Yeremiya 43:1-13
43 Yeremiya akirangiza kubwira abantu bose amajambo yose ya Yehova Imana yabo, ayo Yehova Imana yari yamutumye kuri bo, egome, ayo majambo yose+,
2 Azariya mwene Hoshaya+ na Yohanani+ mwene Kareya n’abagabo bose bita imbere+, babwira Yeremiya bati: “Uvuze ikinyoma+. Yehova Imana yacu ntiyagutumye kuvuga ngo: ‘Ntimwinjire mu Misiri kubayo muri ba kavamahanga+.’
3 Mugabo Baruki+ mwene Neriya ni we ariko akudushuhurirako kugira ngo udutange mu kuboko kw’Abakaludaya, ngo batwice canke badutware mu bunyagano i Babiloni+.”
4 Nuko Yohanani mwene Kareya, n’abakuru bose b’inteko za gisirikare n’abantu bose ntibagamburuka ijwi rya Yehova+, ngo bagume baba mu gihugu ca Yuda+.
5 Yohanani mwene Kareya n’abakuru bose b’inteko za gisirikare batora rero amasigarira yose ya Yuda, ayari yagarutse avuye mu mahanga yose yari yarashwiragirijwemwo, kugira ngo babe barabaye mu gihugu ca Yuda+,
6 egome, abantu b’abagabo n’abagore n’abana batoyi n’abakobwa b’umwami+ n’umuntu wese Nebuzaradani+ umukuru w’abacungera ubuzima yari yarasize bari kumwe na Gedaliya+ mwene Ahikamu+, Ahikamu mwene Shafani+, na Yeremiya umuhanuzi na Baruki+ mwene Neriya.
7 Amaherezo binjira mu gihugu ca Misiri+, kuko batagamburutse ijwi rya Yehova; barahava bashika i Tahapanesi+.
8 Maze ijambo rya Yehova riza kuri Yeremiya i Tahapanesi riti:
9 “Tora mu kuboko kwawe amabuye maninimanini, uyanyegeze mu budongo ahakirurutse h’amatafari hari ku bwinjiriro bw’inzu ya Farawo i Tahapanesi, ubigirire mu maso y’abagabo b’Abayuda+.
10 Uheze ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: “Ehe ngira ntumeko Nebukadirezari umwami wa Babiloni+, umusavyi wanje+; nzomutora hanyuma ndamushire ku ntebe yiwe y’ubwami hejuru y’aya mabuye nanyegeje, na we azosanza koko ihema ryiwe ry’ubwami hejuru yayo.
11 Azoza ata kabuza, asasike igihugu ca Misiri+. Uwugenewe ikiza cica azoja ku kiza cica, uwugenewe kugirwa imbohe, azoja kugirwa imbohe, uwugenewe inkota na we azoja ku nkota+.
12 Nzodomeka umuriro mu mazu y’imana za Misiri+; kandi Nebukadirezari azoyaturira koko maze azitware ari inyagano, yizingireko igihugu ca Misiri, nk’uko umwungere yizingirako impuzu yiwe+, kandi azovayo koko amahoro.
13 Emwe, azomenagura inkingi za Beti-shemeshi* yo mu gihugu ca Misiri; kandi amazu y’imana za Misiri azoyaturiza umuriro.”’”
Amakuru yiyongereye
^ Ijambo ku rindi ni “Inzu y’Izuba.”