Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yeremiya 46:1-28

46  Iri ni ryo jambo rya Yehova ryaje kuri Yeremiya umuhanuzi ku bijanye n’amahanga+:  Ku vya Misiri+, ku bijanye n’inteko za gisirikare za Farawo Neko umwami wa Misiri+, izari iruhande y’uruzi Efurate i Karikemishi+, izo Nebukadirezari umwami wa Babiloni yatsinze mu mwaka ugira kane wa Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami wa Yuda:  “Nimutondeke agakinzo n’inkinzo yagutse, muheze mwegere urugamba+.  Nimwambike imigozi amafarasi, maze muyurire, yemwe abagendera ku mafarasi, hanyuma muhagarare mwambaye inkofero. Nimusene amacumu. Nimwambare amakoti y’ivyuma+.  “‘Kubera iki nababonye bacitse ivutu? Bariko basubira inyuma, kandi abagabo b’abanyenkomezi babo barajanjaguwe; bahunze koko, ntibahindukiye+. Hari ivutu irya n’ino+,’ ni ko Yehova avuze.  ‘Uwunyaruka ntagerageze guhunga, n’umugabo w’umunyenkomezi ntagerageze kuyanyaga+. Mu buraruko+, ku nkombe y’uruzi Efurate, ni ho batsitaye baragwa+.’  “Uwu ni nde aduga nk’uruzi Nili, nk’inzuzi z’amazi asuriranya+?  Misiri iduga nk’uruzi Nili+, kandi amazi asuriranya nk’inzuzi+. Ivuga iti: ‘Nzoduga. Nzopfuka isi. Nzorandura bitagoranye igisagara n’ababa muri co+.’  Nimuduge, mwa mafarasi mwe; nimugende nk’abasaze, mwa mikogote mwe! Abagabo b’abanyenkomezi nibasohoke, Kushi+ na Puti+, abakoresha inkinzo, n’Abaludimu+ bakoresha kandi bagahonyora umuheto. 10  “Uwo musi ni uw’Umukama Segaba, Yehova nyen’ingabo, umusi w’ukwihora kugira ngo yihore abarwanizi biwe+. Inkota izorotsa ata kabuza, ihage, inywe amaraso yabo ihimbe, kuko Umukama Segaba+, Yehova nyen’ingabo, afise ikimazi+ mu gihugu co mu buraruko iruhande y’uruzi Efurate+. 11  “Duga i Gileyadi utore umusomozo+, ewe mukobwa w’isugi wa Misiri+! Wagwirije ubusa imiti. Ntushobora gukira+. 12  Amahanga yumvise agateterwe+ kawe, kandi amaborogo yawe yuzuye igihugu+. Kuko batsitaye, umugabo w’umunyenkomezi agatsitara ku mugabo w’umunyenkomezi+. Bagwiriye rimwe bose.” 13  Ijambo Yehova yabwiye Yeremiya umuhanuzi ku bijanye n’ukuza kwa Nebukadirezari umwami wa Babiloni, aje gusasika igihugu ca Misiri ni iri+: 14  “Nimubimenyeshe mu Misiri, muvyamamaze i Migidoli+, muvyamamaze i Nofu+ n’i Tahapanesi+. Muvuge muti: ‘Hagarara, ugira n’imyiteguro+, kuko inkota izorotsa koko irya n’ino yawe+. 15  Kubera iki abanyabubasha bawe bakukumuwe+? Ntibananye, kuko Yehova ubwiwe yabigije inyuma+. 16  Batsitara ari benshi. Kandi baragwa koko. Baguma babwirana bati: “Haguruka dusubire mu bantu b’iwacu, mu gihugu c’incuti zacu, kubera inkota ihahaza.”’ 17  Batangarijeyo bati: ‘Farawo umwami wa Misiri ni urwamo gusa+. Yaretse igihe c’umusi mukuru kirarengana+.’ 18  “‘Ndahiye ukubaho kwanje,’ ni ko Umwami avuze, umwe yitwa Yehova nyen’ingabo+: ‘azoza nka Tabori+ mu misozi, nka Karumeli+ iruhande y’ikiyaga. 19  Niwitunganirize umuzigo w’ubunyagano+, ewe mukobwa wa Misiri uba ng’aho+! Kuko Nofu+ izocika akajoreza kandi izoturirwa, ku buryo ata wuzohaba+. 20  Misiri ni ishashi y’inka iteye igomwe rwose. Umubu uzoza kumurya uvuye mu buraruko+. 21  Ikigeretseko, abasoda biwe b’abacangero hagati muri we bameze nk’inyana zadoheshejwe+. Mugabo na bo nyene basubiye inyuma+; bahungiye icarimwe. Ntibananye+. Kuko umusi w’icago cabo uje kuri bo, igihe c’uko ivyabo vyitabwaho+.’ 22  “‘Ijwi ryiwe ni nk’iry’inzoka igenda+; kuko abantu bazogenda bafise inkomezi, kandi bazokwinjira koko muri we bafise amashoka, nk’abasenya inkwi. 23  Bazokwicira koko ikibira ciwe+,’ ni ko Yehova avuze, ‘kubera ko kitashobora kumenērwa. Kuko babaye benshi kurusha inzige+; ntibagira igitigiri. 24  Umukobwa+ wa Misiri azomaramara koko. Azotangwa vy’ukuri mu kuboko kw’abantu bo mu buraruko+.’ 25  “Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: ‘Ehe ngira niteho ivya Amoni+ y’ahitwa No+, n’ivya Farawo n’ivya Misiri n’imana zaho+ be n’abami baho+, egome ngira niteho ivya Farawo n’abamwizigira bose+.’ 26  “‘Nzobatanga mu kuboko kw’abarondera ubuzima bwabo no mu kuboko kwa Nebukadirezari umwami wa Babiloni+ no mu kuboko kw’abasuku biwe; inyuma y’aho, Misiri bazoyibamwo nko mu misi ya kera+,’ ni ko Yehova avuze. 27  “‘Nayo wewe, ntutinye, ewe musavyi wanje Yakobo, ntucike ivutu, ewe Isirayeli+! Kuko ehe ngira ngukize ndagukuye kure, n’uruvyaro rwawe ndarukize ndarukuye mu gihugu rwagizwemwo imbohe+. Kandi Yakobo azogaruka koko, abeho ata kimuhungabanya, atekanye kandi ata wumujugumiza+. 28  Nayo wewe, ntutinye, ewe musavyi wanje Yakobo,’ ni ko Yehova avuze, ‘kuko ndi kumwe nawe+. Kuko nzotikiza amahanga yose nagushwiragirijemwo+, mugabo wewe sinzogutikiza+. Yamara nzoguhana koko ku rugero rubereye+, sinzobura kuguhana+.’”

Amakuru yiyongereye