Yeremiya 41:1-18
41 Nuko mu kwezi kugira indwi, Ishimayeli+ mwene Netaniya, Netaniya mwene Elishama+ wo mu nda y’ingoma+ akaba n’uwo mu bantu bakurubakuru b’umwami, azanana n’abandi bagabo cumi+ kuri Gedaliya mwene Ahikamu i Mizipa+. Batangura gusangirira umukate ng’aho i Mizipa+.
2 Ishimayeli mwene Netaniya na nya bagabo cumi bari kumwe na we barahaguruka rero, bicisha inkota Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu mwene Shafani+. Gutyo yica uwo umwami wa Babiloni yari yajeje kuganza igihugu+.
3 Ishimayeli yica n’Abayuda bose bari kumwe na we, ni ukuvuga abari kumwe na Gedaliya, i Mizipa, n’Abakaludaya bari ng’aho, ni ukuvuga abarwanyi.
4 Ku musi ugira kabiri Gedaliya yishwe, ata n’umwe arabimenya+,
5 haza abagabo bavuye i Shekemu+ n’i Shilo+ n’i Samariya+, abagabo mirongo umunani bamoye ubwanwa+, batantamuye impuzu zabo kandi bikebaguye+, bakaba bari bafise mu kuboko ishikanwa ry’intete n’imibavu ya olibani+ kugira babizane ku nzu ya Yehova.
6 Nuko Ishimayeli mwene Netaniya arasohoka avuye i Mizipa aja guhura na bo, agenda ararira+. Akimara guhura na bo, atangura kubabwira ati: “Nimuze kuri Gedaliya mwene Ahikamu.”
7 Mugabo bakimara gushika hagati mu gisagara, Ishimayeli mwene Netaniya atangura kubica no kubata mw’itangi, we hamwe n’abagabo bari kumwe na we+.
8 Mugabo haboneka abagabo cumi muri bo babwira buno nyene Ishimayeli bati: “Ntutwice, kuko dufise amatunga anyegejwe mu misozi, ingano na sayiri* n’amavuta n’ubuki+.” Nuko arabareka, ntiyabicira muri bene wabo.
9 Kandi itangi Ishimayeli+ yatayemwo imivyimba yose y’abagabo yishe ryari itangi rinini, iryo Umwami Asa yari yarakoze kubera Bayasha umwami wa Isirayeli+. Ni ryo Ishimayeli mwene Netaniya yujujemwo abari bagandaguwe.
10 Maze Ishimayeli agira imbohe amasigarira yose y’abantu bari i Mizipa+, abakobwa b’umwami+ n’abantu bose bari basigaye i Mizipa+, abo Nebuzaradani umukuru w’abacungera ubuzima yari yacungishije Gedaliya mwene Ahikamu+. Nuko Ishimayeli mwene Netaniya abagira imbohe, maze aragenda kugira ajabuke aje kuri bene Amoni+.
11 Mu nyuma, Yohanani+ mwene Kareya n’abakuru bose b’inteko za gisirikare+ bari kumwe na we bumva ikibi cose Ishimayeli mwene Netaniya yari yakoze.
12 Baca batora abagabo bose, baja kurwanya Ishimayeli mwene Netaniya, bamusanga ku mazi menshi yari i Gibeyoni+.
13 Abantu bose bari kumwe na Ishimayeli ngo babone Yohanani mwene Kareya n’abakuru bose b’inteko za gisirikare bari kumwe na we, batangura kunezerwa.
14 Nuko abantu bose Ishimayeli yari yatwaye ari imbohe abakuye i Mizipa+ barahindukira basubira inyuma, baja kuri Yohanani mwene Kareya.
15 Nayo Ishimayeli mwene Netaniya, ahungana+ n’abagabo umunani avuye imbere ya Yohanani, kugira aje kuri bene Amoni.
16 Yohanani+ mwene Kareya, n’abakuru bose b’inteko za gisirikare bari kumwe na we, bafata rero amasigarira yose y’abantu bagarukanye bayakuye kuri Ishimayeli mwene Netaniya, bayakuye i Mizipa, aho amariye kwica Gedaliya+ mwene Ahikamu, abantu b’abagabo, abarwanyi, n’abagore n’abana batoyi n’abakozi bo ku kirimba, abo yagarukanye abakuye i Gibeyoni.
17 Nuko baja kuba ahantu h’uburaro ha Kimuhamu hari iruhande ya Betelehemu+, kugira babandanye inzira, binjire mu Misiri+,
18 kubera Abakaludaya+; kuko babatinya+, kubera ko Ishimayeli mwene Netaniya yari yishe Gedaliya mwene Ahikamu+, uwo umwami wa Babiloni yari yashinze kuganza igihugu+.
Amakuru yiyongereye
^ “Sayiri” ni igiterwa kimeze nk’ingano.