 10:1-34
10 Baragowe abashinga ingingo nyobozi+ zonona be n’abanditse ivyago gusa, bakaguma bandika,
2 kugira ngo bahindire abantu batobato kure y’urubanza no kugira ngo banyage ubutungane abarushwa bo mu bantu banje+, kugira ngo abapfakazi bacike isahu ryabo, no kugira ngo basahure n’impfuvyi*+!
3 Mbega muzogira iki ga yemwe ku musi ivyanyu bizorabwa+ no ku musi w’agatikizo, nikaza kavuye kure+? Muzohungira kuri nde ngo abatabare+, kandi muzosiga hehe ubuninahazwa bwanyu+,
4 atari uko umuntu azotegerezwa kwunama munsi y’imbohe, n’abantu bakaguma bagwa munsi y’abishwe+? Kubera ivyo vyose, ishavu ryiwe ntiryasubiye inyuma, mugabo ukuboko kwiwe kuracabanguye+.
5 “Ahaa! Umwashuri+, inkoni y’ishavu ryanje+, n’agakoni kari mu kuboko kwabo ku bw’imisibo yanje!
6 Nzomutuma kurwanya ihanga ry’irihuni+, kandi nzomuha itegeko ryo kurwanya igisata c’uburake bwanje+, kugira atware isahu ryinshi, atware n’iminyago myinshi, no kugira ahagire ahantu ho guhonyangwa nk’ibumba ryo mu mabarabara+.
7 Naho yoba atari ukwo, azobishaka; naho umutima wiwe woba utari ukwo, azotegura umugambi, kuko kuzimanganya biri mu mutima wiwe+, no kurandura amahanga atari make+.
8 Kuko azovuga ati: ‘Mbega abaganwa banje si n’abami+?
9 Mbega Kaluno+ si nka Karikemishi+? Mbega Hamati+ si nka Arupadi+? Mbega Samariya+ si nka Damasiko+?
10 Igihe ukuboko kwanje kuzoba kwashikiriye ubwami bw’imana ata co imaze ifise ibishusho bibajwe biruta ivy’i Yeruzalemu n’i Samariya+,
11 mbega uko nzoba nagiriye Samariya n’imana ata co zimaze zaho+, si ko nyene nzogirira Yeruzalemu n’ibigirwamana vyaho+?’
12 “Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba: Yehova niyarangiza igikorwa ciwe cose ku musozi Siyoni n’i Yeruzalemu, nzogira ico mbaza ku bw’ivyamwa vy’ukutisonera kw’umutima w’umwami wa Ashuri, no ku bw’ukwibona ubuhambare kw’amaso yiwe yishira hejuru+.
13 Kuko yavuze ati: ‘Biciye ku bubasha bw’ukuboko kwanje nzogira ico nkoze koko+, biciye no ku bukerebutsi bwanje, kuko mfise ugutegera; kandi nzokuraho imbibe z’ibisata vy’abantu+, ibintu vyabo birundanijwe ndabinyage koko+, kandi nk’umunyabubasha, nzomanura abahaba+.
14 Kandi ukuboko kwanje+ kuzoshikira amatunga+ y’ibisata vy’abantu nk’aho yoba ari icari; kandi jewe nzokwegeranya isi yose nk’igihe umuntu yegeranya amagi yahebwe, kandi ntihazogira n’umwe atababiza amababa canke yasamika akanwa canke ajwigira.’”
15 Mbega ishoka yokwiduza ku wuyisatuza, canke umusumeno ukishimagiza ku wuwukoresha awujana imbere n’inyuma, nk’aho ikibando coba kijana imbere n’inyuma abakiduza hejuru, nk’aho inkoni yoba iduza hejuru uwutari igiti+?
16 Ni co gituma Umukama w’ukuri, Yehova nyen’ingabo, azoguma arungika indwara y’ubugesera ku badoshe biwe+, kandi munsi y’ubuninahazwa bwiwe ukururumba kuzoguma kururumba nk’ukururumba kw’umuriro+.
17 Kandi Umuco wa Isirayeli+ uzobwirizwa gucika umuriro+, Umweranda wiwe na we, urubeya+; kandi uzobwirizwa kururumba no kurigata ivyatsi bibi vyiwe n’ibisaka vy’amahwa vyiwe+ mu musi umwe.
18 Kandi azoherengeteza ubuninahazwa bw’ikibira ciwe n’ubw’umurima wiwe w’ivyamwa+, aherengeteze rwose, kandi bizocika nk’ugushonga kw’uwurwaye+.
19 Kandi ibiti bisigaye vy’ikibira ciwe, emwe, bizosigara ari igitigiri c’inkehwa ku buryo n’agahungu ari agahungu gashobora kuvyandika+.
20 Kuri uwo musi, abazoba basigaye ba Isirayeli+ be n’abacitse kw’icumu b’inzu ya Yakobo ntibazokwongera kwishimikiza uwubakubita+, ariko bazokwishimikiza Yehova, wa Mweranda wa Isirayeli+, mu kuri+.
21 Amasigarira gusa ni yo azogaruka, amasigarira ya Yakobo, kuri ya Mana ikomeye+.
22 Kuko naho abantu bawe, ga Isirayeli, boba ari nk’udutete tw’umusenyi w’ikiyaga+, amasigarira gusa muri bo ni yo azogaruka+. Agatikizo+ kapfunditswe kazosegenyuka mu bugororotsi+,
23 kuko Umukama Segaba, Yehova nyen’ingabo, azoshitsa ugutikiza+ be n’ingingo ruhasha hagati y’igihugu cose+.
24 Ibi rero ni vyo Umukama Segaba+, Yehova nyen’ingabo, avuze: “Ntimutinye, emwe bantu banje muba i Siyoni+, kubera Umwashuri yahora abakubita inkoni+ kandi akababangurira ikibando nk’uko Misiri yagira+.
25 Kuko hasigaye akanya gatoyi cane—kandi imisibo+ izoba yarangiye, be n’ishavu ryanje, mu gushira kwabo+.
26 Kandi Yehova nyen’ingabo azomubangurira ikimoko+ nka ca gihe Midiyani yatsindirwa iruhande y’igitandara Orebu+; kandi ikibando ciwe kizoba ku kiyaga+, kandi azokiduza nk’uko yagize kuri Misiri+.
27 “Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi: umutwaro wiwe uzokuva ku rutugu+, n’ingǒgo yiwe ikuve kw’izosi+, kandi iyo ngǒgo izoshwanyagurwa+ kubera amavuta.”
28 Yaje kuri Ayati+; yaciye i Miguroni; atereka ibintu vyiwe i Mikimashi+.
29 Bajabutse icambu, i Geba+ ni ho barara, Rama+ yajugumiye, Gibeya+ ya Sauli yahunze.
30 Rekura ijwi ryanire, ewe mukobwa wa Galimu+! Uriyubara, ewe Layisha! Ewe murushwa, Anatoti+!
31 Madumena yahunze. Ababa i Gebimu bikinze.
32 I Nobu+ haracari ku murango kugira ngo ahahagarare. Azungagiza ukuboko ahigira umusozi w’umukobwa wa Siyoni, umurambi wa Yeruzalemu+.
33 Raba! Umukama w’ukuri, Yehova nyen’ingabo, ariko araca amashami n’umwasano ukomeye+; ivyakuze bikaba birebire biricirwa, ibiri hejuru gusumba ibindi na vyo bikaja hasi+.
34 Kandi yatemye ibisaka vy’inzitane vy’ikibira akoresheje igikoresho c’icuma, kandi Libani izogwishwa n’umunyabubasha+.
Utujambo tw'epfo
^ Ijambo ku rindi ni “uduhungu tutagira se.”