Yeremiya 45:1-5
45 Ijambo Yeremiya umuhanuzi yabwiye Baruki+ mwene Neriya, igihe yandika mu gitabu ayo majambo ayakuye mu kanwa ka Yeremiya+, mu mwaka ugira kane wa Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami wa Yuda, ati:
2 “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze ku bijanye nawe, ewe Baruki:
3 ‘Wavuze uti: “Ndagowe rero+, kuko Yehova yongeye intuntu ku mubabaro wanje! Ndambiwe n’ukuniha kwanje, kandi sinaronse ahantu h’ukuruhukira+.”’
4 “Umubwire uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ehe ico nubatse ngira ndagisambure, kandi ico nateye ngira ndakirandure, ni ukuvuga igihugu cose+.
5 Mugabo wewe, uguma wironderera ibintu bihambaye+. Ntugume ubirondera+.”’
“‘Kuko ehe ngira nzane icago ku kiri n’umubiri cose+,’ ni ko Yehova avuze, ‘kandi nzoguha kunyaga amagara yawe aho uzoja hose+.’”