Yeremiya 4:1-31
4 “Niwaba ushaka kugaruka, ewe Isirayeli,” ni ko Yehova avuze, “urashobora kungarukako+. Niwakuraho ibintu vyawe bisesemye ukabigira kubera jewe+, ntuzogenda rero urahungahunga.
2 Kandi niwarahira+ koko uti: ‘Ndahiye ukubaho kwa Yehova, mu kuri+, mu butungane no mu bugororotsi+!’, amahanga azoheza rero yiheshe koko umuhezagiro muri we, kandi ni we azokwirata+.”
3 Kuko ibi ari vyo Yehova abwiye abagabo ba Yuda be na Yeruzalemu: “Nimwirimire isi ndimwa, ntimugume mubiba mu mahwa+.
4 Nimwigenyereshe ku bwa Yehova, kandi mugenyere imitima yanyu+, yemwe bagabo ba Yuda namwe ababa i Yeruzalemu; kugira ngo ubushangashirwe bwanje ntibupfunduke nk’umuriro, bukaka koko ata wo kubuzimya, kubera ububi bw’ibikorwa vyanyu+.”
5 Nimubimenyeshe muri Yuda, muvyamamaze i Yeruzalemu+, mubivuge, kandi muvuze inzamba mu gihugu hose+. Semerere n’ijwi rirenga muti: “Nimukoranire hamwe, twinjire mu bisagara bikingijwe ibihome+.
6 Nimuduze ikimenyetso mucerekeza i Siyoni. Nimurondere ubwugamo. Ntimuhagarare.” Kuko ngira nzane ivyago bivuye mu buraruko+, egome, isenyuka rikomeye.
7 Aduze nk’intambwe isohotse iva mu gisaka cayo c’inzitane+, kandi uwuhonya amahanga aragiye+; arasohotse avuye ahantu hiwe kugira ngo igihugu cawe agihindure akajoreza. Ibisagara vyawe bizohomvagurika ku buryo ata wuzoba akibibamwo+.
8 Ku bw’ivyo, nimukenyere amagunira*+. Nimwikubite ku gikiriza, muboroge+, kuko ishavu rirurumba rya Yehova ritasubiye inyuma ngo rituveko+.
9 “Kandi kuri uwo musi,” ni ko Yehova avuze, “umutima w’umwami uzoranduka+, be n’umutima w’abaganwa; emwe, abaherezi bazojorerwa, abahanuzi na bo bumirwe+.”
10 Maze mvuga nti: “Yoo, ewe Mukama Segaba Yehova! Vy’ukuri warahenze rwose aba bantu+ na Yeruzalemu, uti: ‘Muzogira amahoro+,’ none inkota igeramiye ubuzima.”
11 Ico gihe bazobwira aba bantu na Yeruzalemu bati: “Hari umuyaga ukaze wo mu minyuro inoze uca mu gahinga+ uriko ugenda ugana umukobwa w’igisata canje+; si uwo kugosora, canke uwo gutyorora intete.
12 Uwo muyaga wose uza kuri jewe uvuye muri iyo minyuro. Ubu rero nanje ngira nshikirize imanza baciriwe+.
13 Ehe azoduga nk’ibicu vy’imvura, kandi imikogote yiwe imeze nk’umuyaga w’ikirura+. Amafarasi yiwe aranyaruka kurusha inkona+. Turagowe, kuko dusahuwe!
14 Niwoze umutima wawe ububi, ewe Yeruzalemu, kugira ukizwe+. Mbega ivyiyumviro vyawe vy’ubuzimire bizoba muri wewe kugeza ryari+?
15 Kuko ijwi ryumvikana rivuye i Dani+, rikamamaza ikintu kibi rivuye mu karere k’imisozi ka Efurayimu+.
16 Nimubivuge, emwe, nimubibwire amahanga. Nimuvyamamaze mugabisha Yeruzalemu.”
“Inderetsi zirashitse zivuye mu gihugu ca kure+, kandi zizokwumvikanisha ijwi ryazo zigabisha ibisagara vya Yuda.
17 Bamutangatanze impande zose nk’abarinzi b’umurima+, kuko yangararije+,” ni ko Yehova avuze.
18 “Inzira yawe n’ibikorwa vyawe, uzovyishura+. Ni co cago kizoza kuri wewe, kuko kirura; kuko vyashikiriye umutima wawe.”
19 Ewe mara yanje, mara yanje! Ububabare bukaze busatiriye umutima wanje+. Umutima wanje uriko urasebagirika muri jewe+. Sinshobora kuguma ncereje, kuko numvise ijwi ry’inzamba, ikimenyetso c’ukugabisha c’intambara+.
20 Isenyuka ku rindi, ivyo ni vyo basemereye, kuko igihugu cose kinyazwe+. Amahema yanje anyazwe bukwi na bukwi+, ibitambara vy’ihema vyanje binyazwe mu kanya gatoyi.
21 Nzogeza ryari kuguma mbona ikimenyetso, kuguma numva ijwi ry’inzamba+?
22 Kuko abantu banje ari ibipfu+. Ntibanyitayeho+. Ni abana batagira ubukerebutsi; kandi si abantu bafise ugutegera+. Ni inkerebutsi mu vy’ugukora ikibi, mugabo mu vy’ugukora iciza nta bumenyi vy’ukuri bafise+.
23 Nararavye igihugu, nsanga kiragaragara kandi ari igiharabuga+; ndaba no mu majuru, nsanga umuco wayo ata wukiriho+.
24 Nararavye imisozi, nsanga iriko iratigita, imirambi na yo iriko iranyiganyizwa yose+.
25 Nararavye, nsanga nta muntu yakuwe mw’ivu ariho, kandi ibiremwa biguruka vyo mu kirere vyari vyahunze vyose+.
26 Nararavye, nsanga umurima w’ivyamwa ni agahinga, kandi ibisagara vyaho vyari vyasambuwe vyose+. Kwari ukubera Yehova, kubera ishavu rirurumba ryiwe.
27 Kuko ibi ari vyo Yehova avuze, ati: “Igihugu cose kizocika igiharabuga+, none sinzogitikiza+?
28 Ku bw’ivyo, igihugu kizogandara+, kandi amajuru iyo hejuru azocura umwiza koko+. Ni kubera yuko nabivuze, nkabizirikana, kandi sinicujije, eka mbere sinzokwisubirako+.
29 Igisagara cose kirahunze kubera ijwi ry’abagendera ku mafarasi n’iry’abarasisha umuheto+. Binjiye mu bisaka vy’inzitane, baduga mu bitandara+. Ibisagara vyose birahebwe, nta muntu n’umwe abibamwo.”
30 None ubu ko unyazwe, uzogira ute, ko wahora wambara impuzu z’agahama, ko wahora wishariza n’udusharizo tw’inzahabu, ko wahora wagura amaso yawe n’irangi ryirabura+? Wahora wigirira mwiza ubusa+. Abahora bakwipfuza rwose bagutaye; baguma barondera ubuzima bwawe+.
31 Kuko numvise ijwi nk’iry’umugore arwaye, amarushwa nk’ay’umugore ariko yibaruka umwana wiwe wa mbere+, ijwi ry’umukobwa wa Siyoni aguma ahezagirika. Aguma agaranzura ibiganza+ ati: “Noneho ndagowe, kuko umutima wanje uruhijwe n’abicanyi+!”
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.