Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yeremiya 52:1-34

52  Zedekiya+ yari afise imyaka mirongo ibiri n’umwe igihe yatangura kuganza+, maze amara imyaka cumi n’umwe aganza i Yeruzalemu+. Nyina yitwa Hamutali+ umukobwa wa Yeremiya w’i Libuna+.  Abandanya gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+, yisunze ivyo Yehoyakimu+ yari yarakoze vyose.  Kuko ivyabaye i Yeruzalemu no muri Yuda vyabaye kubera ishavu rya Yehova, gushika abataye bakamuva mu maso+. Nuko Zedekiya atangura kugarariza umwami wa Babiloni+.  Amaherezo mu mwaka ugira icenda Zedekiya ari umwami+, mu kwezi kugira cumi, ku musi ugira cumi w’ukwo kwezi, Nebukadirezari umwami wa Babiloni araza, we n’inteko za gisirikare ziwe zose, baza gutera Yeruzalemu+; nuko barakambika ngo bayitere, bubaka irya n’ino uruhome rw’ukuyisugereza+.  Gutyo ico gisagara kiguma gisugerejwe gushika mu mwaka ugira cumi na rimwe w’Umwami Zedekiya+.  Mu kwezi kugira kane, ku musi ugira icenda w’ukwo kwezi+, ikigoyi na co kiba igikaze mu gisagara, kandi nta mukate wariho ku bw’abanyagihugu+.  Amaherezo baca igihengeri mu mpome z’ico gisagara+; nayo abarwanyi bose, batangura guhunga+, basohoka ico gisagara mw’ijoro baciye mu nzira y’irembo hagati y’uruhome rugizwe na zibiri ruri iruhande y’umurima w’umwami+, mu gihe Abakaludaya bari irya n’ino, basugereje ico gisagara; maze baguma bagenda bajanye inzira ya Araba+.  Nuko inteko za gisirikare z’Abakaludaya zitangura kwoma inyuma umwami+, maze zihambiriza Zedekiya+ mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko; inteko za gisirikare ziwe zose zirasanzara zimuva i ruhande+.  Maze bafata umwami hanyuma bamudugana ku mwami wa Babiloni+ i Ribula+ mu gihugu ca Hamati+, kugira ngo amucire urubanza+. 10  Nuko umwami wa Babiloni yicira abahungu ba Zedekiya mu maso yiwe+, yicira n’abaganwa bose ba Yuda i Ribula+. 11  Amaso ya Zedekiya na yo arayahumisha+, hanyuma umwami wa Babiloni amubohesha amapingu y’umujumpu araheza amujana i Babiloni+, amushira mu nzu acungirwamwo gushika umusi yapfiriyeko. 12  Mu kwezi kugira gatanu, ku musi ugira cumi w’ukwo kwezi, ni ukuvuga mu mwaka ugira cumi n’icenda w’Umwami Nebukadirezari+ umwami wa Babiloni, Nebuzaradani+ umukuru w’abacungera ubuzima, uwahagarara imbere y’umwami wa Babiloni, yinjira i Yeruzalemu. 13  Maze aturira inzu ya Yehova+ n’inzu y’umwami n’amazu yose y’i Yeruzalemu+; kandi inzu yose ihambaye ayituriza umuriro+. 14  Maze inteko za gisirikare z’Abakaludaya zose zari kumwe na nya mukuru w’abacungera ubuzima zisiturira hasi impome zose za Yeruzalemu, impande zose+. 15  Nuko bamwe mu bantu batobato bo mu banyagihugu, n’amasigarira y’abantu bari basigaye mu gisagara+, n’abari bataye bakomokera ku mwami wa Babiloni, n’amasigarira y’abakozi b’abahanga, Nebuzaradani umukuru w’abacungera ubuzima abatwara mu bunyagano+. 16  Mugabo bamwe mu bantu batobato bo muri ico gihugu, Nebuzaradani umukuru w’abacungera ubuzima arabasigaza ngo babe abakozi bo mu mirima y’imizabibu n’abakora ibikorwa vy’umuruho+. 17  Za nkingi z’umujumpu+ zari iz’inzu ya Yehova, na ya mashareti+ be na ca kiyaga c’umujumpu+ cari mu nzu ya Yehova, Abakaludaya barabimenagura baraheza batwara umujumpu wavyo wose i Babiloni+. 18  Batwara n’ibigopo n’ibiyozo+ n’ibizimisho+ n’amabakure+ n’ibikombe n’ibikoresho vy’umujumpu vyose vyakoreshwa mu gikorwa+. 19  Nya mukuru w’abacungera ubuzima atwara+ amabesani+ n’ibijamwo umuriro n’amabakure+ n’ibigopo n’ibitereko vy’amatara+ n’ibikombe n’amabakure vyari bikozwe mu nzahabu itavanze+, n’ivyari bikozwe mw’ifeza itavanze+. 20  Ku bijanye na za nkingi zibiri+, ca kiyaga kimwe+, na ya mashūri cumi n’abiri y’umujumpu+ yari munsi y’ico kiyaga, na ya mashareti, ivyo Umwami Salomo yari yarakoreye inzu ya Yehova+, uburemere bw’umujumpu wavyo ntibwashobora gupimwa, ni ukuvuga ubw’ivyo bikoresho vyose+. 21  Ku bijanye n’izo nkingi, imwimwe yose yari ifise amahagarara y’amatambwe* cumi n’umunani+, kandi urunyuzi rw’amatambwe cumi n’abiri ni rwo rwayizunguruka+; intimbatimba yayo yari ubwaguke bw’intoke zine, ikaba yari ifise umuheha hagati. 22  Umutwe wari kuri yo wari uwo mu mujumpu+, amahagarara y’umutwe w’inkingi umwe akaba yari amatambwe atanu+; ku bijanye n’urusenga n’amakomamanga vyari kuri nya mutwe, irya n’ino+, vyose vyari ivyo mu mujumpu; inkingi igira kabiri yari ifise nk’ivyo nyene, ikagira n’amakomamanga+. 23  Ayo makomamanga yari mirongo icenda n’atandatu, ku mpande; amakomamanga yose yari ijana ku rusenga, irya n’ino+. 24  Vyongeye, wa mukuru w’abacungera ubuzima afata Seraya+ umukuru w’abaherezi na Zefaniya+ umuherezi agira kabiri be na ba barinzi b’imiryango batatu+, 25  kandi mu gisagara afata umukozi wo ku kirimba umwe yari icariho kijejwe abarwanyi, n’abagabo indwi bo mu bishikira b’umwami+, abo yasanze mu gisagara, n’umunyamabanga w’umukuru w’ingabo, uwakoranya abanyagihugu, n’abagabo mirongo itandatu bo mu banyagihugu, abo yasanze hagati mu gisagara+. 26  Bano rero, Nebuzaradani+ umukuru w’abacungera ubuzima arabafata, abajana ku mwami wa Babiloni i Ribula+. 27  Maze abo, umwami wa Babiloni arabagarika+, abicira i Ribula+ mu gihugu ca Hamati+. Gutyo Yuda ija mu bunyagano ivuye ku butaka bwayo+. 28  Aba ni bo bantu Nebukadirezari yatwaye mu bunyagano: mu mwaka ugira indwi, Abayuda ibihumbi bitatu na mirongo ibiri na batatu+. 29  Mu mwaka ugira cumi n’umunani wa Nebukadirezari+, abakuwe i Yeruzalemu bari abantu amajana umunani na mirongo itatu na babiri. 30  Mu mwaka ugira mirongo ibiri na gatatu wa Nebukadirezari, Nebuzaradani umukuru w’abacungera ubuzima atwara Abayuda mu bunyagano, atwara abantu amajana indwi na mirongo ine na batanu+. Abantu bose bari ibihumbi bine n’amajana atandatu. 31  Amaherezo mu mwaka ugira mirongo itatu n’indwi Yehoyakini+ umwami wa Yuda ajanywe mu bunyagano, mu kwezi kugira cumi na kabiri, ku musi ugira mirongo ibiri na gatanu w’ukwo kwezi, Evili-merodaki umwami wa Babiloni, mu mwaka yabereyemwo umwami, asohora*+ Yehoyakini umwami wa Yuda, amukura mu nzu y’ibohero. 32  Nuko amuvugisha neza, maze ashira intebe yiwe y’ubwami hejuru y’intebe z’ubwami z’abandi bami bari kumwe na we i Babiloni+. 33  Yehoyakini akura impuzu ziwe z’ibohero+, kandi yama arira umukate+ imbere y’umwami imisi yose y’ubuzima bwiwe+. 34  Nayo ku bijanye n’ingaburo yiwe, yama ahabwa ingaburo ivuye ku mwami wa Babiloni, ivyo yabwirizwa guhabwa ku musi ku musi, gushika umusi yapfiriyeko+, imisi yose y’ubuzima bwiwe.

Amakuru yiyongereye

Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.
Ijambo ku rindi ni “aduza umutwe wa.”