Yeremiya 8:1-22
8 “Ico gihe,” ni ko Yehova avuze, “abantu bazozikurura kandi amagufa y’abami ba Yuda, n’amagufa y’abaganwa baho, n’amagufa y’abaherezi, n’amagufa y’abahanuzi, n’amagufa y’ababa i Yeruzalemu, bayakure mu mva zabo+.
2 Kandi bazoyasanza koko munsi y’izuba n’ukwezi n’ingabo zose zo mu majuru, ivyo bakunze, bakabikorera, bakabikurikira+, bakabirondera bakongera bakavyunamira+. Ntazokwegeranywa canke ngo ahambwe. Azoba nk’intabire ku butaka+.”
3 “Amasigarira yose azoba asigaye muri uyu muryango mubi ahantu hose abasigaye bazoba bari, iyo nzoba nabashwiragirije+, azohitamwo urupfu aho guhitamwo ubuzima+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
4 “Uze ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Mbega bazogwa ntibasubire guhaguruka+? Hamwe umwe yogaruka, mbega uwundi na we ntazogaruka+?
5 Kubera iki aba bantu, ari bo Yeruzalemu, bahemuka n’ubuhemu budahera? Barafashe uruyeri baragumya+; baranse kugaruka+.
6 Narateze ugutwi+, nguma numviriza+. Ntibagumye bavuga nk’uko bibereye. Nta muntu n’umwe yigaye ububi bwiwe+, ati: ‘Mbega ivyo nakoze ni ibiki?’ Umwe wese asubira mu nzira ya benshi+, nk’ifarasi yirasa mu rugamba.
7 Mbere n’agasoza mu kirere—karazi neza ibihe vyako vyashinzwe+; intunguru+ n’intamba n’ikirogorye—birubahiriza neza kimwekimwe cose igihe caco co gushika. Mugabo abantu banje bo ntibazi urubanza rwa Yehova+.”’
8 “‘Mushobora mute kuvuga ngo: “Turi inkerebutsi, itegeko rya Yehova riri kumwe natwe+”? Vy’ukuri rero, agasáruzo+ k’ikinyoma k’abanyamabanga kakoreshejwe mu kinyoma.
9 Inkerebutsi zamaramaye+. Zagize ubwoba kandi zizofatwa. Ehe zataye ijambo rya Yehova, none ubukerebutsi zifise ni ubuhe+?
10 Ku bw’ivyo, abagore babo nzobaha abandi bagabo, amatongo yabo ndayahe abayigarurira+; kuko, kuva ku mutoyi muri bo gushika no ku wuhambaye kuruta abandi muri bo, umwe wese yironderera inyungu y’akarenganyo+; kuva ku muhanuzi gushika no ku muherezi, umwe wese akorana ububeshi+.
11 Bagerageza gukiza bimwe vy’indenzirenzi ugusenyuka kw’umukobwa w’abantu banje+, bakavuga bati: “Hari amahoro! Hari amahoro!”, kandi ata mahoro ariho+.
12 Boba baramaramajwe n’uko bakoze ibiteye ishishi+? Kimwe coco, ntibamaramaye; vyongeye, ntibigeze bamenya no guteterwa ico ari co+.
“‘Ku bw’ivyo, bazogwa mu bagwa. Bazotsitara ivyabo nivyarabwa+,’ ni ko Yehova avuze+.
13 “‘Ninimbura, nzobaherengeteza,’ ni ko Yehova avuze+. ‘Nta nzabibu zizoba zikiri ku muzabibu+, kandi nta nsukoni zizoba zikiri ku giti c’umusukoni, kandi urubabi ruzokabirana koko. Ibintu ndabaha bizobaca iruhande.’”
14 “Kubera iki twiyicarira dutekanye? Nimukoranire hamwe, twinjire mu bisagara bikingijwe ibihome+, maze tunumireyo. Kuko Yehova Imana yacu atunumije+, kandi atunywesha amazi arimwo ubumara+, kubera ko twacumuye kuri Yehova.
15 Twari twiteze amahoro, mugabo nta ciza caje+; twari twiteze igihe c’ugukira, mugabo ehe, haje ivutu+!
16 Ugupfuhagira kw’amafarasi yiwe kwumvikaniye i Dani+. Igihugu cose gitanguye gutigitishwa n’ijwi ry’ukwanaga kw’amafarasi y’ingabo+. Baraza bakarigata igihugu n’ivyuzuye muri co, igisagara n’abakibamwo.”
17 “Kuko ehe ngira ndabarungikemwo inzoka, inzoka z’ubumara+, zidashobora kugotwa+, na zo zizobakomora ata kabuza,” ni ko Yehova avuze.
18 Intuntu idashobora kuvūrwa iranshwaye+. Umutima wanje urarwaye.
19 Ehe hari ijwi ry’ugutabaza ry’umukobwa w’abantu banje ryumvikanira mu gihugu ca kure+ riti: “Mbega Yehova ntari i Siyoni+? Canke umwami waho si yo ari+?”
“Kubera iki none bambabarishije ibishusho vyabo bibajwe, imana zabo z’inyamahanga zitagira mvura+?”
20 “Iyimbura riraheze, ici rirarangiye; mugabo tweho ntitwakijijwe+!”
21 Nsabijwe n’ugusenyuka+ kw’umukobwa w’abantu banje+. Ndababaye. Mfashwe n’akajoreza+.
22 Mbega i Gileyadi ntihari umusomozo*+? Canke ntihariyo umuvūzi+? Kubera iki none umukobwa w’abantu banje atasubiranye+?
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.