Yeremiya 44:1-30

44  Ijambo ryaje kuri Yeremiya ku bijanye n’Abayuda bose baba mu gihugu ca Misiri+, ababa i Migidoli+ n’i Tahapanesi+ n’i Nofu+ no mu gihugu ca Patirosi+, riti:  “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Mwarabonye ivyago vyose nateje Yeruzalemu+ n’ibisagara vyose vya Yuda, none ehe uyu musi bisigaye ari ikibanza catikijwe, kandi nta muntu aba muri vyo+.  Ivyo vyatumwe n’ububi bwabo bakoze kugira ngo bambabaze mu kuja gufumbishiriza umwotsi w’ibimazi+ izindi mana no kuzikorera, izo batamenye, baba bo canke mwebwe canke ba sogokuruza banyu+.  Nagumye ndabatumako abasavyi banje bose, abahanuzi, nkazinduka nkabatuma+ nti: “Ndabinginze ntimukore ico kintu giteye ishishi nanka+.”  Mugabo ntibumvirije+, canke ngo batege ugutwi kugira ngo bahindukire bave mu bubi bwabo, mu kudafumbishiriza umwotsi w’ibimazi izindi mana+.  Nuko ubushangashirwe bwanje n’ishavu ryanje birasukwa, birurumba mu bisagara vya Yuda no mu mabarabara ya Yeruzalemu+; maze hahinduka ikibanza catikijwe, igiharabuga, nk’uko biri uyu musi+.’  “Ubu rero, ibi ni vyo Yehova Imana nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Kubera iki muriko mwikwegera ivyago bikomeye+, kugira ngo murandure muri mwebwe umugabo n’umugore, umwana n’uwonka+, bave muri Yuda, ku buryo mutisigariza amasigarira,  mu kumbabarisha ibikorwa vy’amaboko yanyu, mu gufumbishiriza umwotsi w’ibimazi izindi mana+ mu gihugu ca Misiri, ico mwinjiramwo ngo mukibemwo muri ba kavamahanga, kugira ngo mwikwegere kurandurwa no kugira ngo mube umuvumo n’iceyi mu mahanga yose yo kw’isi+?  Mbega mwaribagiye ibikorwa bibi vya ba sogokuruza banyu+, n’ibikorwa bibi vy’abami ba Yuda+, n’ibikorwa bibi vy’abagore babo+, n’ibikorwa bibi vyanyu bwite, n’ibikorwa bibi vy’abagore banyu+, ivyo bakoreye mu gihugu ca Yuda no mu mabarabara ya Yeruzalemu? 10  Kandi gushika n’uyu musi ntibumvise bajanjaguritse+, ntibatinye+ canke ngo bagendere mw’itegeko ryanje+ no mu vyagezwe vyanje nashize imbere yanyu n’imbere ya ba sogokuruza banyu+.’ 11  “Ibi rero ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Ehe ngira ndabishe mu maso hanje kuri mwebwe kugira ndabateze ivyago no kugira ndandure Yuda yose+. 12  Kandi nzotora amasigarira ya Yuda yiyemeje kwinjira mu gihugu ca Misiri kubayo ari ba kavamahanga+, kandi bose bazoherengeterera koko mu gihugu ca Misiri+. Bazogwishwa n’inkota; kandi bazoherengetezwa n’ikigoyi+, kuva ku muto kuruta abandi bose gushika no ku wuhambaye kuruta abandi bose; bazokwicwa n’inkota be n’ikigoyi. Emwe, bazoba abo kuvumwa, akajoreza n’umuvumo n’iceyi+. 13  Kandi nzogira ico mbaza ababa mu gihugu ca Misiri, nk’uko nagize ico mbaza Yeruzalemu, nkoresheje inkota n’ikigoyi n’ikiza+. 14  Ntihazogira uwurokoka canke uwucika kw’icumu ku bw’amasigarira ya Yuda yinjira mu gihugu ca Misiri kubayo ari ba kavamahanga+, egome, kugira ngo basubire mu gihugu ca Yuda, ico bipfuza rwose gusubiramwo ngo babeyo+; kuko batazosubirayo, kiretse abacitse kw’icumu bakeyi.’” 15  Nuko abagabo bose bari bazi ko abagore babo bahora bafumbishiriza umwotsi w’ibimazi izindi mana+, n’abagore bose bari bahagaze ng’aho ari ishengero rinini, n’abantu bose baba mu gihugu ca Misiri+, i Patirosi+, bishura Yeremiya bati: 16  “Ku bijanye n’ijambo utubwiye mw’izina rya Yehova, ntitukwumviriza+; 17  mugabo tuzokora ijambo ryose ryavuye mu kanwa kacu+, kugira dufumbishirize umwotsi w’ibimazi ‘umwamikazi w’amajuru+’ twongere tumusukire amashikanwa y’ikinyobwa+, nk’uko twe+ na ba sogokuruza bacu+ n’abami bacu+ n’abaganwa bacu twagize mu bisagara vya Yuda no mu mabarabara ya Yeruzalemu, igihe twahora duhaga umukate kandi tukabaho tumerewe neza; ico gihe nta vyago twabona+. 18  Mugabo kuva igihe twareka gufumbishiriza umwotsi w’ibimazi ‘umwamikazi w’amajuru+’ no kumusukira amashikanwa y’ikinyobwa, twarabuze ibintu vyose, kandi twaraherengetejwe n’inkota be n’ikigoyi+. 19  “Vyongeye, igihe twahora dufumbishiriza umwotsi w’ibimazi ‘umwamikazi w’amajuru+’ kandi tukagira umutima ukunze wo kumusukira amashikanwa y’ikinyobwa+, twoba twaramukoreye udutsima tw’ikimazi tutabajije abagabo bacu, kugira ngo dukore igishusho ciwe, no kugira ngo tumusukire amashikanwa y’ikinyobwa+?” 20  Nuko Yeremiya abwira abantu bose, abantu b’abagabo n’abagore n’abantu bose, abariko bamwishura ijambo, ati: 21  “Ku bijanye n’umwotsi w’ibimazi mwafumbishirije mu bisagara vya Yuda no mu mabarabara ya Yeruzalemu+, mwe+ na ba sogokuruza+ banyu, abami+ banyu n’abaganwa+ banyu n’abanyagihugu, mbega ivyo si vyo Yehova yibutse, bikamuza mu mutima+? 22  Amaherezo Yehova ntiyabaye agishobora kuvyihanganira kubera ububi bw’ibikorwa vyanyu, kubera ibintu biteye ishishi mwari mwarakoze+, bituma igihugu canyu kiba ikibanza catikijwe, n’akajoreza n’umuvumo, ata wukibamwo, nk’uko biri uyu musi+. 23  Kubera ko mwafumbishije umwotsi w’ibimazi+, mugacumura kuri Yehova+, ntimugamburuke ijwi rya Yehova+ kandi ntimugendere mw’itegeko ryiwe+ no mu vyagezwe vyiwe no mu vyibutsa vyiwe, ni co catumye ivyo vyago bibashikira, nk’uko biri uyu musi+.” 24  Yeremiya abandanya kubwira abo bantu bose n’abo bagore bose ati: “Nimwumve ijambo rya Yehova, mwese abo muri Yuda muri mu gihugu ca Misiri+. 25  Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Ku bijanye namwe be n’abagore banyu+, mwebwe bagore namwe nyene muravuga n’iminwa yanyu (kandi mwese mwarabishikije n’amaboko yanyu) muti: “Tuzoshitsa indagano zacu twaraganye+ zo gufumbishiriza umwotsi w’ibimazi ‘umwamikazi w’amajuru+’ no kumusukira amashikanwa y’ikinyobwa+.” Mwebwe bagore muzorangura indagano zanyu, kandi muzoshitsa indagano zanyu.’ 26  “Nimwumve rero ijambo rya Yehova, mwese abo muri Yuda muba mu gihugu ca Misiri+: ‘“Ehe jewe nararahiye izina ryanje rihambaye+,” ni ko Yehova avuze, “yuko izina ryanje ritazosubira kuba ikintu akanwa k’umuntu wese wo muri Yuda ari mu gihugu cose ca Misiri gasemerera+ ngo: ‘Ndahiye ukubaho kw’Umukama Segaba Yehova+!’ 27  Ehe nguma ndarikanuye ku biberekeye, kugira ndabateze ivyago atari ukugira ngo ndabagirire neza+; kandi abagabo ba Yuda bose bari mu gihugu ca Misiri bazomarwa n’inkota n’ikigoyi, gushika bazimanganye+. 28  Nayo abazocika ku nkota, bazosubira mu gihugu ca Yuda ari imparurwa bavuye mu gihugu ca Misiri+; kandi abo mu masigarira ya Yuda bose, abinjira mu gihugu ca Misiri kubayo ari ba kavamahanga, bazomenya koko uwo ijambo ryiwe riranguka, ko ari iryanje canke iryabo+.”’” 29  “‘Iki ni co kizobabera ikimenyetso+,’ ni ko Yehova avuze, ‘yuko nzokwitaho ivyanyu aha hantu, kugira mumenye yuko amajambo yanje azobarangukirako ata kabuza, mugashikirwa n’ivyago+: 30  Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ehe ngira ntange Farawo Hofura, umwami wa Misiri+, mu kuboko kw’abansi biwe no mu kuboko kw’abarondera ubuzima bwiwe+, nk’uko natanze Zedekiya umwami wa Yuda mu kuboko kwa Nebukadirezari umwami wa Babiloni, umwansi wiwe akaba n’uwarondera ubuzima bwiwe+.”’”

Utujambo tw'epfo