Yeremiya 47:1-7
47 Iri ni ryo jambo rya Yehova, iryo yabwiye Yeremiya umuhanuzi ku bijanye n’Abafilisitiya+, imbere y’uko Farawo atangura gutikiza Gaza+.
2 Ibi ni vyo Yehova avuze:
“Ehe amazi araduze+ avuye mu buraruko+ maze acika uruzi rw’isumo rusendanisha. Azosendanisha ku gihugu no ku bicuzuye, ku gisagara no ku bakibamwo+. Abantu bazosemerera koko, kandi umuntu wese aba mu gihugu azoboroga ata kabuza+.
3 Ba se nibumva ukudida ibinono kw’amafarasi yiwe y’ingabo+, ukujegera kw’imikogote yiwe y’intambara+, uruyogoyogo rw’amakurudumu yiwe+, ntibazokebuka ngo barabe abahungu babo, kuko amaboko yabo azoregera,
4 kubera umusi uje kunyaga Abafilisitiya bose+, kurandura muri Tiro+ no muri Sidoni+ uwacitse kw’icumu wese yariko arafasha+. Kuko Yehova agira anyage Abafilisitiya+, ari bo masigarira yo kw’izinga rya Kafutori+.
5 Ubuhanza+ buzoza ata kabuza kuri Gaza+. Ashikeloni+ iranumijwe. Yemwe masigarira y’ikiyaya caho co hasi, muzogeza ryari kwikebagura+?
6 “Ahaa, ewe nkota ya Yehova+! Uzogeza ryari kutaguma hamwe? Subizwa mu rwubati rwawe+. Ruhuka, ucereze.
7 “Yoguma hamwe ite kandi Yehova ubwiwe yayihaye itegeko? Igenewe Ashikeloni n’inkengera y’ikiyaga+. Aho ni ho yashinze ko iba.”