Yeremiya 48:1-47
48 Ku vya Mowabu+, ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze+: “Nebo iragowe+, kuko inyazwe! Kiriyatayimu+ iramaramaye, irafashwe. Ahantu hakirurutse hatagira inkomanzi haramaramaye, hatewe ubwoba+.
2 Nta shemezo rya Mowabu rikiriho+. Biyumviriye ivyago ku bimwerekeye bari i Heshiboni+, bati: ‘Nimuze tumurandure areke kuba ihanga+.’
“Na wewe Madumeni nucereze. Inkota iragukurikira.
3 Hari ijwi ry’amaborogo riva i Horonayimu+, ukunyaga n’ugusenyuka gukomeye.
4 Mowabu arasenyutse+. Abana biwe batoyi bumvikanishije akaruru.
5 Kuko umuntu adugana inzira iduga i Luhiti+ arira: hari amarira. Kuko mu nzira imanuka ivuye i Horonayimu abantu bumvise amaborogo ateye umubabaro kubera ugusenyuka+.
6 “Nimuhunge; nimunyage amagara+, mube nk’igiti c’umuberoshi mu gahinga+.
7 Kubera ko wizigira ibikorwa vyawe n’amatunga yawe, na wewe uzofatwa+. Kandi Kemoshi+ izoja koko mu bunyagano+, abaherezi bayo n’abaganwa bayo icarimwe+.
8 Umunyazi azoza ku gisagara kimwekimwe cose+, kandi nta gisagara na kimwe kizocika kw’icumu+. Ikiyaya co hasi kizoyogera ata kabuza, intara ishashe na yo izimanganywe, ni ko Yehova avuze.
9 “Nimuhe Mowabu ikimenyetso co kw’ibarabara, kuko azosohoka mu gihe c’ihomvagurika+; ibisagara vyiwe bizoba akajoreza, ntihagire umuntu aba muri vyo+.
10 “Arakavumwa uwurangurana urwangara igikorwa ca Yehova+! Arakavumwa uwima inkota yiwe amaraso!
11 “Abanyamowabu bamye batekanye kuva mu buto bwabo+, kandi bigumira ata nkomanzi ku rutere rwabo+. Ntibacuranuwe ngo bakurwe mu combo kimwe bashirwe mu kindi, kandi ntibagiye mu bunyagano. Ni co catumye akanovera kabo kaguma muri bo, n’akamoto kabo ntigahinduke.
12 “‘Ku bw’ivyo, ehe imisi iraje,’ ni ko Yehova avuze, ‘kandi nzobarungikira abahengetsi b’ivyombo, na bo bazobahengeka koko+; bazocuranura ivyombo vyabo, basavye imibindi mininiminini yabo.
13 Kandi Abanyamowabu bazomaramazwa na Kemoshi+, nk’uko ab’inzu ya Isirayeli bamaramajwe na Beteli bari bizeye+.
14 Mwubahuka gute kuvuga ngo: “Turi abagabo b’abanyenkomezi+ n’abagabo b’inguvu bo kurwana intambara”?’
15 “‘Mowabu yanyazwe, kandi baduze gutera ibisagara vyiwe+. Imisore yavyo y’abahizi imanutse gukererwa+,’ ni ko Umwami avuze, uwitwa Yehova nyen’ingabo+.
16 “Amakuba y’Abanyamowabu agira ashike, kandi ivyago vyabo biranyaruka cane+.
17 Abari irya n’ino yabo bose bazosangira na bo umubabaro, egome, abazi izina ryabo bose+. Nimuvuge muti: ‘Ewe kuntu inkoni y’inkomezi ivunywe, ikibando c’ubwiza+!’
18 “Manuka uve mu buninahazwa, wicare mu nyôta, ewe mukobwa+ wa Diboni+ uba ng’aho; kuko umunyazi wa Mowabu aduze kugutera. Azohonya koko ibibanza vyawe bikingijwe ibihome+.
19 “Hagarara, weraguze urondera inzira, ewe mugore uba i Aroweri+! Baza umugabo ahunga, n’umugore anyaze amagara. Uvuge uti: ‘Habaye iki+?’
20 Mowabu aramaramaye, kuko acitse ivutu+. Nimuboroge, musemerere. Nimumenyeshe i Arunoni+ yuko Mowabu anyazwe.
21 Urubanza ruje ku gihugu c’intara ishashe+, kuri Holoni no kuri Yahazi+ no kuri Mefayati+,
22 no kuri Diboni+ no kuri Nebo+ no kuri Beti-dibulatayimu,
23 no kuri Kiriyatayimu+ no kuri Beti-gamuli no kuri Beti-meyoni+
24 no kuri Keriyoti+ no kuri Bozira+ no ku bisagara vyose vy’igihugu ca Mowabu, ivya kure n’ivya hafi.
25 “‘Ihembe rya Mowabu rirakondowe+, kandi ukuboko kwiwe kuravunywe+,’ ni ko Yehova avuze.
26 ‘Nimumuboreze+, kuko yihambaje kuri Yehova ubwiwe+; Mowabu yivurunze mu bidahwe vyiwe+, na we nyene yacitse agashinyaguro.
27 “‘Mbega Isirayeli ntiyacitse agashinyaguro kuri wewe+? Canke yoba yasanzwe mu bisuma katwa+? Kuko wazunza umutwe igihe cose waba umuvuze nabi.
28 “‘Nimuve mu bisagara muje kuba ku rutare+, yemwe ababa i Mowabu, mube nk’inuma yubaka icari cayo mu turere tw’umunwa w’umwobo+.’”
29 “Twarumvise ubwishime bwa Mowabu+: aribona cane; twarumvise ubukiruruke bwiwe n’ubwishime bwiwe n’ubwibone bwiwe n’ukwishira hejuru kw’umutima wiwe+.”
30 “‘Jewe naramenye uburake bwiwe,’ ni ko Yehova avuze, ‘kandi si ko bizogenda; amajambo yiwe agaragara+. . . mu vy’ukuri ntibazobigenza gutyo+.
31 Ni co gituma nzoborogera Mowabu, kandi nzosemerera ndirira Mowabu yose uko ingana+. Bazonihira abagabo b’i Kiri-heresi+.
32 “‘Nzokuririra kuruta uko naririye Yazeri+, ewe muzabibu w’i Sibuma+! Imivyaro yawe itagase yajabutse ikiyaga. Yashitse ku kiyaga, i Yazeri+. Umunyazi yaguye ku vyamwa vyawe vyo mu ci+ no ku mwimbu wawe w’inzabibu+.
33 Umunezero n’akanyamuneza bikuwe mu murima w’ivyamwa no mu gihugu ca Mowabu+. Nkamije umuvinyu mu nganiro z’umuvinyu+. Nta n’umwe azoganisha ibirenge yiha akaruru. Akaruru ntikazoba akaruru+.’”
34 “‘Bumvikanishije ijwi ryabo+, bumvikanisha akaruru i Heshiboni+, rikaba ryumvikanye gushika i Eleyale+, no gushika i Yahazi+. Akaruru k’i Zowari+ kumvikanye gushika i Horonayimu+, no gushika i Egulati-shelishiya+; kuko n’amazi ya Nimurimu+ azocika umusaka.
35 Kandi nzokura muri Mowabu,’ ni ko Yehova avuze, ‘uwudugana ishikanwa ku kibanza gikirurutse n’uwufumbishiriza umwotsi w’ibimazi imana yiwe+.
36 Ni co gituma umutima wanje uzosebagirikira Mowabu nk’imyironge+; kandi umutima wanje uzosebagirikira abagabo b’i Kiri-heresi+ nk’imyironge. Ni co gituma umurengera yimbuye uzoyogera ata kabuza+.
37 Kuko ku mutwe umwumwe wose hari ubuhanza+, kandi ubwanwa bwose buramoye+. Ku maboko yose harakebaguye+, mu mafyinga na ho hakaba amagunira+!’”
38 “‘Ku bisenge vyose vya Mowabu no mu bibanza vyiwe vya bose—hose—hari amaborogo+; kuko nsabije Mowabu nk’icombo kidahimbaye+,’ ni ko Yehova avuze.
39 ‘Ewe kuntu atekewe n’ubwoba! Nimuboroge! Ewe kuntu Mowabu ahindukije umugongo! Aramaramaye+. Kandi Mowabu acitse agashinyaguro n’ikintu giteye ubwoba ku bari irya n’ino yiwe bose.’”
40 “Kuko ibi ari vyo Yehova avuze: ‘Ehe! Nka kurya nyene inkona ishunguruka kunyakura ikintu+, ni ko umuntu azosanza amababa yiwe kuri Mowabu+.
41 Ibisagara bizofatwa koko, kandi ibibanza vyiwe bikomeye bizocakirwa ata gukeka. Kuri uwo musi, umutima w’abagabo b’abanyenkomezi ba Mowabu uzoba nk’umutima w’umugore afashwe n’ububabare mu gihe c’ukwibaruka+.’”
42 “‘Mowabu azozimanganywa koko ntasubire kuba igisata+, kuko yihambaje kuri Yehova+.
43 Ubwoba n’ikinogo n’umutego biri kuri wewe, ewe muntu uba i Mowabu+,’ ni ko Yehova avuze.
44 ‘Uwuzohunga kubera ubwoba azogwa mu kinogo; uwuzoduga ava mu kinogo azofatwa mu mutego+.’
“‘Kuko nzozana kuri we, kuri Mowabu, umwaka w’ukwitaho ivyabo+,’ ni ko Yehova avuze.
45 ‘Abariko bahunga, bahagaze ata nkomezi mu gitutu ca Heshiboni. Kuko umuriro uzosohoka koko uvuye i Heshiboni+, urubeya rusohoke ruvuye hagati muri Sihoni+; uzorigata imisaya ya Mowabu n’urutwariro rw’abana b’intureka+.’
46 “‘Uragowe, Mowabu we+! Abantu b’i Kemoshi+ barayogeye. Kuko abahungu bawe batwawe ari imbohe, n’abakobwa bawe bagatwarwa ari imbohe.
47 Kandi nzokoranya abagizwe imbohe ba Mowabu mu kiringo ca nyuma c’imisi+,’ ni ko Yehova avuze. ‘Urubanza rwa Mowabu rugarukiye aha+.’”