Yeremiya 40:1-16

40  Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye kuri Yehova, aho Nebuzaradani+ umukuru w’abacungera ubuzima amariye kumurungika amukuye i Rama+, igihe yamutora aboheshejwe amapingu hagati mu bagizwe inyagano bose ba Yeruzalemu n’aba Yuda, abari bajanywe mu bunyagano i Babiloni+.  Nuko uwo mukuru w’abacungera ubuzima afata Yeremiya maze amubwira ati: “Yehova Imana yawe ubwiwe yaravuze ibi vyago ku bijanye n’aha hantu+,  kugira ngo Yehova abishitse, akore nk’uko yavuze, kuko mwacumuye kuri Yehova, ntimugamburuke ijwi ryiwe. Ico kintu rero carabashikiye+.  Ubu rero, ehe uyu musi ndakubohoye amapingu yari ku maboko yawe. Nimba ubona ko ari vyiza mu maso yawe kujana nanje i Babiloni, nuze, nanje nzokugumizako ijisho+. Mugabo nimba ubona ko ari bibi mu maso yawe kujana nanje i Babiloni, nureke. Raba, igihugu cose kiri imbere yawe. Ahantu hose ubona ko ari vyiza kandi bibereye mu maso yawe kuja, nujeyo+.”  Akigonanwa gusubira inyuma, Nebuzaradani avuga ati: “Subira kuri Gedaliya+ mwene Ahikamu+, Ahikamu mwene Shafani+, uwo umwami wa Babiloni yajeje kuganza ibisagara vya Yuda, uheze ubane na we hagati mu bantu; canke uje ahantu hose ubona ko bibereye mu maso yawe kuja+.” Nya mukuru w’abacungera ubuzima araheza amuha ingaburo y’ibifungurwa be n’impano, hanyuma aramureka aragenda+.  Nuko Yeremiya aja kuri Gedaliya+ mwene Ahikamu i Mizipa+, abana na we hagati mu bantu bari basigaye mu gihugu.  Mu nyuma abakuru bose b’inteko za gisirikare bari mu misozi+, bo hamwe n’abantu babo, bumva ko umwami wa Babiloni yajeje Gedaliya mwene Ahikamu kuganza igihugu be n’uko yamujeje abagabo n’abagore n’abana batoyi na bamwe mu banyagihugu batobato batari barajanywe mu bunyagano i Babiloni+.  Baza rero kuri Gedaliya i Mizipa, ari bo Ishimayeli+ mwene Netaniya, na Yohanani+ na Yonatani bene Kareya, na Seraya mwene Tanihumeti, na bene Efayi Umunyanetofa+, na Yezaniya+ umuhungu w’Umumayakati+, bo hamwe n’ingabo zabo+.  Nuko Gedaliya+ mwene Ahikamu+, Ahikamu mwene Shafani+ arabarahira+, arahira n’ingabo zabo, ati: “Ntimutinye gukorera Abakaludaya. Nimubandanye kuba mu gihugu, mukorere umwami wa Babiloni, bizoheza bibagendere neza+. 10  Nayo jewe, ehe mba i Mizipa+, kugira mpagarare imbere y’Abakaludaya bazoza kuri twebwe. Mugabo mwebwe, nimwimbure umuvinyu+ n’ivyamwa vyo mu ci n’amavuta, mubishire mu vyombo vyanyu maze mwibere mu bisagara vyanyu mwafashe.” 11  Abayuda bose bari i Mowabu no muri bene Amoni n’i Edomu n’abari mu bindi bihugu vyose+, na bo nyene bumva ko umwami wa Babiloni yari yahaye amasigarira Yuda be n’uko yari yajeje Gedaliya+ mwene Ahikamu, Ahikamu mwene Shafani, kubaganza. 12  Nuko Abayuda bose batangura kugaruka bavuye iyo bari barashwiragiriye hose, baguma baza kuri Gedaliya i Mizipa+ mu gihugu ca Yuda. Batangura kwimbura umuvinyu n’ivyamwa vyo mu ci, vyinshi cane. 13  Nayo Yohanani+ mwene Kareya+ n’abakuru bose b’inteko za gisirikare bari mu misozi+, baza kuri Gedaliya i Mizipa. 14  Maze bamubwira bati: “Mbega ntuzi ko Bayalisi umwami wa bene Amoni+, yatumye Ishimayeli+ mwene Netaniya+ kukwica?” Mugabo Gedaliya mwene Ahikamu ntiyemera ivyo bavuze+. 15  Nuko Yohanani+ mwene Kareya abwirira Gedaliya mu bwihisho i Mizipa ati: “Ubu ngira nje kwica Ishimayeli mwene Netaniya, kuko ata muntu n’umwe azobimenya+. Kubera iki yokwica, kandi kubera iki abo muri Yuda bose bariko bakoranirizwa kuri wewe boshwiragira, amasigarira ya Yuda na yo akayogera+?” 16  Mugabo Gedaliya+ mwene Ahikamu+ abwira Yohanani mwene Kareya ati: “Ntukore ico kintu, kuko uriko urabeshera Ishimayeli+.”

Utujambo tw'epfo