Yeremiya 42:1-22
42 Maze abakuru bose b’inteko za gisirikare na Yohanani+ mwene Kareya na Yezaniya+ mwene Hoshaya+ n’abantu bose, kuva ku mutoyi kuruta abandi bose gushika ku wuhambaye kuruta abandi bose, baregera,
2 babwira Yeremiya umuhanuzi bati: “Turakwinginze ugusaba ubutoni kwacu gushike imbere yawe, udusabire kuri Yehova Imana yawe+, usabire aya masigarira yose, kuko dusigaye turi inkehwa kandi twari benshi+, nk’uko amaso yawe atubona.
3 Kandi ese Yehova Imana yawe yotubwira inzira dukwiye kugenderamwo be n’ico dukwiye gukora+.”
4 Nuko Yeremiya umuhanuzi ababwira ati: “Ndumvise. Ehe ngira nsenge Yehova Imana yanyu nk’uko muvuze+; ijambo ryose Yehova azobishura nzoribabwira+. Nta jambo nzoreka kubabwira+.”
5 Na bo babwira Yeremiya bati: “Yehova abe icabona c’ukuri kandi cizigirwa kitwagiriza+, nitutakora neza na neza twisunze ijambo ryose Yehova Imana yawe azogutuma kuri twebwe+.
6 Ryaba ryiza canke ribi, ijwi rya Yehova Imana yacu tugutumyeko ni ryo tuzogamburuka, kugira ngo bitugendere neza kubera tugamburuka ijwi rya Yehova Imana yacu+.”
7 Nuko hashize imisi cumi, ijambo rya Yehova riza kuri Yeremiya+.
8 Ahamagara rero Yohanani mwene Kareya n’abakuru bose b’inteko za gisirikare bari kumwe na we be n’abantu bose, kuva ku mutoyi kuruta abandi bose gushika ku wuhambaye kuruta abandi bose+;
9 hanyuma ababwira ati: “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli, uwo mwantumyeko kugira ngo nshikane imbere yiwe ugusaba ubutoni kwanyu+, avuze:
10 ‘Nimwaguma koko muba muri iki gihugu+, nzobubaka rero, sinzobasambura; nzobateragira, sinzobarandura+; kuko nzokwicuza koko ku bijanye n’ivyago nabateje+.
11 Ntimutinye kubera umwami wa Babiloni, uwo mutinya+.’
“‘Ntimutinye kubera we+,’ ni ko Yehova avuze, ‘kuko ndi kumwe namwe, kugira ndabakize no kugira ndabarokore mu kuboko kwiwe+.
12 Nzobagirira imbabazi, kandi na we ntazobura kubagirira imbabazi, abagarukane ku butaka bwanyu+.
13 “‘Mugabo nimwavuga muti: “Oya; ntituzoba muri ico gihugu!” kugira ngo mugambarare ijwi rya Yehova Imana yanyu+,
14 mu kuvuga muti: “Oya, ahubwo mu gihugu ca Misiri ni ho tuzokwinjira+, aho tutazobona intambara, canke ngo twumve ijwi ry’inzamba, canke ngo tugire inzara y’umukate; aho ni ho tuzoba+”;
15 egome, nimwumve rero ijambo rya Yehova, yemwe masigarira ya Yuda. Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: “Nimba vy’ukuri mwiyemeje kwinjira mu Misiri, mukinjira koko kugira mubeyo muri ba kavamahanga+,
16 inkota mutinya izobahamvya ng’aho mu gihugu ca Misiri+, kandi ikigoyi mutinya kizoboma inyuma gushikayo, gushika mu Misiri+; kandi aho ni ho muzopfira+.
17 Kandi abantu bose biyemeje kwinjira mu Misiri ngo babeyo ari ba kavamahanga ni bo bazokwicwa n’inkota n’ikigoyi be n’ikiza+; ntibazoronka uwurokoka canke uwucika kw’icumu, kubera ivyago ngira nzane kuri bose+.”’
18 “Kuko ibi ari vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Nk’uko ishavu ryanje n’ubushangashirwe bwanje vyasutswe ku baba i Yeruzalemu+, ni ko ubushangashirwe bwanje buzosukwa kuri mwebwe kubera muzoba mwinjiye mu Misiri, kandi muzoba koko abo kuvumwa, n’akajoreza n’umuvumo n’iceyi+, kandi ntimuzosubira kubona aha hantu+.’
19 “Yehova aravuze abagabisha, yemwe masigarira ya Yuda. Ntimwinjire mu Misiri+. Mumenye neza ko nshinze intahe ibagiriza uyu musi+,
20 yuko mwicumuyeko+; kuko mwebwe ubwanyu mwantumye kuri Yehova Imana yanyu muti: ‘Dusabire kuri Yehova Imana yacu; uko Yehova Imana yacu akubwira abe ari ko utubwira, natwe tuzobikora ata gukeka+.’
21 Ndabibamenyesheje uno musi, mugabo ntimuzogenda mugamburutse ijwi rya Yehova Imana yanyu canke ikintu cose yabantumyeko+.
22 Ubu rero mumenye neza yuko muzokwicirwa n’inkota+ n’ikigoyi n’ikiza aho hantu muhimbarwa koko kwinjira ngo mubeyo muri ba kavamahanga+.”