Yeremiya 51:1-64
51 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ehe ngira mpagurukirize Babiloni+ n’ababa i Lebu-kamayi umuyaga uhonya+;
2 nzorungikira Babiloni abagosozi bazomugosora koko bagatuma igihugu ciwe gisigara kigaragara+; kuko bazomurwanya vy’ukuri impande zose ku musi w’ivyago+.
3 “Uwuhonyora umuheto wiwe ntawuhonyore+. Kandi ntihagire uwuhaguruka yambaye ikoti yiwe y’ivyuma.
“Ntiwumvire impuhwe imisore yiwe+. Mutikize ingabo ziwe zose+.
4 Bazogwa koko bagandaguwe mu gihugu c’Abakaludaya+ kandi batobekeranijwe mu mabarabara yiwe+.
5 “Kuko Isirayeli na Yuda+ batapfakaye mu kubura Imana yabo, mu kubura Yehova nyen’ingabo+. Kuko igihugu c’abo cuzuye ukwagirwa n’icaha mu maso ya wa Mweranda wa Isirayeli+.
6 “Nimuhunge muve hagati muri Babiloni+, umwe wese anyage amagara yiwe+. Ntimugirwe abadafise ubuzima kubera ikosa ryiwe+. Kuko ari igihe c’ukwihōra ca Yehova+. Ariko amusubiriza mu nkoko+.
7 Babiloni yabaye igikombe c’inzahabu mu kuboko kwa Yehova+, uwo Babiloni akaba yaboreza isi yose+. Amahanga yanyoye ku muvinyu wiwe+. Ni co gituma amahanga aguma akora nk’ayasaze+.
8 Babiloni yatemvye giturumbuka ku buryo avunika+. Nimumuborogere+. Nimutore umusomozo wo kuvura ububabare bwiwe+. Hari aho yokira.”
9 “Twaragerageje gukiza Babiloni, mugabo ntiyakize. Nimumuhebe+ twigire, umwe wese mu gihugu ciwe+. Kuko urubanza rwiwe rwashitse mu majuru, rwaduze gushika mu birere vyuzuye ibicu+.
10 Yehova yadusohoreye ibikorwa vy’ubugororotsi+. Nimuze twigane i Siyoni igikorwa ca Yehova Imana yacu+.”
11 “Nimusene imyampi+. Nimwuzuze inkinzo z’umuzingi. Yehova yakabuye impwemu y’abami b’Abamedi+, kuko iciyumviro ciwe ari ico kugirira nabi Babiloni+, kugira ngo amuhonye. Kuko ari ukwihōra kwa Yehova, ukwihōra kubera urusengero rwiwe+.
12 Nimudugirize ikimenyetso impome za Babiloni+. Mukomeze igikorwa c’ukurereka+. Mushireho inderetsi. Mutegure abo kubunda+. Kuko Yehova yateguye iciyumviro kandi akaba azokora koko ivyo yavuze ku baba i Babiloni+.”
13 “Ewe mugore uba ku mazi menshi+, ukagira amatunga menshi+, iherezo ryawe rirashitse, ingero+ y’ukwironderera inyungu kwawe+.
14 Yehova nyen’ingabo arirahiye+ ati: ‘Wewe nzokwuzuza abantu, nk’inzige+, na bo bazokuririmbako akaruru+.’
15 Ni we yahinguye isi akoresheje ububasha bwiwe+, Umwe yashimangira ubutaka bwimbuka+ akoresheje ubukerebutsi bwiwe+, Umwe yagaranzura amajuru+ akoresheje ugutegera kwiwe+.
16 Arekura ijwi ryiwe hakaba uruyogoyogo rw’amazi mu majuru, kandi atuma imyuka iduga ivuye ku mpera y’isi+. Yakoreye ingomero imvura+, kandi asohora umuyaga mu bigega vyiwe.
17 Umuntu wese yarerekanye ko atiyumvira ku buryo atagira ubumenyi+. Uwukora ivy’ivyuma wese azomaramara kubera igishusho c’ikibazano+; kuko igishusho ciwe c’icuma gishongeshejwe ari ikinyoma+, nta mpwemu iri muri vyo+.
18 Ni ubusa+, ni igikorwa c’agatwengo+. Ivyavyo nivyarabwa bizoyogera+.
19 “Muturi wa Yakobo ntameze nk’ivyo bintu+, kuko ari we Mubumvyi yabumvye ibintu vyose+, egome, inkoni y’intoranwa yiwe+. Yehova nyen’ingabo ni ryo zina ryiwe+.”
20 “Uri ubuhiri kuri jewe, uri nk’ibirwanisho vy’intambara+; nzogukoresha mu gusavya amahanga, kandi nzogukoresha mu guhonya ubwami.
21 Nzogukoresha mu gusavya ifarasi n’uwuyigenderako, kandi nzogukoresha mu gusavya umukogote w’intambara n’uwuwugenderamwo+.
22 Nzogukoresha mu gusavya umugabo n’umugore, kandi nzogukoresha mu gusavya umutama n’agahungu; nzogukoresha mu gusavya umusore n’umwigeme w’isugi.
23 Nzogukoresha mu gusavya umwungere n’ubusho bwiwe, kandi nzogukoresha mu gusavya umurimyi n’ibitungwa vyiwe bifatanijwe ari bibiri; nzogukoresha mu gusavya ba buramatari n’ivyegera vy’abatware.
24 Nzokwishura Babiloni n’ababa muri Kaludaya bose ububi bwabo bwose bakoreye i Siyoni mu maso yanyu+,” ni ko Yehova avuze.
25 “Ehe ngira nkurwanye+, ewe musozi uhonya+,” ni ko Yehova avuze, “wewe uhonya isi yose+; nzokubangurira ukuboko, ndagutembagaze ngukuye mu bitare, ndakugire umusozi wahiye ugatokombera+.”
26 “Abantu ntibazokura kuri wewe ibuye rigenewe imfuruka canke ibuye rigenewe imishinge+, kuko uzoba ibiharabuga gushika igihe kitagira urugero+,” ni ko Yehova avuze.
27 “Nimuduze ikimenyetso mu gihugu+. Nimuvuze inzamba mu mahanga. Nimweze+ amahanga kugira amutere. Nimutumeko ubwami bwa Ararati+, ubwa Mini n’ubwa Ashikenazi+ kugira bumutere. Nimushinge igikorwa uwinjiza ingabo kugira amutere. Nimuduze amafarasi+ nk’inzige zishinze amoya.
28 Nimweze amahanga kugira amutere, abami b’Ubumedi+, ba buramatari baho bose n’ivyegera vy’abatware vyaho vyose n’igihugu cose c’inganji y’umwumwe wese.
29 Isi nitigite yongere ije mu bubabare bukaze+, kuko ivyiyumviro vya Yehova bihagurukiye Babiloni kugira ngo igihugu ca Babiloni kigirwe akajoreza, ata muntu akibamwo+.
30 “Abagabo b’abanyenkomezi ba Babiloni baretse kurwana. Bagumye bicaye mu bibanza bikomeye. Inkomezi zabo zakamye+. Babaye abagore+. Aho aba haturiwe. Ibihindizo vyiwe vyavunywe+.
31 “Umwirutsi umwe yiruka guhura n’uwundi, n’uwumenyesha inkuru umwe akiruka guhura n’uwundi+, kugira ngo bamenyeshe umwami wa Babiloni ko igisagara ciwe cafashwe ku mpera zose+,
32 ko ivyambu vyafashwe+, ko amato y’urufunzo yaturijwe umuriro, be n’uko abarwanyi bahagaritse umutima+.”
33 Kuko ibi ari vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: “Umukobwa wa Babiloni ameze nk’imbuga y’ikubitiro+. Ni igihe co kumuhonyangira hasi. Hasigaye gato, igihe co kwimbura kikamuzako+.”
34 “Nebukadirezari umwami wa Babiloni yarandokeje+; yantaye mu muvurungano. Yangize nk’icombo kigaragara. Yaramize miyonzwa nk’ikiyoka kinini+; yujuje inda yiwe ibintu vyanje bihimbaye. Yaranyugunyuje.
35 ‘Ubukazi bwagizwe kuri jewe no ku mubiri wanje burakaba kuri Babiloni!’, ni ko umugore aba i Siyoni azovuga+. ‘Amaraso yanje arakaba ku baba i Kaludaya!’, ni ko Yeruzalemu azovuga+.”
36 Ibi rero ni vyo Yehova avuze: “Ehe ngira nifatire mu minwe urubanza rwawe+, kandi nzoguhōra ata kabuza+. Nzokamya ikiyaga ciwe, nkamye n’amariba yiwe+.
37 Babiloni azocika koko ibirundo vy’amabuye+, aho imbwebwe zitaha+, akajoreza, n’ikintu co kuvugiriza agahwa, aho ata muntu aba+.
38 Bose hamwe bazoroha nk’intambwe z’imikangara z’imigāra. Bazotontoma koko nk’ivyana vy’intambwe.”
39 “Nibamara gushwangamuka nzotegura inzimano zabo kandi nzobaboreza kugira ngo bigine+; bazosinzira itiro ryamaho gushika igihe kitagira urugero, iryo batazokwikangura ngo barivemwo+,” ni ko Yehova avuze.
40 “Nzobamanukana gukererwa nk’amasuguru y’intama, nk’impfizi z’intama ziri kumwe n’amasuguru y’impene+.”
41 “Ewe kuntu Sheshaki afashwe+, ewe kuntu Shemezo ry’isi yose yifatishije+! Ewe kuntu Babiloni acitse akajoreza mu mahanga+!
42 Ikiyaga kiduze kuri Babiloni. Yapfutswe n’imipfunda yaco myinshi+.
43 Ibisagara vyiwe bicitse akajoreza, igihugu kigadutse n’ikiyaya c’ubugaragwa+. Ivyo bisagara, uko ari igihugu, nta muntu azobibamwo, kandi nta mwana w’umuntu azobicamwo+.
44 Nzokwitaho ivya Beli+ i Babiloni, kandi nzokura mu kanwa kiwe ivyo yatamiye+. Kandi amahanga ntazokwongera kurindiga aja kuri we+. Vyongeye, uruhome rwa Babiloni ruzogwa+.
45 “Sohoke muve hagati muri we, yemwe bantu banje+, mukize umwe wese ubuzima bwiwe+ ishavu rirurumba rya Yehova+.
46 Ahandiho umutima wanyu uzosha coba+, kandi muzotinya kubera inkuru izokwumvikana mu gihugu. Mu mwaka umwe inkuru izoza vy’ukuri, mu nyuma zayo na ho, mu wundi mwaka, hazoba inkuru n’ubukazi mw’isi, n’umutware arwanya uwundi.
47 Ku bw’ivyo, ehe imisi iraje, kandi nzokwitaho ivy’ibishusho bibajwe vya Babiloni+; igihugu ciwe cose kizomaramara, kandi abagandaguwe biwe bose bazogwa hagati muri we+.
48 “Amajuru n’isi n’ibiri muri vyo vyose bizovugiriza koko Babiloni akamo k’umunezero+, kuko abanyazi bazoza kuri we bavuye mu buraruko+,” ni ko Yehova avuze.
49 “Uretse ko Babiloni ari yo yatumye abagandaguwe ba Isirayeli bagwa+, i Babiloni ni ho kandi haguye abagandaguwe b’isi yose+.
50 “Yemwe abacitse ku nkota, nimugume mugenda. Ntimuhagarare+. Mwibuke Yehova muri kure+, kandi Yeruzalemu ize mu mutima wanyu+.”
51 “Twaramaramaye+, kuko twumvise iceyi+. Agateterwe karadupfutse mu maso+, kuko ab’ahandi baje gutera ibibanza vyeranda vy’inzu ya Yehova+.”
52 “Ku bw’ivyo, ehe imisi iraje,” ni ko Yehova avuze, “kandi nzokwitaho ivy’ibishusho vyiwe bibajwe+, kandi mu gihugu ciwe hose uwatobekeranijwe azoniha+.”
53 “Mbere naho Babiloni yoduga mu majuru+, eka mbere naho yotuma amahagarara y’inkomezi ziwe aba ayadashobora gushikirwa+, abanyazi bazoja kuri we bavuye kuri jewe+,” ni ko Yehova avuze.
54 “Umviriza! Hari amaborogo avuye i Babiloni+, n’ugusenyuka gukomeye kuvuye mu gihugu c’Abakaludaya+,
55 kuko Yehova anyaze Babiloni; azorandura koko muri we ijwi rikomeye+, kandi imipfunda yabo izosebagirika vy’ukuri nk’amazi menshi+. Urwamo rw’ijwi ryabo ruzokwumvikana ata gukeka.
56 Kuko umunyazi azoza kuri we ata kabuza, kuri Babiloni+, kandi abagabo b’abanyenkomezi biwe bazofatwa+. Emwe, imiheto yabo izovunagurwa+, kuko Yehova ari Imana itanga impembo+. Ntazobura kwishura+.
57 Kandi nzoboreza abaganwa biwe n’inkerebutsi ziwe, ba buramatari biwe n’ivyegera vy’abatware vyiwe, n’abagabo b’abanyenkomezi biwe+, maze basinzire itiro ryamaho igihe kitagira urugero, iryo batazokwikangura ngo barivemwo+,” ni ko Umwami avuze+, izina ryiwe rikaba ari Yehova nyen’ingabo+.
58 Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: “Uruhome rwa Babiloni, naho rwagutse, ruzobomorwa ata kabuza+; amarembo yiwe na yo, naho ari maremare, azoturizwa umuriro+. Ibisata vy’abantu bizocumukurira ubusa gusa+, imiryango y’amahanga na yo icumukurire umuriro gusa+; bazokwiruhisha.”
59 Ijambo Yeremiya umuhanuzi yategetse Seraya mwene Neriya+, Neriya mwene Mahiseya+, igihe yajana na Zedekiya umwami wa Yuda i Babiloni mu mwaka ugira kane uno ari umwami; kandi Seraya yari umugabuzi mukuru.
60 Nuko Yeremiya yandika mu gitabu kimwe+ ivyago vyose vyoje kuri Babiloni, egome, ayo majambo yose yanditswe ku bijanye na Babiloni.
61 Vyongeye, Yeremiya abwira Seraya ati: “Ukimara gushika i Babiloni maze ukayibona koko, uzoce usoma n’ijwi rirenga aya majambo+.
62 Uze uvuge uti: ‘Ewe Yehova, ni wewe ubwawe wavuze ku bijanye n’aha hantu, kugira uharandure ngo ntihaze hagire uwusubira kuhaba+, yaba umuntu canke mbere igitungwa, mugabo hacike igiharabuga gushika igihe kitagira urugero.’
63 Nuko niwarangiza gusoma iki gitabu, uze ukibohereko ibuye, hanyuma ukijugunyire hagati muri Efurate+.
64 Maze uze uvuge uti: ‘Uku ni ko Babiloni azonyika ntiyongere guhaguruka kubera ivyago ngira ndamuteze+; kandi bazokwiruhisha ata kabuza+.’”
Amajambo ya Yeremiya agarukiye aha.