Yeremiya 49:1-39

49  Ku vya bene Amoni+, ibi ni vyo Yehova avuze: “Mbega Isirayeli nta bahungu afise, canke nta samuragwa afise? Kubera iki Malikamu+ yigaruriye Gadi+, abantu bayo na bo bakaba mu bisagara vya Isirayeli+?”  “‘Ku bw’ivyo, ehe imisi iraje,’ ni ko Yehova avuze, ‘nzokwumvikanisha ikimenyetso c’ukugabisha c’intambara+ kuri Raba+ ya bene Amoni; izocika koko ikidunduri c’igiharabuga+, kandi ibisagara bihakukira+ bizoturirirwa mu muriro+.’ “‘Kandi Isirayeli azokwigarurira abari baramwigaruriye+,’ ni ko Yehova avuze.  “‘Boroga+, Heshiboni we+, kuko Ayi inyazwe! Nimwihe akaruru, yemwe bisagara bikukira Raba! Nimukenyere amagunira+. Nimurire, munyuragire mu ngo z’ibitungwa zubakishijwe amabuye, kuko Malikamu izoja mu bunyagano+, abaherezi bayo n’abaganwa bayo, bose hamwe+.  Kubera iki wiyemera ku bijanye n’ibiyaya vyo hasi+, ikiyaya cawe co hasi gitemba, ewe mukobwa w’igihemu, wewe wizigira amatunga yawe+, ukavuga uti: “Ni nde azoza aho ndi+?”’”  “‘Ehe ngira ndakuzaneko ikintu giteye ubwoba+,’ ni ko Umukama Segaba+, Yehova nyen’ingabo, avuze, ‘kivuye ku bari irya n’ino yawe bose. Emwe, muzoshwiragizwa, umwe wese ajane inzira yiwe+, kandi nta wuzokoraniriza hamwe abazoba bariko barahunga.’”  “‘Mugabo mu nyuma nzokoranya abagizwe imbohe bo muri bene Amoni+,’ ni ko Yehova avuze.”  Ku vya Edomu, ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: “Mbega nta bukerebutsi+ bukiri i Temani+? Mbega impanuro yayogeye ku bafise ugutegera? Mbega ubukerebutsi bwabo bwaboze+?  Nimuhunge+! Nimusubire inyuma! Nimumanuke ibwina mubeyo+, yemwe ababa i Dedani+! Kuko nzomuzanako icago ca Esawu, igihe nzokwitaho ivyiwe+.  Hamwe abasoromyi b’inzabibu boza vy’ukuri kuri wewe, mbega ntibosigaza inzabibu zo gutorora? Hamwe ibisuma vyoza mw’ijoro, vyoyogeza koko ibintu uko bigomba+. 10  Mugabo jewe, nzokoba Esawu asigare ari amenya+. Nzopfukura ubwihisho bwiwe+, kandi nta wuzoshobora kwinyegeza+. Uruvyaro rwiwe na bene wabo n’ababanyi biwe bazonyagwa koko+, na we ntazobaho+. 11  Siga impfuvyi* zawe+. Jewe nzozizigamira ubuzima, kandi abapfakazi bawe bazonyizigira+.” 12  Kuko ibi ari vyo Yehova avuze: “Raba! Naho badasanzwe banywa igikombe, bazonywa ata kabuza+. Nayo wewe, mbega uzogenda udahanywe? Ntuzogenda udahanywe, kuko utazobura kunywa+.” 13  “Kuko nirahiye jewe ubwanje+,” ni ko Yehova avuze, “yuko Bozira+ ata kindi izocika atari akajoreza+, iceyi, agatikizo, n’umuvumo; kandi ibisagara vyayo vyose bizocika ibibanza vyatikijwe gushika igihe kitagira urugero+.” 14  Hari inkuru numvise ivuye kuri Yehova, kandi hari intumwa itumwe mu mahanga kuvuga ngo: “Nimukoranire hamwe, muze kuharwanya, muhaguruke murwane urugamba+.” 15  “Kuko ehe nkugize koko mutoyi mu mahanga, uwusuzuguritse mu bantu+. 16  Uguhinda agashitsi wahora uteza kwaraguhenze, ukwita imbere kw’umutima wawe+, ewe wewe uba mu bwihisho bw’urutare, wewe uri ahantu hakirurutse h’umurambi. Naho wubaka icari cawe hejuru cane nk’inkona+, nzokumanurayo+,” ni ko Yehova avuze. 17  “Kandi Edomu izocika akajoreza ata kabuza+. Umuntu wese azoca iruhande yayo azoyitamarira ajongorotse, avuze agahwa kubera ivyago vyayo vyose+. 18  Nk’uko vyabaye igihe Sodomu na Gomora n’ibisagara bibanyi vyatembagazwa+,” ni ko Yehova avuze, “nta muntu azohaba, kandi nta mwana w’abantu azohaba ari kavamahanga+. 19  “Ehe, umuntu azoduga nk’intambwe+ ivuye mu bisaka vy’inzitane vyishima vyo ku nkengera ya Yorodani, aje ahantu ho kuba haramba+, mugabo mu kanya gatoyi nzotuma ahahunga+. Kandi uwatowe ni we nzoshiraho ngo ahaganze. Kuko, ni nde ameze nkanje+, kandi ni nde azompigisha+? Vyongeye, ni nde none mwungere yompagarara imbere+? 20  Nimwumve rero ingingo ya Yehova, iyo yafatiye Edomu+, n’ivyiyumviro vyiwe yiyumviriye vyo kugirira nabi ababa i Temani+: Vy’ukuri, imyagazi yo mu mukuku izoburutwa. Ni ukuri, ahantu hayo ho kuba azohagira umusaka kubera bo+. 21  Ijwi ry’ugutemba kwabo ryumvikanye, isi ica itangura gutigita+. Hari amaborogo+! Ijwi ryakwo ryumvikanye no ku kiyaga Gitukura+. 22  Raba! Umuntu azoduga nk’inkona maze ashunguruke kunyakura ikintu+, kandi azosanza amababa yiwe hejuru ya Bozira+; kuri uwo musi umutima w’abagabo b’abanyenkomezi ba Edomu uzoba koko nk’umutima w’umugore afashwe n’ububabare mu gihe c’ukwibaruka+.” 23  Ku vya Damasiko+: “Hamati+ na Arupadi+ biramaramaye, kuko vyumvise inkuru mbi. Birasangutse+. Mu kiyaga hari amaganya; ntigishobora kuguma gitekanye+. 24  Damasiko yabuze uburindutsi. Irahindukiye ngo ihunge, ubwoba burayitekeye+. Ifashwe n’umubabaro be n’imisonga y’ukwibaruka, nka kurya kw’umugore ariko yibaruka+. 25  Kubera iki igisagara c’ishemezo kitahebwe, igisagara c’umwigino+? 26  “Ku bw’ivyo, abasore bayo bazogwa mu bibanza vya bose vyayo, kandi abarwanyi bose bazonumishwa kuri uwo musi+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. 27  “Nzodomeka umuriro ku ruhome rwa Damasiko, kandi uzorigata koko iminara yo kubamwo ya Beni-hadadi+.” 28  Ku vya Kedari+ n’ubwami bwa Hazori+, ivyo Nebukadirezari umwami wa Babiloni yatikije+, ibi ni vyo Yehova avuze: “Haguruke muduge i Kedari, munyage abana b’Ubuseruko+. 29  Amahema yabo+ n’imikuku yabo+ bizotwarwa, ibitambara vyabo vy’ihema+ n’ibintu vyabo vyose. Ingamiya zabo+ bazozibatwara. Kandi bazosemerera bababwira bati: ‘Hari ivutu irya n’ino+!’” 30  “Hunge, nimuhungire kure; nimumanuke ibwina kugira ngo mubeyo, yemwe ababa i Hazori+,” ni ko Yehova avuze. “Kuko Nebukadirezari umwami wa Babiloni+ yabafatiye ingingo kandi yiyumviriye ivyiyumviro vyo kubagirira nabi.” 31  “Haguruke muduge gutera ihanga ritekanye+, ryibereyeho mu mutekano+!”, ni ko Yehova avuze. “Nta miryango canke igihindizo rifise. Babayeho ari inyakamwe+. 32  Emwe, ingamiya zabo+ zizoba isahu, ibitungwa vyabo vyinshi na vyo binyagwe. Nzobasanzariza mu miyaga yose+, abamoye imishatsi mu misaya+; kandi nzozana icago cabo ndagikuye mu micungararo yaho yose,” ni ko Yehova avuze. 33  “Hazori+ izocika aho imbwebwe zitaha+, igiharabuga gushika igihe kitagira urugero. Nta muntu azohaba, kandi nta mwana w’abantu azohaba ari kavamahanga+.” 34  Iri ni ryo jambo rya Yehova ryaje kuri Yeremiya umuhanuzi ku bijanye na Elamu+ mu ntango y’ingoma ya Zedekiya+ umwami wa Yuda, riti: 35  “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Ehe ngira mvune umuheto wa Elamu+, intango y’inkomezi zabo. 36  Nzozana kuri Elamu ya miyaga ine ivuye ku mpera zine z’amajuru+. Nzobasanzariza muri iyo miyaga yose+, kandi nta hanga abashwiragijwe+ ba Elamu batazoshikamwo.’” 37  “Nzomenagurira Abelamu imbere y’abansi babo n’imbere y’abarondera ubuzima bwabo; kandi nzobazanako ivyago, ishavu ryanje rirurumba+,” ni ko Yehova avuze. “Nzorungika inkota inyuma yabo gushika ndabatikije+.” 38  “Nzoshinga intebe y’ubwami yanje i Elamu+, kandi nzorandurayo umwami n’abaganwa,” ni ko Yehova avuze. 39  “Uku ni ko bizoba koko mu kiringo ca nyuma c’imisi+: nzokoranya abagizwe imbohe ba Elamu+,” ni ko Yehova avuze.

Utujambo tw'epfo

Ijambo ku rindi ni “uduhungu tutagira se.”