Yeremiya 49:1-39
49 Ku vya bene Amoni+, ibi ni vyo Yehova avuze: “Mbega Isirayeli nta bahungu afise, canke nta samuragwa afise? Kubera iki Malikamu+ yigaruriye Gadi+, abantu bayo na bo bakaba mu bisagara vya Isirayeli+?”
2 “‘Ku bw’ivyo, ehe imisi iraje,’ ni ko Yehova avuze, ‘nzokwumvikanisha ikimenyetso c’ukugabisha c’intambara+ kuri Raba+ ya bene Amoni; izocika koko ikidunduri c’igiharabuga+, kandi ibisagara bihakukira+ bizoturirirwa mu muriro+.’
“‘Kandi Isirayeli azokwigarurira abari baramwigaruriye+,’ ni ko Yehova avuze.
3 “‘Boroga+, Heshiboni we+, kuko Ayi inyazwe! Nimwihe akaruru, yemwe bisagara bikukira Raba! Nimukenyere amagunira+. Nimurire, munyuragire mu ngo z’ibitungwa zubakishijwe amabuye, kuko Malikamu izoja mu bunyagano+, abaherezi bayo n’abaganwa bayo, bose hamwe+.
4 Kubera iki wiyemera ku bijanye n’ibiyaya vyo hasi+, ikiyaya cawe co hasi gitemba, ewe mukobwa w’igihemu, wewe wizigira amatunga yawe+, ukavuga uti: “Ni nde azoza aho ndi+?”’”
5 “‘Ehe ngira ndakuzaneko ikintu giteye ubwoba+,’ ni ko Umukama Segaba+, Yehova nyen’ingabo, avuze, ‘kivuye ku bari irya n’ino yawe bose. Emwe, muzoshwiragizwa, umwe wese ajane inzira yiwe+, kandi nta wuzokoraniriza hamwe abazoba bariko barahunga.’”
6 “‘Mugabo mu nyuma nzokoranya abagizwe imbohe bo muri bene Amoni+,’ ni ko Yehova avuze.”
7 Ku vya Edomu, ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: “Mbega nta bukerebutsi+ bukiri i Temani+? Mbega impanuro yayogeye ku bafise ugutegera? Mbega ubukerebutsi bwabo bwaboze+?
8 Nimuhunge+! Nimusubire inyuma! Nimumanuke ibwina mubeyo+, yemwe ababa i Dedani+! Kuko nzomuzanako icago ca Esawu, igihe nzokwitaho ivyiwe+.
9 Hamwe abasoromyi b’inzabibu boza vy’ukuri kuri wewe, mbega ntibosigaza inzabibu zo gutorora? Hamwe ibisuma vyoza mw’ijoro, vyoyogeza koko ibintu uko bigomba+.
10 Mugabo jewe, nzokoba Esawu asigare ari amenya+. Nzopfukura ubwihisho bwiwe+, kandi nta wuzoshobora kwinyegeza+. Uruvyaro rwiwe na bene wabo n’ababanyi biwe bazonyagwa koko+, na we ntazobaho+.
11 Siga impfuvyi* zawe+. Jewe nzozizigamira ubuzima, kandi abapfakazi bawe bazonyizigira+.”
12 Kuko ibi ari vyo Yehova avuze: “Raba! Naho badasanzwe banywa igikombe, bazonywa ata kabuza+. Nayo wewe, mbega uzogenda udahanywe? Ntuzogenda udahanywe, kuko utazobura kunywa+.”
13 “Kuko nirahiye jewe ubwanje+,” ni ko Yehova avuze, “yuko Bozira+ ata kindi izocika atari akajoreza+, iceyi, agatikizo, n’umuvumo; kandi ibisagara vyayo vyose bizocika ibibanza vyatikijwe gushika igihe kitagira urugero+.”
14 Hari inkuru numvise ivuye kuri Yehova, kandi hari intumwa itumwe mu mahanga kuvuga ngo: “Nimukoranire hamwe, muze kuharwanya, muhaguruke murwane urugamba+.”
15 “Kuko ehe nkugize koko mutoyi mu mahanga, uwusuzuguritse mu bantu+.
16 Uguhinda agashitsi wahora uteza kwaraguhenze, ukwita imbere kw’umutima wawe+, ewe wewe uba mu bwihisho bw’urutare, wewe uri ahantu hakirurutse h’umurambi. Naho wubaka icari cawe hejuru cane nk’inkona+, nzokumanurayo+,” ni ko Yehova avuze.
17 “Kandi Edomu izocika akajoreza ata kabuza+. Umuntu wese azoca iruhande yayo azoyitamarira ajongorotse, avuze agahwa kubera ivyago vyayo vyose+.
18 Nk’uko vyabaye igihe Sodomu na Gomora n’ibisagara bibanyi vyatembagazwa+,” ni ko Yehova avuze, “nta muntu azohaba, kandi nta mwana w’abantu azohaba ari kavamahanga+.
19 “Ehe, umuntu azoduga nk’intambwe+ ivuye mu bisaka vy’inzitane vyishima vyo ku nkengera ya Yorodani, aje ahantu ho kuba haramba+, mugabo mu kanya gatoyi nzotuma ahahunga+. Kandi uwatowe ni we nzoshiraho ngo ahaganze. Kuko, ni nde ameze nkanje+, kandi ni nde azompigisha+? Vyongeye, ni nde none mwungere yompagarara imbere+?
20 Nimwumve rero ingingo ya Yehova, iyo yafatiye Edomu+, n’ivyiyumviro vyiwe yiyumviriye vyo kugirira nabi ababa i Temani+: Vy’ukuri, imyagazi yo mu mukuku izoburutwa. Ni ukuri, ahantu hayo ho kuba azohagira umusaka kubera bo+.
21 Ijwi ry’ugutemba kwabo ryumvikanye, isi ica itangura gutigita+. Hari amaborogo+! Ijwi ryakwo ryumvikanye no ku kiyaga Gitukura+.
22 Raba! Umuntu azoduga nk’inkona maze ashunguruke kunyakura ikintu+, kandi azosanza amababa yiwe hejuru ya Bozira+; kuri uwo musi umutima w’abagabo b’abanyenkomezi ba Edomu uzoba koko nk’umutima w’umugore afashwe n’ububabare mu gihe c’ukwibaruka+.”
23 Ku vya Damasiko+: “Hamati+ na Arupadi+ biramaramaye, kuko vyumvise inkuru mbi. Birasangutse+. Mu kiyaga hari amaganya; ntigishobora kuguma gitekanye+.
24 Damasiko yabuze uburindutsi. Irahindukiye ngo ihunge, ubwoba burayitekeye+. Ifashwe n’umubabaro be n’imisonga y’ukwibaruka, nka kurya kw’umugore ariko yibaruka+.
25 Kubera iki igisagara c’ishemezo kitahebwe, igisagara c’umwigino+?
26 “Ku bw’ivyo, abasore bayo bazogwa mu bibanza vya bose vyayo, kandi abarwanyi bose bazonumishwa kuri uwo musi+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
27 “Nzodomeka umuriro ku ruhome rwa Damasiko, kandi uzorigata koko iminara yo kubamwo ya Beni-hadadi+.”
28 Ku vya Kedari+ n’ubwami bwa Hazori+, ivyo Nebukadirezari umwami wa Babiloni yatikije+, ibi ni vyo Yehova avuze: “Haguruke muduge i Kedari, munyage abana b’Ubuseruko+.
29 Amahema yabo+ n’imikuku yabo+ bizotwarwa, ibitambara vyabo vy’ihema+ n’ibintu vyabo vyose. Ingamiya zabo+ bazozibatwara. Kandi bazosemerera bababwira bati: ‘Hari ivutu irya n’ino+!’”
30 “Hunge, nimuhungire kure; nimumanuke ibwina kugira ngo mubeyo, yemwe ababa i Hazori+,” ni ko Yehova avuze. “Kuko Nebukadirezari umwami wa Babiloni+ yabafatiye ingingo kandi yiyumviriye ivyiyumviro vyo kubagirira nabi.”
31 “Haguruke muduge gutera ihanga ritekanye+, ryibereyeho mu mutekano+!”, ni ko Yehova avuze.
“Nta miryango canke igihindizo rifise. Babayeho ari inyakamwe+.
32 Emwe, ingamiya zabo+ zizoba isahu, ibitungwa vyabo vyinshi na vyo binyagwe. Nzobasanzariza mu miyaga yose+, abamoye imishatsi mu misaya+; kandi nzozana icago cabo ndagikuye mu micungararo yaho yose,” ni ko Yehova avuze.
33 “Hazori+ izocika aho imbwebwe zitaha+, igiharabuga gushika igihe kitagira urugero. Nta muntu azohaba, kandi nta mwana w’abantu azohaba ari kavamahanga+.”
34 Iri ni ryo jambo rya Yehova ryaje kuri Yeremiya umuhanuzi ku bijanye na Elamu+ mu ntango y’ingoma ya Zedekiya+ umwami wa Yuda, riti:
35 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Ehe ngira mvune umuheto wa Elamu+, intango y’inkomezi zabo.
36 Nzozana kuri Elamu ya miyaga ine ivuye ku mpera zine z’amajuru+. Nzobasanzariza muri iyo miyaga yose+, kandi nta hanga abashwiragijwe+ ba Elamu batazoshikamwo.’”
37 “Nzomenagurira Abelamu imbere y’abansi babo n’imbere y’abarondera ubuzima bwabo; kandi nzobazanako ivyago, ishavu ryanje rirurumba+,” ni ko Yehova avuze. “Nzorungika inkota inyuma yabo gushika ndabatikije+.”
38 “Nzoshinga intebe y’ubwami yanje i Elamu+, kandi nzorandurayo umwami n’abaganwa,” ni ko Yehova avuze.
39 “Uku ni ko bizoba koko mu kiringo ca nyuma c’imisi+: nzokoranya abagizwe imbohe ba Elamu+,” ni ko Yehova avuze.
Utujambo tw'epfo
^ Ijambo ku rindi ni “uduhungu tutagira se.”